Umwiraburekazi agiye guserukira Ubwongereza muri Mozambique

NneNne Iwuji-Eme abaye umugore wa mbere w'umu "ambassadrice"

Ahavuye isanamu, TWITTER

Insiguro y'isanamu, NneNne Iwuji-Eme abaye umugore wa mbere w'umu "ambassadrice"

Ubwongereza bwagenye ubwa mbere mu mateka umugore w'umwiraburekazi, NneNne Iwuji-Eme, abuserukira mu gihugu ca Mozambique.

Madamu NneNe azotangura akazi mu kwezi kw'indwi.

Yakoze imyaka 16 mu bushikiranganji bw'imigenderanire y'Ubwongereza.

Yizeye ko igenwa ryiwe rizoba akarorero ku bandi kandi rikomeze imigenderanire hagati y'Ubwongereza na Mozambique.

"Nizeye ko igenwa ryanje nk'umwirabure wa mbere akoze mu buserukizi bizobera akarorero abakiri bato ata kuraba ubwoko bwabo canke iyo baturuka. Nibazo kw'abakiri bato bazinjira mu bushikiranganji bw'imigenderanire."

Umushikiranganji w'imigenderanire Boris Johnson, yavuze ko uwo mu "diplomate" "abona kure, afise ubuzobere hamwe n'ubwira bukenewe bwo gushobora akazi yahawe".

NneNne Iwuji-Eme yahora akora mu vy'ubutunzi.

Kuva aho ashikiye mu bushikiranganji bw'imigenderanire, yaragenywe mu mabanga akomakomeye.