Burundi: '1/3 c’isoko' yo mu Kinama i Bujumbura cahiye

Bamwe bavuga ko babuze vyose, harimwo n’ibidandazwa bari barafashe amadeni muri banki kugira babironke. Uyu muriro ukurikiye uwaturiye isoko yo Kwa Siyoni muri Bujumbura mu mpera z'ukwezi kwa Nzeru(1).

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana, Didier Bikorimana, Gisèle Berwa na Samba Cyuzuzo

  1. Umusirikare wa Israel yatawe muri yombi azira gufata ifoto idakwiye ku rwibutso rukomeye rwa Libani

    Isanamu

    Ahavuye isanamu, Social Media

    Igisirikare cya Israel cyavuze ko kirimo gukora iperereza ku ifoto yakwirakwijwe ku mbuga nkoranyambaga igaragaza umusirikare unywa itabi ubwo yashyiraga irindi itabi mu kanwa k'isanamu izwi cyane muri Libani. Iyo sanamu imeze nkumunara n'urwibutso rweguriwe Maria nyina w'a Yesu/Yezu.

    Ibi bivugwa ko byabereye mu mudugudu wa Debel mu majyepfo ya Libani, aho mu kwezi gushize undi musirikare wa Israel yafotowe akubita indi sanamu mu maso n'inyundo nini.

    Ingabo za Israel , IDF, zavuze ko ifoto iheruka yafashwe mu byumweru bike bishize, zivuga ko ibyabaye "bihabanye rwose n'indangagaciro zitezwe ku basirikare bazo."

    Mu rubanza rwabanje rwakoreshejwe inyundo nini, umusirikare wakoze icyo gikorwa n'undi musirikare wafashe amashusho y'ibyabaye bakatiwe igifungo cy'iminsi 30 muri gereza ya gisirikare, nyuma yo kwamaganwa n'amahanga kubera icyo gikorwa.

  2. ‘Twategura gute amatora nta Kivu ya Ruguru n’iy’Epfo?’ – Tshisekedi

    Perezida Tshisekedi mu kiganiro n'abanyamakuru cyarimo n'abandi bategetsi muri leta ye ku wa gatatu nijoro

    Ahavuye isanamu, Presidence RDC

    Insiguro y'isanamu, Perezida Tshisekedi mu kiganiro n'abanyamakuru cyarimo n'abandi bategetsi muri leta ye ku wa gatatu nijoro

    Perezida Félix Tshisekedi wa RD Congo yatangaje ko mu gihe intambara mu burasirazuba bw’iki gihugu yakomeza amatora ya perezida ya 2028 adashobora kuba.

    Mu kiganiro n’abanyamakuru mu ijoro ryo ku wa gatatu, Tshisekedi yasobanuye ko bigenze bityo amahanga yakumva uwo mwanzuro, atanga urugero ko na Ukraine itateguye amatora kubera intambara.

    Mu mpera za 2023 Tshisekedi yatsinze amatora ya perezida kuri manda ya n’amajwi hejuru ya 70% nubwo mu burasirazuba bw’igihugu hari imirwano.

    Ubu umutwe wa AFC/M23 ugenzura imijyi ya Bukavu na Goma n’ibice bimwe by’intara za Kivu ya Ruguru na Kivu y’Epfo, ebyiri mu ntara 26 zigize Repubulika ya Demokarasi ya Congo.

    Abatavugarumwe n’ubutegetsi bwa Tshisekedi bavuze ko arimo kugerageza kugundira ubutegetsi yitwaje impamvu zose zishoboka, nyuma y’uko muri iki kiganiro anavuze ati: “Sinasabye manda ya gatatu, ariko abaturage nibayishaka, nzayemera”.

    Delly Sesanga umwe mu bakuriye abatavugarumwe n’ubutegetsi yatangaje ku rubuga X ati: “Iri joro, kwihisha kwavuyeho. Félix Tshisekedi arashaka manda ya gatatu yitwaje rubanda”.

    Gusa Tshisekedi yavuze ko amatora ashobora no kutaba.

    Yagize ati: “Niba tutabashije guhagarika iyi ntambara, birababaje [ariko] ntabwo bizashoboka no gutegura amatora ya 2028.

    “Wategura gute amatora udafite [intara] za Kivu ya Ruguru n’iy’Epfo?”

    Yongeyeho ati: “Ibisabwa birahari, twayakora, ariko ntabwo tuzategura amatora icyuma kituri ku ijosi”.

    Tshisekedi ashinja u Rwanda kohereza ingabo ibihumbi muri Congo gufasha AFC/M23. Ibyo u Rwanda rwakomeje guhakana ruvuga ko rwafashe gusa “ingamba z’ubwirinzi”.

    Leta ya Washington yakomeje gusaba u Rwanda kuvana ingabo zarwo muri DR Congo, na Kinshasa gusenya umutwe wa FDLR urwanya ubutegetsi bw’u Rwanda.

    Abajijwe n’umunyamakuru igihe u Rwanda ruzakurira ingabo ku butaka bwa Congo nk’uko rwabisabwe na Amerika, Tshisekedi yasubije ati: “Imana yonyine ni yo ibizi…”

    Izindi nkuru wasoma:

  3. '1/3 c’isoko' yo mu Kinama i Bujumbura cahiye

    Abapolisi, Croix Rouge,n'abazimya umuriro bafatanyije mu bikorwa vyo kuzimya isoko ya Kinama
    Insiguro y'isanamu, Abapolisi, Croix Rouge,n'abazimya umuriro bafatanyije mu bikorwa vyo kuzimya isoko ya Kinama

    Patrick Wasso - Umumenyashamakuru i Bujumbura

    Umuriro wadutse mu gatondo ko kuri uwu wa kane mw’Isoko ya Kinama, uraturira ibibanza vyinshi vy’ubudandaji n’ibidandazwa muri rimwe mu masoko akomeye cane yo mu gisagara ca Bujumbura.

    Nk’uko vyashikirijwe n'abadandaji baho, isaha imwe (7:00 AM) z'igitondo uwo muriro watanguriye mu gice badandarizamwo amavuta n’ibindi vyo kwisiga, uca ukwiragira mu bibanza vy’impuzu n’ivyombo.

    Abadandaza bavuga ko habaye akajagari gakomeye, abantu biruka barondera kurokora ubuzima bwabo hamwe n’ibidandazwa vyabo.

    Bamwe bavuga ko babuze vyose, harimwo n’ibidandazwa bari barafashe amadeni muri banki kugira babironke.

    Abajejwe umutekano, Ikigo kijejwe gukinga impanuka, ishirahamwe Croix Rouge hamwe n’abanyagihugu bashoboye kuzimya uwo muriro utarakwira isoko ryose. Bawuzimije neza ahagana isaha zitanu.

    Uwurongoye ikigo c’igipolisi kijejwe gukinga impanuka yavuganye na BBC yatubwiye ko amatohoza yatanguye kugira hamenyekane icatumye uwo muriro waduka be n’ivyononekaye.

    Uyu muriro mw'isoko ya Kinama ukurikiye uwaturiye isoko yo Kwa Siyoni muri Bujumbura mu mpera z'ukwezi kwa Nzeru(1).

    Umugore w'umudandaji mu isoko ya Kinama agerageza kuzimya aho akorera
    Insiguro y'isanamu, Umugore w'umudandaji mu isoko ya Kinama agerageza kuzimya aho akorera
    Abadandaji muri iri soko basigaye mu kababaro n'uruhombo runini
    Insiguro y'isanamu, Abadandaji muri iri soko basigaye mu kababaro n'uruhombo runini
    Ivyaturiwe n'umuriro biharurwa mu mariyoni amajana n'amajana z'amarundi
    Insiguro y'isanamu, Ivyaturiwe n'umuriro biharurwa mu mariyoni amajana n'amajana z'amarundi

    Izindi nkuru wosoma:

  4. Perezida wa Iran yatangaje ko yahuye na Mojtaba Khamanei

    Masoud Pezzekian na Mojtaba Khamenei

    Ahavuye isanamu, IRNA

    Uyu munsi kuwa kane, Perezida Masoud Pezzekian wa Iran yatangaje ko yabonanye n’Umutegetsi w’Ikirenga wa Iran Mojtaba Khamenei.

    Masoud ntabwo yavuze igihe n’aho guhura kwabo kwabereye, ariko yavuze ko yahuye na Khamenei bakamarana “amasaha abiri n’igice”

    Masoud yagize ati: “Ikiruta ibindi nakuye muri uko guhura ni ukwicisha bugufi n’imyifatire myiza y’Umutegetsi w’Ikirenga w’Impinduramatwara ya Kisilamu”.

    Perezida Masoud ni we wa mbere utangaje ko yabonanye na Mojtaba Khamenei kuva yajya ku butegetsi mu kwezi kwa gatatu asimbuye se wishwe ku munsi wa mbere w’intambara ya Amerika na Israel kuri Iran.

    Ibyo bitero byahitanye kandi umugore wa Mojtaba Khamenei witwaga Zahra Haddad-Adel nk’uko ibinyamakuru muri Iran byabitangaje.

    Kuva yajya ku butegetsi Khamenei ntabwo araboneka na rimwe mu ruhame, yaba mu mafoto, amashusho cyangwa se amajwi. Ibinyamakuru byagiye bisoma ubutumwa bwe bwanditse.

    Amakuru amwe yavuze ko yaba yarakomerekeye mu bitero bya Amerika na Israel, amakuru abategetsi batandukanye ba Iran bakomeje guhakana.

    Izindi nkuru wasoma:

  5. Inyishu itegerejwe cane ya Tehran ku vyifuzo vya Amerika iza gutangazwa vuba

    ifoto yerekana ivyapa vyanditseko ibiyago vyo muri Pakistan

    Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

    Amakuru ava muri Pakistan, iriko ikora nk'umuhuza hagati ya Amerika na Iran, avuga ko inyishu ya Tehran iri hafi gutangazwa.

    Nk’uko ayo makuru abivuga, ukwumvikana hagati ya Iran na Leta Zunze Ubumwe za Amerika gushobora gushikwako vuba.

    Ivyo vyegeranyo vyerekana ko Iran yemeye kuri bimwe muri ivyo vyifuzo, ariko ko itarabitangako uruhusha rwa nyuma.

    Icizere co kwakira inyishu ya Iran ku vyifuzo bishasha vya Amerika bigamije guhagarika intambara ciyongereye uno munsi, naho hari ibimenyetso bitandukanye vyagiye birungikwa bivuye muri izo ntwaro zibiri.

    Ikimenyeshamakuru Dawn co muri Pakistan kivuga ko umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire n’amakungu Tahir Andarabi yatangaje ko amasezerano hagati ya Amerika na Iran atangazwa vuba

    Mbere y’aho, Donald Trump yari yavuze ko ubutegetsi bwiwe bwagiranye “ibiganiro vyiza cane” na Iran.

    Ariko Perezida wa Iran Masoud Pezeshkian yavuze ko ibikorwa vya Amerika vyakuye inzira ya diplomasi mu “gukoresha iterabwoba n’ibihano.”

    Perezida wa Iran avuga ko igihugu ciwe gisaba ivyemezo bituma “ibikorwa vy’umwansi” bitazosubira kuba.

    Kugeza ubu, Iran iracariko irihweza neza ico ciyumviro c’Abanyamerika.

    Izindi nkuru wosoma:

  6. Iran yahakanye kugira uruhara na rumwe mu guturika no mu muriro wabaye ku bwato bwa Koreya y'Epfo

    Ifoto y'ubwato bw'imizigo mu Kigobe, hafi y'umuhora wa Hormuz, nk'uko buboneka mu buraruko bwa Ras al-Khaimah, hafi y'urubibe n'ubutegetsi bwa Musandam muri Oman, mu ntambara hagati ya Amerika na Israel na Irani, muri Leta Zunze Ubumwe z'Abarabu, itariki 11 z'ukwezi kwa gatatu 2026.

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Ubwato bw'imizigo mu Kigobe, hafi y'umuhora wa Hormuz, itariki 11 z'ukwezi kwa gatatu uyu mwaka (ifoto mbarankuru)

    Iran yahakanye yivuye inyuma ko igisirikare cayo coba caragize uruhara mu guturika no mu muriro vyabereye ku bwato bwa Koreya y’Epfo mu mazi yo mu Kigobe ca Perse.

    Ubuserukizi bwa Iran i Seoul muri Koreya y’Epfo bwasohoye itangazo buvuga buti: "Iran irahakana yivuye inyuma kandi mu buryo bwuzuye ivyagirizwa vyose bivuga ko igirikare ca Repubulika ya Kisilamu ya Iran coba caragize uruhara mu gutuma ubwato bwa Koreya bwononekara igihe bwaca mu muhora wa Hormuz."

    Haheze iminsi itatu ubwato bwo gutwara imizigo bwa Koreya y'Epfo buturikiye mu muhora wa Hormuz maze buca buraka umuriro. Nta bantu batangajwe ko bapfuye.

    Nk’uko itororokanirizo ry’amakuru Reuters ribitangaza, Wei Songlak, umuhanuzi wa Perezida wa Koreya y'Epfo mu vy’umutekano w'igihugu, yavuze mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ku wa gatatu ko bitaramenyekana neza nimba uguturika kwabaye ku wa mbere ku bwato bw’ico gihugu mu mazi yo mu kigobe ca Perse kwatewe n’igitero canke iyindi mpamvu.

    Izindi nkuru wosoma:

  7. Umwe mu ba komanda bakuru ba Hezbollah 'yishwe' mu gitero cya Israel i Beirut

    Inyubako ndende yangiritse ikijwe n'abantu benshi ari nijoro, i Beirut, mu murwa mukuru wa Libani.

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Inyubako yarashweho iri mu majyepfo y'umurwa mukuru wa Libani – Israel ivuga ko yari igambiriye komanda wo ku rwego rwo hejuru wa Hezbollah

    Isoko y’amakuru yo hafi ya Hezbollah yabwiye ibiro ntaramakuru AFP ko umwe muri ba komanda bakuru b’uyu mutwe yishwe n’igitero cya Israel mu nkengero z’umurwa mukuru Beirut wa Liban ku wa gatatu.

    Byari mu gitero cya mbere cya Israel kuri Beitur kuva tariki 16 Mata(4) ubwo hatangazwaga agahenge.

    Iyo soko y’amakuru ivuga ko uwishwe ari Malik Balout avuga ko yari komanda ushinzwe ‘operations’ w’umutwe (unit) udasanzwe wa Hezbollah witwa Ridwan.

    Amakuru ataremezwa n’impande zombi avuga ko icyo gitero cyakozwe ku nyubako yo guturamo (apartment) aho abakuriye uriya mutwe barimo bakorera inama.

    Minisitiri w’intebe wa Israel Benjamin Netanyahu yatangaje ko icyo gitero cyari kigambiriye komanda w’umutwe wa Ridwan wa Hezbollah.

    Ibinyamakuru muri Israel byemeje ko Balout yapfanye n’abandi bakuru b’umutwe yari akuriye.

    Ridwan ni umutwe udasanzwe w’abarwanyi ba Hezbollah washinzwe ugahabwa inshingano zo kwinjira rwihishwa no gukora ibitero mu majyaruguru ya Israel.

    Izindi nkuru wasoma:

  8. Rwanda: Aimable Karasira wari urangije igihano cy'igifungo yapfuye

    Aimable Karasira wahoze ari umwalimu muri kaminuza, akaba n'umuhanzi mu njyana ya 'rap' aha yari mu iburanisha mu rukiko i Nyanza mu mwaka ushize

    Ahavuye isanamu, Yves Bucyana/BBC

    Insiguro y'isanamu, Aimable Karasira wahoze ari umwalimu muri kaminuza, akaba n'umuhanzi mu njyana ya 'rap' aha yari mu iburanisha mu rukiko i Nyanza mu mwaka ushize

    Urwego rushinzwe amagereza mu Rwanda rwatangaje ko Aimable Karasira yapfiriye mu bitaro bya Nyarugenge i Kigali.

    Karasira yagombaga gufungurwa agasohoka muri gereza ya Kigali ku wa gatatu arangije igihano cy’imyaka itanu y’igifungo yakatiwe umwaka ushize.

    Amakuru avuga ko yajyanywe kwa muganga huti huti ku wa gatatu nimugoroba ku munsi yagombaga kuvira muri gereza.

    Mu itangazo, urwego rw’u Rwanda rushinzwe amagereza (RCS) ruvuga ko Karasira “yafashwe anywa ingano irengeje igipimo cy’imiti ye y’uburwayi asanganywe”.

    RCS ivuga ko itegereje “raporo y’abaganga ku cyateye uru rupfu”.

    BBC yagerageje kuvugana - ntibyakunze kugeza ubu - n’umwunganizi mu mategeko wa Aimable Karasira wari ufunze kuva muri Gicurasi(5) 2021.

    Urubanza rw’uyu mugabo w’imyaka 48 wahoze ari umwalimu wa kaminuza y’u Rwanda ruri mu manza zakurikiranwe cyane mu Rwanda.

    Muri Nzeri(9) umwaka ushize nibwo yakatiwe gufungwa imyaka itanu ahamijwe icyaha cyo gukurura amacakubiri.

    Urukiko kandi rwamugize umwere ku byaha bitatu mu byo yaregwaga n'ubushinjacyaha, ibyo ni;

    • Icyaha cyo guhakana jenoside,
    • Icyaha cyo guha ishingiro jenoside
    • N'icyaha cyo guteza imvururu cyangwa imidugararo muri rubanda

    Mbere yo gufungwa, Karasira yamenyekanye cyane mu biganiro ku rubuga rwa YouTube avuga amagambo anenga ubutegetsi buriho n'ishyaka FPR-Inkotanyi riri ku butegetsi.

    Izindi nkuru wasoma:

  9. Neymar yasabye imbabazi nyuma yo gukubita urushyi Robinho Jr bakinana

    Robinho avuga ko yakuze areba Neymar Jr nk'urugero rwe, ubu barakinana

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Robinho avuga ko yakuze areba Neymar Jr nk'urugero rwe, ubu barakinana

    Neymar yemeye ko “yarengereye” mu gihe yasabaga imbabazi mugenzi we bakinana muri Santos FC, Robinho Jr, nyuma yo kugaragara amukubita urushyi mu myitozo.

    Iyi kipe yo muri Brazil yatangiye iperereza nyuma y’uko uyu rutahizamu w’imyaka 18 bivugwa ko yashinje Neymar “kumukubita urushyi mu maso” ku Cyumweru, nyuma yo kumucenga mu myitozo.

    Ku wa Kabiri, aba bakinnyi bombi bavuze ko ikibazo “cyakemutse neza” nyuma y’ibyabereye mu Kigo cy’Imyitozo cya Rei Pele Training Centre.

    Robinho Jr ni umuhungu wa mugenzi we bahoze bakinana mu ikipe y’igihugu ya Brazil, Robinho, wahoze akinira Manchester City na Real Madrid.

    Neymar w'imyaka 34 yagize ati: “Niba ushaka ko nsaba imbabazi imbere y’itangazamakuru, ngibi ndabikoze.

    Neymar yongeyeho ati: “Nababajwe cyane n'uburyo nitwaye. Byari gushoboka ko biba ukundi ariko nananiwe kwifata.

    "Buri wese akora amakosa. Ryari ikosa ryanjye, n’ikosa rye, ariko iryanjye ryari rininiho gato.

    "Ni umwana nkunda cyane kandi mwitaho bidasanzwe. Ibi bibaho mu mupira w’amaguru mutongana n’inshuti yawe cyangwa umuvandimwe wawe.

    "Uwo ni wo mupira, biri mu bigize umukino.”

    Robinho Jr yavuze ko Neymar “yahise amenya ko yakabije” kandi ko yamusabye imbabazi “inshuro nyinshi” nyuma yibyo.

    Yagize ati: “Byarambabaje kuko Neymar yabaye ikigirwamana cyanjye kuva nkiri umwana.

    "Abantu badukikije bavuga ibintu byinshi bitari byo kandi birababaje kubona ikibazo gikura kigera kuri uru rwego. Ariko meze neza, ndamukunda cyane. Twamaze kuganira kandi byose byarakemutse.”

    Izindi nkuru wasoma:

  10. UK: Uwahoze ari umukuru w'igisirikare kirwanira mu mazi ati : “Epic Fury yari mu vy’ukuri igikorwa kibi cane”

    ifoto ya Admiral Lord West yahoze arongoye igisirikare kirwanira mu mazi c'Ubwongereza yambaye ikoti yirabura ari imbere y'ubwato
    Insiguro y'isanamu, Admiral Lord West yahoze arongoye igisirikare kirwanira mu mazi c'Ubwongereza

    Alan West, yahoze arongoye igisirikare kirwanira mu mazi c'Ubwongereza, avuga ko atiteze ko Iran "iheba kugenzura umuhora wa Hormuz kiretse ibindi bibazo vyinshi bitorewe umuti."

    Mu kiganiro yagiranye na BBC, yongeyeko ko uko ibintu vyifashe muri iki gihe “vyari vyitezwe cane.”

    Agaruka kw’izina ry’igikorwa ryashizweho na leta ya Donald Trump ku bijanye n’uguherekeza ubwato, West yavuze ati: “Iyo uravye imigambi Amerika yari ifise, ‘Epic Fury’(bisigura ugukara/gushavura bikomeye) yari mu vy’ukuri igikorwa kibi gikomeye.”

    Yabandanije ati: “Vyari vyumvikana neza ko bakimara kuja mu ntambara na Iran, Iran izokwugara umuhora wa Hormuz canke bagerageze kuwuhagarika. Abanyamerika basa n’abatangajwe n’ivyo, nanje nkaca ntangazwa nukubona vyarabatangaje.”

    West avuga ko gusubira kwugurura iyo nzira y'amazi bivana n'ingingo ya Tehran hamwe n'uko inyuzwe n'ibisabwa muri ivyo biganiro.

    Yongeyeko ati: "Mu gihe abanya Iran batotera ubwato, umuhora wa Hormuz ushobora kwugururwa."

    Izindi nkuru wosoma:

  11. Iran iriko irihweza umugambi wa Amerika wo guhagarika intambara, nk'uko umutegetsi yabivuze

    Umuvugizi wa minisiteri y'ububanyi n'amahanga ya Iran, Esmail Baghaei, yambaye ikositimu arimo kuvuga areba muri 'camera'. Yambaye ikositimu yijimye.

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Umuvugizi w'ubushikiranganji bw’imigenderanire ya Iran, Esmail Baghaei

    Iran yavuze ko umugambi wa Amerika wo guhagarika iyo ntambara “ukiri kwihwezwa”, inyuma y’amakuru avuga ko impande zompi zoba zegereje gushika ku masezerano.

    Ikinyamakuru co muri Amerika Axios canditse ku wa gatatu ko White House (ibiro vya Perezida wa Amerika) yemera ko ishobora kuba iri hafi gushika ku masezerano y’ugutahura ibintu agizwe n’ingingo 14 hagati yayo na Iran.

    Umwe mu bagize inama nshingamateka ya Iran yavuze ko uwo mugambi ari “urutonde rw’ivyifuzo gusa”, mu gihe umuvugizi w'ubushikiranganji bw’imigenderanire ya Iran yavuze ko Tehran izoshikiriza ivyiyumviro vyayo ku mugambi wa Amerika biciye ku bahuza bo muri Pakistan.

    Umushikiranganji w’imigenderanire ya Pakistan yavuze ko igihugu ciwe “kiriko kiragerageza guhindura aka gahengwe k’intambara kakaba iherezo ry’iyi ntambara burundu”. Perezida wa Amerika Donald Trump nawe yavuze ko Amerika yagiranye “ibiganiro vyiza cane na Iran mu masaha 24 aheze” kandi ko amasezerano ashoboka.

    Muri iyo nkuru yayo, Axios yavuze ko ayo masezerano y’ugutahura ibintu ari urupapuro rumwe ruriko ingingo 14, rushobora gushiraho urwego rw’ibiganiro birambuye ku bijanye na gahunda ya nikleyeri ya Iran.

    Mu ngingo zavuzwe harimwo guhagarika ibikorwa vya Iran vyo gutunganya uranium, gukurwako ibihano, hamwe no gusubizaho uruja n’uruza rw’ubwato mu muhora wa Hormuz.

    Iyo nkuru ivuga ko ayo makuru yatanzwe n’abategetsi babiri bo muri Amerika hamwe n’ayandi masoko abiri, bose batashizwe ahabona, bose bavuga ko bamenyeshejwe ivy’ayo masezerano. Ayo masoko avuga kandi ko ibintu vyinshi biri muri uwo mugambi vyoshirwa mu ngiro gusa mu gihe hoba habonetse amasezerano ya nyuma.

    Itororokanirize ry’amakuru Reuters na ryo ryatangaje ko abantu babiri bazi ivy’ukwo Amerika na Iran birimo guhuzwa mu biganiro, bemeje ayo makuru yabanje gutangazwa na Axios, ariko uwo mugambi nturashirwa ahabona ku mugaragaro.

    Izindi nkuru wasoma:

  12. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.