Lesotho: Aho abantu biyahura cane kurusha ahandi kw'isi

- Umwanditsi, Andre Lombard
- Igikorwa, BBC Focus on Africa, Hlotse & Maseru
- Yakoze inkuru ari, Lesotho
Ni akadugo kanini kuva kw'i barabara rikuru uja kwa Matlohang Moloi muri Lesotho, igihugu kiri mu vya mbere vy'imisozi mirenire kw'isi.
Uwo mukecuru w'imyaka 79 yavyaye abana 10 anyakiriye mu nzu yiwe isukuye, anyereka amafoto y'umuryango wiwe mununi. Naje ngaha kugira tuvugane cane cane ivy'umwe mu bana biwe - umuhungu wiwe w'imfura, Tlohang.
Ku myaka 38 yabaye umwe mu gitigiri kibabaje. Lesotho, ubwami bwo kw'ijuru, nico gihugu gifise urugero rwo kwiyahura rwa mbere runini kw'isi.
''Tlohang yari umuhungu ameze neza. Yari yambariye ingorane zo mu mutwe afise,'' niko nyina avuga.
''N'umunsi yiyahura, yaraje arambwira ngo 'ma, umunsi umwe uzokwumva niyahuye'.
''Urupfu rwiwe rwarambabaje cane. Ese iyo ansigurira neza ingorane zari zimuraje ishinga. Yari afise ubwoba ko hamwe yobwira abantu boca bibaza ko ataco amaze ari umuntu adashobora gutorera inyishu ibibazo vyiwe.''

Ku bw'ishami rya ONU ryitaho amagara kw'isi OMS, abantu 87,5 ku 100.000 bariyahura buri mwaka muri Lesotho.
Urwo rugero ruruta incuro kabiri urw'igihugu kiza ubugira kabiri, Guyane muri Amerika y'Epfo, aho abiyahura ku mwaka barenga gato 40 ku 100.000.
Urwo rugero rusumvye hafi incuro 10 urugero rusangi rwo kw'isi, aho abantu icenda ku 100.000 ari bo biyahura.
Ni igitigiri amashirahamwe ategamiye reta - nka HelpLesotho - yiyemeje kugabanya, mu gufasha abakiri bato kumenya ivyo bokora mu guhangana n'ibibazo vyabo vyo mu mutwe.
Mu gisagara ca Holtse, hafi amasaha abiri y'imodoka uvuye ku murwa mukuru Maseru, nicaye mu mugwi umwe usanzwe ukoresha ibiyago vyo gufasha abagore bakiri bato guhangana n'ibibazo vy'ubuzima, umugwi urongowe n'uwukora mu vy'imibano Lineo Raphoka.
''Abantu bibaza ko biteye kubiri n'ivyo tugenderako muri Afrika, ivyo twaciyemwo mu mico yacu, ko biteye kuburi n'ivyo twemera nk'Abanya-Afrika, nk'ikibano muri rusangi,'' niko Patience w'imyaka 24 abwira uwo mugwi.
''Ariko kandi tuba twirengagije ko biriko biraba. Aha mvuga nk'umuntu yabuze abagenzi batatu biyahuye, nanje ubwanje naragerageje.''

Uwari we wese aramaze guca mu vyiyumviro vyo kwiyahura, canke arazi uwapfuye yiyahuye.
Ntsoaki w'imyaka 35 biranka ko yigumya mu gihe ariko arabwira abandi inkuru y'ingene yasambanijwe ku nguvu mu bitaro.
''Umuganga yambariye ngo ndatera amero cane. Hanyuma aca asokorora inkoho aca ambwira ko ashaka kwiryohera kuri jewe, kandi ko ntemeye aca anyica.
''Buri gihe kwiyahura, ni vyo naguma mbona ko ari yo nyishu yonyene. Ariko sinabishiboye, nta nguvu nari mfise zo kubikora. Ikintu conyene catumye mbasha kuba nkiriho yari amaso ya basazanje. Bibaza ngo mfise inguvu, kumbe nanje singira namba.''
Abo bari kumwe baramuremesha ko afise inguvu mu kuyagira abandi ivyo yaciyemwo.
Hageze guheza ivyo biyago, abagore bariko batera inkuru batwenga, bavuga ko bumva bamerewe neza kuba babwiye abandi inkuru zabo.
Imvo zituma abantu biyahura rimwe na rimwe ziba zigoye cane, kandi biragoye gufata ngo imvo imwe rukana niyo ibitera. Naho biri uko, Raphoka abona ko hari ibiguma bigaruka vyosigura igituma Lesotho ari co gihugu kwiyahura biri hejuru cane.
''Akenshi baca mu bintu nko gusambanywa ku nguvu, ubushomeri, kubura ababo. Barakoresha cane ibiyayuramutwe, bakanywa n'inzoga z'umurengera.''
Ku bw'icegeranyo c'urwego rujejwe igwirirana ry'abantu kw'isi co mu 2022, 86% b'abagore muri Lesotho baramaze guhura n'amabi ashingiye ku gitsina.
Hagati aho banki y'isi nayo ivuga ko babiri ku bantu batanu batagira akazi canke batari kw'i shure.
''Ntibashigikirwa bikwiye n'imiryango yabo, abagenzi canke incuti iyo ari yo yose bafise,'' niko Raphoka abandanya avuga.
Ni ibintu ukunda kwumva muri Lesotho, abantu barakunda kuvuga ko bibatera isoni kuvuga ibijanye n'amagara yabo yo mu mutwe - kandi ko abandi boca babacira imanza.
Aho nicaye mu kabare kamwe i Holtse, aho abagabo bariko baranywa inzoga iganwa ngaha nyene bayaga poritike bongera baraba umupira w'amaguru ku mboneshakure, ndahindukije ikiyago ndakirabisha ku magara yo mu mutwe.
''Turabivuga, tuvuga tuti reka twuguruke,'' niko Khosi Mpiti ambwiye.

Bamwe baratinya ko hamwe bovuga vyinshi ku vyabashikiye bohava baba iciro ry'umugani mu bantu, ariko naho biri uko avuga ko ibintu bitera biba vyiza gusumba.
''Turashigikirana cane hagati y'abagenzi. Iyo mfise ikibazo ndabwira abagenzi, hanyuma tugashigikirana.''
Ariko iyo abantu bariko bararondera ubufasha, bahura n'ingorane y'ingene igisata c'amagara y'abantu cifashe mu gihugu.
Ibitaro bimwe vyo nyene vyitaho amagara yo mu mutwe vyaraneguwe mu mwaka uheze na ombudsman -umutegetsi ajejwe kuraba ukubaho neza kw'abanyagihugu - ko kuva mu 2017 ata muganga yanonosoye ivy'indwara zo mu mutwe bifise.
Uwo mugore yerekanye ko hari uburenganzira bwinshi buhonyangwa, harimwo ''kubaho nabi- no kutubahiriza uburenganzira bwa zina muntu''.
Kandi kare nta poritike y'igihugu yahahora yo kwitaho ico kibazo, n'ubwo reta - yagiyeho inyuma y'amatora yo mu 2022 - ivuga ko iriko irayitegura.
Mokhothu Makhalanyane, umushingamateka arongoye umugwi w'inama nshingamateka ujejwe ibibazo vy'amagara, aremera ko ''indwara zo mu mutwe zashinze imizi''.

Yabwiye BBC ko bariko barakora ibishoboka kugira bashigikire abantu kuva ku mashure y'intango gushika aho abantu bahurira ari benshi, nko mu nkino z'umupira w'amaguru,'' niko yabwiye BBC.
''Iyo poritike kandi izokwitaho umwe umwe bivanye n'uko ikibazo ciwe cifasahe, kugira abarwaye bashobore kugarukirwa.''
Avuga kandi ko Lesotho ishora gukura icigwa mu buryo yarwanije umugera n'indwara vya Sida.
Mu 2016, cabaye igihugu ca mbere catanguje umukenyuro wa ''pima hanyuma uvure'', bisigura ko abantu bashobora gutangura gufata imiti buno nyene bahejeje kwipimisha. Ibitigiri vy'abandura kuva ico gihe vyagumye bigabanuka.
''Ivyo twabonye ni uko kuvugira ku mugaragaro, udata umwikomo ku bantu canke ngo ubanegure ku vyo bariko baracamwo, vyafashijwe guhindura ibintu.''
Nsubiye mu mitumba, Moloi ariko aragenda buke buke gusukura imva ya Tlohang.
Ni ahantu hasharije hari utugende tw'amazi, ivyatsi bikayangana n'inzu ntonto.

Moloi ni umwe mu bantu benshi baba muri Lesotho babuze uwabo yiyahuye.
Turiko turaraba iyo mva, avuga ko afise ubutumwa kuri abo bose bahuye n'ivyago nk'ivyashikiye umuhungu wiwe.
''Nobwira abantu ko kwiyaka ubuzima atari yo nyishu. Ico ukwiye gukora ni ukuvugisha abantu bari hafi yawe kugira ngo bagufashe.''










