Intambara ya Ukraine: 'Wopfuma upfira mu gihugu hagupfira mu mahanga' - Abariko barataha

Viktoria yakiriwe n'umugabo wiwe Serhiy ku gituro ca gari ya moshi i Pokrovsk

Ahavuye isanamu, BBC/DAVY MCILVEEN

Insiguro y'isanamu, Viktoria yakiriwe n'umugabo wiwe Serhiy ku gituro ca gari ya moshi i Pokrovsk
    • Umwanditsi, James Waterhouse
    • Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC muri Ukraine

Ku gituro ca gari ya moshi mu gisagara ca Dnipro mu buseruko bwa Ukraine, abakozi basa neza bambaye umwambaro wabo w’akazi bafasha ingenzi kwururuka.

Igitero c’Uburusiya nticabujije amagari ya moshi kubandanya akazi kayo ku miriyoni bayazeyeko uburaro n’uburamuko.

Twaruriye maze dufata urugendo abantu basabwa kwirinda – gushika ku gituro ca nyuma imbere yo gushikira akarere k’intambara mu buseruko.

Uko tugenda duca muri ino nzira imeze nabi ya gari ya moshi, niko biragaragara ko atari inzira ijana ku rwasiro gusa.

Ni vyo, hari abasirikare. Abenshi bagenda baraba mw’idirisha – ukibaza ico bariko bariyumvira. Ariko kandi hari n’imiryango ikiri mito isubiye iwabo.

Viktoria ariko asubira mu gisagara ca Pokrovsk n’umwana wiwe Eva. Uyu mugore w’imyaka 20 atubwira ko yarushe no guhunga intambara, ariko si ukuvuga ko ata bwoba afise.

Ati: "Ntegerezwa gutsinda ubwoba mu buryo bumwe canke ubundi. Ntibishoboka kubandanya mbaho uku, nyerera irya n’ino. Ni ngombwa ko ibintu bigenda neza muhira”.

Kuva mu kwa kabiri umwaka uheze, Viktoria yazungurutse Ukraine yose na Slovakia yose arondera umutekano wiwe n’uw’umwana wiwe.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Inyuma y’amasaha atatu y’urugendo twamaze duca mu mitumba ya Ukraine isa n’icatsi kibisi, twahavuye dushika i Pokrovsk, aho Viktoria yakiriwe n’umugabo wiwe yari yasize muhira.

Serhiy, inyuma y’igihe amurindiranye igishika n’amashurwe, agira ati: "Numva ndengewe”.

"Ndaryohewe kubona mbonye umukobwa wanje n’umugore wanje. Nshaka gusa ko twicara, duhoberane, tuyage, nta bindi”.

Abantu nk’aba bataha ni benshi muri Ukraine. Inyuma y’ibintu vy’agahomerabunwa twabonye ingene abantu bahunga mu kivunga mu mwaka uheze, imiriyoni zitandatu z’abanya-Ukraine baramaze guhunguka kuva ico gihe.

Muri aho, habi ibihumbi n’ibihumbi basubira mu mihana yabo iri ku rwasiro rungana n’ibirometero 965, aho bama mu bwoba bwo guterwa n’Abarusiya.

Serhiy ni umwe muri benshi bagumye i Pokrovsk kubera akazi kiwe ko kwimba ubutare bw’amakara (charbon) – igikorwa gishinze imizi mu ntara ya Donetsk kandi ari co nyamukuru gitanga akazi hano.

Uretse ko catumye ibihumbi n’ibihumbi baguma mu gihugu, catumye kandi abantu bagaruka bakemererwa akazi gashasha.

Viktoria Makarova atahanye umukobwa wiwe Eva mu buseruko bwa Ukraine, avuga ko adashobora kubandanya ari impunzi

Ahavuye isanamu, BBC/DAVY MCILVEEN

Insiguro y'isanamu, Viktoria Makarova atahanye umukobwa wiwe Eva mu buseruko bwa Ukraine, avuga ko adashobora kubandanya ari impunzi

Mu gaturuturu, abimba ubutare bihutira kwurira amamodokari abashikana ku birombe. Kandi n’aho boba bamaze gushika ku metero 800 mu kuzimu, bishobora kubatwara ikiringo kingana n’isaha kugira ngo bashike aho bategerezwa kuba bari.

Volodymyr amaze imyaka 20 akora hano.

We na bagenzi we bo ntibarabwa n’umugambi wo kwinjizwa mu gisirikare kubera igikorwa cabo gifatwa ko ari ngirakamaro cane. Kuri Volodymyr, kuja gukora ni uguhitamwo hagati y’umutekano wiwe no kurondera ubuzima. Ategerezwa kurondera ikimubeshaho.

"Iyo winjiye mu kuzimu, ntuzi ibibera hejuru mu muryango wawe. Kenshi namana ubwoba”.

Igitigiri c’abanyagihugu ba Pokrovsk kiriko kiriyongera buke buke, inyuma yo gukorokako bibiri vya bitatu mu mwaka uheze bavuye kuri 65.000.

Svitlana, akora mu gisata co kugenzura kuri ico gituro, avuga ko igihe intambara itangura mu 2022 “wamengo ni ivyago - si nari bwigere mbona abantu benshi bahunga”.

Ubu cabaye ubuhungiro kuri abo bose bahunga intambara n’Abarusiya bigaruriye akarere.

Ni igisagara cama citeguriye intambara. Amabarabara yuzuye uruvangatirane rw’abasivire n’abasirikare ku bitigiri bingana. Aka karere kabonye intambara kuva Uburusiya butanguye intambara haraciye imyaka icenda.

Abenshi mu bimba ubutare bw'amakara bagumye i Pokrovsk igihe Uburusiya bwatangura intambara, aho bakorera mu myobo miremire

Ahavuye isanamu, BBC/DAVY MCILVEEN

Insiguro y'isanamu, Abenshi mu bimba ubutare bw'amakara bagumye i Pokrovsk igihe Uburusiya bwatangura intambara, aho bakorera mu myobo miremire

Ikindi gituma abantu bahurumbira iki gisagara ni kubera abategetsi baco bashoboye kugarukana umuyagankuba n’amazi, n’aho babandanya baburira abantu kwigira kure.

Pokrovsk iracoroshe guterwa vya muzinga vy’Uburusiya. Inkovu muri ico gisagara zibutsa amabi cakorewe mu rudavagi.

Mu micungararo ya Pokrovsk hafi y’agace kigaruriwe n’Uburusiya, hari ikirindiro ca nyuma gicungereye iki gisagara. Ingabo z’igihugu zama zirikanuye zumviriza iyo amajwi ya vya muzinga aherera.

Ibikorwa vyabo vy’ukwitanga biriko bituma abantu basubira mu karere bashobora gukomerekeramwo, kandi abari mu myobo basa n’ababumvira impuhwe.

Vyacheslav ati: "Bamwe bariko barokora abana babo, abandi bemera kuhaguma kubera ariyo mavukiro yabo”.

"Nimba utegerezwa gupfa, ni vyiza gupfira iwanyu hagupfira ahandi mu mahanga”.

Viktoria (i buryo) n'umugabo wiwe Serhiy n'umwana wabo Eva mu nzu yabo i Pokrovsk

Ahavuye isanamu, BBC/DAVY MCILVEEN

Insiguro y'isanamu, Viktoria (i buryo) n'umugabo wiwe Serhiy n'umwana wabo Eva mu nzu yabo i Pokrovsk

Haciye imisi mike, twarasubiye kuraba Serhiy, Viktoria na Eva mu nzu yabo. Kubabona bakina n’umwana wabo w’umukobwa ni ishusho iteye igomwe.

Serhiy ati: "Ni nde azi igihe ibintu bizosubirira mu buryo? Mu mwaka umwe? Canke itanu?”

"Ntidushaka kurindira imyaka itanu, eka mbere n’umwaka umwe”.

Barihaye amahoro bafata ingingo yo kugumana hamwe nk’umuryango, n’aho hari ibibazo biboneka.

Ingingo atari iy’ubugaba, ariko kubera ata kundi bari bugire uretse kwemera ko iyi ntambara itagiye kurangira ubu bwa vuba.