Argentine irigina igarukanwa rya 'maillot' Maradona yari yambaye mu rukino rwa nyuma rw'igikombe c'isi

Abanye Argentines bariko barigina igarukanwa muri ico gihugu rya 'maillot' rurangiranwa mu mupira w'amaguru Diego Maradona yakinanye mu rukino rwa nyuma rw'igikombe c'isi.

Inyuma y'imyaka 36 Argentine itsinze Ubudagi mu nkino z'igikombe c'isi co mu 1986, impuzu Maradona yambaye mu gice ca mbere c'urukino yasubijwe ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Argentine, AFA.

Uwahoze ari umukinyi wo hagati mu Budagi Lothar Matthäus, yari yaguranye impuzu na Maradona inyuma y'igice ca mbere, yayigabiye abanye Argentine.

AFA yarungitse ubutumwa bwo kumushimira kuri Video.

Iyindi mpuzu ya Maradona, yari yambaye igihe yatsindisha igitego ukuboko, "Hand of God" mu rukino rwabahuza n'Ubwongereza mu gice ca kane gishira ica nyuma mu nkino z'igikombe c'isi co mu 1986, yaciye umuhigo mu kugurishwa imiliyoni 7.1 mu ntango z'uyu mwaka. Iyo mpuzu yatejejwe icamunara n'uwahoze ari umukinyi wo hagati w'Ubwongereza Steve Hodge.

Ariko n'aho iyo mpuzu yagurishijwe amahera menshi nkayo Lothar Matthäus yabwiye ikinyamakuru Daily Mail ko atigeze yiyumvira gukura amahera muri iyo mpuzu ya Maradona.

Matthäus yeretse iyo mpuzu abanye Argentine mu birori vyabereye mu nzu y'ubuserukizi bwa Argentine i Madrid mu kwezi kw'umunani, avuga ko "Diego ari Imana muri Argentine, ari na co gituma ari ikintu kidasanzwe kubashikiriza iyo mpuzu".

Avuga kuri Maradona yapfuye mu 2020 azize ingwara y'umutima, Matthäus yagize ati:"Birababaje kuba atari ngaha uyu musi. Diego azoguma mu mitima yacu."

Iyi mpuzu izoshirwa muri Legends, inzu ndangamico yerekana ivyaranze umupira w'amaguru muri kahise i Madrid, imbere y'uko ijanwa muri Argentine n'uwusanzwe yegeranya ibintu vyo muri kahise Marcelo Ordás ku musi wa gatatu.

Mu gushima, AFA yarungitse video y'akamwemwe aho ishimira "umugenzi wacu Lothar Matthäus" mw'izina ry'abanye Argentine.

"Iyi n'inkuru ya kizigenza w'Ubudagi yari afise nk'umugenzi kizigenza wa Argentine. Hanyuma nk'abandi bagenzi bose, barahanahanye ibintu vyiza bari bafise, kugwana mu nda, impanuro n'impuzu," uko ni ko uwuvugira muri iyo video yavuze igihe ivyo bihangange bibiri bigaragara bigwana mu nda.