Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Diego Maradona: Menya ubuhinga bw'uyu mukinyi n'intege nke ziwe
Igitangaza c'umukinyi, agaragara mu kibuga, umuhinga, ntagereranywa, adahuriweko na bose. Diego Maradona. Igihangange mu mupira w'amaguru ateye inkeke.
Umwe mu bakinyi b'ibihangange muri uwo mukino, uwo munya Argentine yarishimira uko ahererekanya umupira, ukubona kure n'ubunyarutsi vyashimisha abakunzi biwe.
Yaranashavuje abakunzi biwe igihe yinjiza n'ukuboko, mu ciswe 'Hand of God' (ukuboko kw'Imana), aca aja muvyo kunywa ibiyayuramutwe no mu zindi ngorane zimuraba ku giti ciwe atari ku kibuga.
Mugufi ariko w'igihangange - Umuhinga mu mupira w'amaguru
Diego Armando Maradona yavukiye mu micungararo y'igisagara ca Buenos Aires haraciye imyaka 60, akaba yakize ubukene buharangwa mu kuba umukinyi w'umupira w'amaguru rurangiranwa bamwe bagereranya mbere ko yasumvya ubuhinga Pele wo muri Brezil.
Uwo munye Argentine, yinjije ibitsindo 259 mu nkino 491, yararushije amajwi mugenzi we wo muri Amerika y'epfo mu matora y'umukinyi wa mbere akomeye mu kinjana ca 20, imbere y'uko FIFA ihindura uburyo batoramwo, bose bakaba baciye bagirwa aba mbere.
Maradona yerekanye ubushobozi butangaje kuva akiri muto, aho yagejeje umurwi wiwe w'abakiri bato wa Los Cebollitas, ku ntsinzi 136 bikurikiranya, aca agira ugukina umupira w'amaguru umwuga ku myaka 16 n'imisi 120.
Mugufi kandi yitsindagiye, ku metero imwe n'igice, si umunonotsi wokwiyumviriye.
Ububangutsi bwiwe, ukubona kure, guhagarika umupira, ugucenga no guhereza vyatuma ukutanyaruka cane n'iyongerekana ry'ibiro vyiwe bitagaragara.
Ashobora kuba yari umuhinga mu guca mu bakinyi binyuma bahanganye, ariko vyaramugora kwirinda ingorane.
Ukuboko kw'Imana & Igitsindo c'ikinjana
Ibitsindo 34 vya Maradona mu nkino 91 za Argentine ni igice kimwe muri kahise kiwe mu gihe yamaze akina.
Yarafashije igihugu ciwe gutahukana intsinzi mu nkino z'igikombe c'isi co mu 1986 i Mexico, aranagishikana mu rukino rwa nyuma inyuma y'imyaka ine yakurikiye.
Mu nkino z'igice ca kane gishira ica nyuma zaheruka, hari habayemwo ukutumvikana kwari gushobora kugira ingaruka ku buzima bwiwe.
Urukino rwabahuje n'Ubwongereza na rwo rwadutsemwo ikindi cuka kibi, intambara ya Falklands War hagati y'ivyo bihugu bibiri yari yatanguye imyaka ine imbere y'aho. Ku kibuga ho yaciye ikomera gusumba.
Mu gihe hari haheze iminota 51 ata gitsindo kiraboneka, Maradona yarwaniye umupira mu kirere n'umunyegoli Peter Shilton aca yinjiza igitsindo.
Mu nyuma yavuze ko ico gitsindo cabonetse "hamwe kivuye ku mutwe wa Maradona, ahandi na ho ku kuboko kw'Imana".
Inyuma y'iminota ine, yaciye yinjiza igitsindo kivugwa ko ari "igitsindo c'ikinjana' - yafashe umupira hagati mu kibuga aca arawirukankana, asiga abandi bakinyi inyuma, imbere yo gucenga Shilton, aca arinjiza.
Intwari kuri Napoli - ariko ibiyayuramutwe biramwizizira
Ku ncuro zibiri zose, Maradona yaraguzwe ku giciro kitari bwigere kibaho ku wundi mukinyi - ava muri Boca Juniors mu gihugu ciwe agana Barcelone muri Espagne ku miliyoni 3 z'amapawundi, n'igihe yaja mu Butaliyano mu murwi wa Napoli, inyuma y'imyaka ibiri ku miliyoni 5 z'amapawundi.
Hari abakunzi b'uwo mugwi barenga 80.000 ku kibuga ca San Paolo, igihe yashika ari muri kajugujugu. Intwari nshasha.
Yarakinye mu murwi ukomeye mu Butaliyano, arakundwa n'abarorerezi mu gihe yafasha gutahukana ibikombe vy'ihiganwa rya Buraya mu 1987 na 1990 hamwe n'igikombe ca UEFA co mu 1989.
Yaragiriraniye ubucuti n'imirwi y'abicanyi ya Camorra, aja muvyo kunywa ibiyayuramutwe vya cocaine, aranitwarirwa yagirizwa kutemera umwana yavyaye.
Inyuma yo gutsindwa igitsindo 1-0 n'Ubudagi mu rukino rwa nyuma rw'igikombe c'isi mu 1990 mu Butaliyano, ibipimo vyerekanye ko yanyoye ibiyayuramutwe mu mwaka wakurikiye vyatumye ahagarikwa amezi 15.
Ivyaranze Maradona
1977: Yatanguye mu rukino rwahuza Argentine v Hongrie
1982: Yagiye mu murwi wa Napoli inyuma y'imyaka ibiri yamaze muri Barcelone
1986: Yatahukanye igikombe c'isi akinira Argentine
1990: Yakinye urukino rwa nyuma rw'igikombe c'isi ubugira kabiri akinira Argentine, maze itahukana ikibanza ca kabiri. Atwara n'igikombe c'imigwi yabaye iya mbere iwabo akinira Napoli.
1991: Yahagaritswe amezi 15 inyuma yo gusanga yafashe ibiyayuramutwe.
1994: Yakinye mu gikombe c'isi incuro ya kane ariko aca arirukanwa inyuma yo gusanga yafashe ibiyayuramutwe.
1997: Yarasezeye mu mupira w'amaguru inyuma yo gusanga yafashe ibiyayuramutwe ubugira gatatu.
2010: Yahejeje ikiringo ciwe co kumenyereza umurwi wa Argentine inyuma yo gutsindwa mu gice ca kane gishira ica nyuma mu nkino z'igikombe c'isi.
Ubuzima inyuma yo gusezera mu mupira w'amaguru
Inyuma y'ibipimo bigira gatatu vyemeza ko yafashe ibiyayuramutwe inyuma y'imyaka itatu, yarasezeye mu mupira w'amaguru afise imyaka 37, ariko abandanya agira n'izindi ngorane.
Maradona yaraciriwe urubanza rwo gupfungwa imyaka 2 n'amezi 10 ariko yidegemvya azira kurasa abamenyeshamakuru n'inkoho ikoreshwa mu gukina.
Akamenyero kiwe ka cocaine n'akaborerwe vyamuteye ibibazo vy'amagara. Yarongereje ibiro gushika ku 128, agira indwara y'umutima mu 2004, ivyamutumye amara umwanya munini ariko aravurwa.
Yarabazwe ku nda kugira bamufashe kugabanya ibiro, araja no kuba muri Cuba mu gihe yariko ararwana no guheba gufata ibiyayuramutwe.
N'aho habaye ivyo vyose, nticabujije ko Maradona agenwa kumenyereza umurwi wa Argentine mu 2008 akaba yaranawushikanye mu gice ca kane gishira ica nyuma mu nkino z'isi yose inyuma y'imyaka ibiri, imbere y'uko batsindwa n'Ubudagi ibitsindo 4-0.