Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Diego Maradona yaraye ashinguwe, Argentine isigaye mu marira
Uyu yahoze ari umukinyi rurangiranwa w'umupira w'amaguru Diego Maradona yashinguwe mu birori vyihariye inyuma y'umusi umwe habaye ibikorwa vyo kumusezerana umubabaro mwinshi ku mugwa mukuru wa Argentine Buenos Aires.
Ibiroro vyo kumushingura nijoro ku wa kane vyabandanijwe n'abantu bakeya bagizwe n'abanyamuryango n'incuti ziwe za hafi.
Imbere y'aho, isinzi ry'abantu ryaritabiriye ibirori vyo ku musezera ubwa nyuma, abenshi buzuye amarira.
Maradona yitavye Imana ku myaka 60 ku wa gatatu ahitanywe n'indwara y'umutima.
Urupfu rwiwe rwababaje isi yose, ariko igihugu ciwe carababaye gusumba na rirya bamufata nk'incungu.
Isandugu y'ikiziga ca Maradona - ipfutse ibendera rya Argentine n'impuzu y'umupira w'amaguru yanditseko inomero 10 inyuma kuko ari yo yambara igihe yari agikina - yashizwe imbere y'ikirimba c'umukuru w'igihugu ku wa kane.
Leta yavuga ko yari yiteze abantu bashika umuliyoni bari gushika ku kirimba gusezera Maradona ubwa nyuma.
Gushika hagati inyuma y'umutaga, imirongo miremire y'abaje kumusezera yarenga ikirometero niyo yibonekeza, mbere igipolisi kikaba carashamiranye n'abashaka gushika ku kirimba amasaha yategekanywa ataragera.
Hari n'amakuru avuga ko igipolisi kijejwe kurwanya imigumuko cakoresheje vya vyuka bikoroza amosozi n'amasanu ya plastiki mu gihe cariko kigerageza kuzibira isinzi ry'abantu.
Umwe mu bari bahari , Rubén Hernández, abona ko igipolisi carengeje urugero.
Yasubiwemwo amajambo n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters avuga ati: "Twari twitekaniye dutonze umurongo, ubwo nyene igipolisi gitangura kudutera amasasu ya plastiki. Ubu ni ubusazi, jewe nishakira gusezera Diego".
Vyabaye ngombwa ko abategetsi bahagarika abantu gushikira isandugu kugira ngo umutekano ntuhungabane.
'Yatubereye vyose'
Mu murwi w'Ubutaliyano Napoli, umurwi Maradona yakiniye mu kiringo c'imyaka indwi mbere agatuma utera imbere cane, abakunzi bawo basidukanye n'iyonka ku kibuga kugira bamwibuke, bagenda baririmba ngo "Diego, Diego!".
Bwari bugize kabiri abanyagihugu birengagiza ingingo za guma mu rugo kubera coronavirus mu gusezera uyu mukinyi rurangiranwa, mu gihe hari hasigaye akanya gato ngo Napoli itane mu mitwe n'umurwi Rijeka wo muri Croatia muri rya higanwa rya Europa League.
Muri runo rukino rwaraye rubaye nijoro aho Napoli yatsinze Rijeka 2-0, abakinyi bose ba Napoli babanje kwinjira mu kibuga bambaye udutambara twirabura n'imipira yanditseo inomero 10 Maradona yambara.
Umufana Gianni Autiero yabwiye Reuters ati : "Yari umuntu adasanzwe, yatubereye vyose, yari vyose kuri twebwe abanya Napoli. Jewe mu buzima bwanje ni abantu bake cane maze kuririra, Diego ni umwe muri bo".