Burundi-Cibitoke: Ifatwa ry'uwurongoye komine Mabayi rifise izihe mvo?

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu ntara ya Cibitoke iri mu burengero bushira uburaruko bw'Uburundi, haravugwa ifatwa ry'indongozi zo ku rwego rw'intango, ariko ico bafatirwa ntikiramenyekana neza.
Mu kiganiro yahaye BBC Gahuzamiryango, buramatari w'intara ya Cibitoke Careme Bizoza, aremeza ko musitanteri Nicodeme Ndahabonyimana yahagaritswe ariko ntavuga ico azira.
Agira ati: "Mu ntara ya Cibitoke ni vyo muri iyi misi hari abakenewe kubazwa kuri ibi na biriya, muri abo rero, n'indongozi itwara komine ya Mabayi arimwo. Kumbure abamurondeye barafise ico bashaka kumubaza."
Mu bavurwa ko bahagaritswe, harimwo kandi uwurongoye zone ya Mabayi n'uwurongoye umutumba wa Gitukura.
Abandi boba bahagaritswe n'abayoboke batatu b'umuhari w'imbonerakure w'urwaruka rw'umugambwe uri ku butegetsi CNDDD-FDD.
Ku musi wa gatatu ku mugoroba, umwe mu rwaruka rw'imbonerakure yararashwe aca aritaba Imana n'abantu bataramenyekana.
Hakaba hari inkuru zivuga ko urwo rupfu rufitaniye isano n'abagwanya reta y'Urwanda yoba yarareze ko boba bari muri ako karere.
Ivyo ariko buramatari Bizoza arabihakana akavuga ati "ni vyo haravugwa ko hariho abantu bashobora kuba batera Urwanda boba baza harya ariko kubera ko ata muntu n'umwe tuba twafashe, ni co gituma ivyo ntobifatirako cane, hariho abajejwe amatohoza baheza bakaraba bati mbega uyu muntu yoba yishwe ku mvo izahe."
Uwo mutegetsi arongoye intara ya Cibitoke avuga ko icatumye abo bantu bahagarikwa kizomenyekana amatohoza arangiye.










