Obama abona ko Trump ariko arenga amategeko mu guhagarika amahera ahabwa kaminuza ya Harvard

    • Umwanditsi, Ana Faguy
    • Igikorwa, BBC News, Washington DC

Barack Obama yahoze ari umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika arashimagiza ingingo y'ishure kaminuza ya Harvard yo kwanka ivyo itegekwa na Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'iki gihugu) ko ihindura poritike yayo, atari uko naho igatakaza amafaranga ihabwa n'igihugu.

Yashikirije aya majambo mu butumwa bwiwe bwa mbere yacishije ku mbuga hwaniro bwo kunegura intwaro ya Trump kuva nibura umusi yarahirira amabanga yiwe.

Perezida Donald Trump ariko arahagarika amafaranga arenga imiriyaridi zibiri z'amadolari y'Abanyamerika reta iha kaminuza ya Harvard kuko yanse guhindura uburyo yinjiza abakozi, abanyeshure n'itunganywa ry'inyigisho, ivyo ubutegetsi bwiwe buvuga ko ari nkenerwa mu kurwanya abarwanya Abayahudi mu bigo vya kaminuza.

Nk'umwe mu bahoze biga kuri iyi kaminuza, Obama avuga ko ihagarikwa ry'aya mafaranga "riteye kubiri n'amategeko" kandi ko ari "ingingo ititondewe".

Atera akamo ibindi bigo gukurikiza akarorero ka kaminuza ya Harvard mu kutemera ivyo Trump abisaba.

Obama yanditse ku mbuga hwaniro ati: "Harvard yatanze akarorero ku bindi bigo vya kaminuza – mu kwanka uburyo butemewe n'amategeko kandi buteye isoni bwo kuzibira umwidegemvyo mu nyigisho, mu gihe ifata ingingo nyazo kugira ngo Harvard ibe ikigo abanyeshure bose bashobora kurahuriramwo ubwenge, guhanahana ivyiyumviro no kwubahana."

Uno yahoze ari umukuru w'igihugu - akaba yarangije ivyigwa vyiwe kuri iyi kaminuza mu gisata c'amategeko mu 1991- ntakunze kunegura canke kwiyamiriza abategetsi ba reta canke ingingo za reta ku mbuga hwaniro kuva avuye ku butegetsi, haraciye imyaka hafi cumi.

Ubutumwa bwiwe mu gihe c'imyiyamamazo bwari ubwo gushimagiza uwari umukeba wa Trump, uyu na we akaba ari Kamala Harris yari icegera c'umukuru w'igihugu ico gihe, naho kuva ku musi w'irahira rya Trump, akaba akunze kwandika ubutumwa bwo gushimagiza, ubutumwa ku buzima bwihariye, be n'ivyiyumviro vyiwe ku bijanye n'inkino.

Obama ni umwe mu banyaporitike n'abategetsi ba kaminuza bari ku rushi ubu banegura ingendo y'intwaro ya Trump yo kurondera guhindura itunganywa ry'amakaminuza akomeye mu gihugu, biciye mu kuyatera igitsure kugira ngo ahindure ivyo yigisha n'abo aha akazi, no mu kuyatera ubwoba bwo kugabanirizwa amahera y'ubushakashatsi.

Abigisha baharurwa mu majana bo kuri kaminuza ya Yale, basohoye ikete bashigikira ingingo ya Harvard yo kwanka ivyo ubutegetsi bwa Trump buyisaba.

Iri kete rigira riti: "Turi kumwe namwe mu mayirabiri. Amakaminuza ya Amerika ahanganye n'ibitero bidasanzwe bigeramiye ingingo shimikiro ngenderwako z'igihugu kirangwa na demokarasi, harimwo uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro, kwifatanya n'abandi n'umwidegemvyo mu nyigisho. Tubandikiye nk'igisata kimwe kugira ngo mwifadikanye natwe ubu."

Amakaminuza atari make yo muri Amerika araronswa amahera kanaka atangwa na reta, ahanini agenewe ibisata vy'ubushakashatsi muri siyansi (science), nko mu bijanye no guhingura imiti.

Kuva Trump asubiye ku butegetsi muri Nzero (1), amakaminuza akomakomeye, nka kaminuza ya Stanford, vyabaye ngombwa ko ahagarika itangwa ry'akazi anagabanya n'amafaranga akoresha kubera igabanuka ry'amafaranga ahabwa na reta.

Amwe muri aya mafaranga yahagaritswe mu ntumbero yo guhatira aya makaminuza gufata ingingo ubutegetsi bwa Trump buvuga ko ari izo kurwanya abarwanya Abayahudi. Trump yagiriza aya makaminuza ko yananiwe gukingira abanyeshure b'Abayahudi mu myiyerekano yo mu mwaka uheze mu bigo vy'amakaminuza, yo kwiyamiriza intambara yo muri Gaza, n'ubufasha Amerika iha Israel.

Umukuru w'inama nyobozi ya kaminuza ya Stanford, Jonathan Levin, hamwe na Jenny Martinez ayirongoye, ejo ku wa kabiri basohoye itangazo bakengurukira Harvard, bavuga ko "amakaminuza akwiye gutorera umuti ivyo bayanegura vyumvikana mu kwicisha bugufi no mu kwiyugurura".

Bati: "Ariko uburyo bwo kuzana impinduka zubaka si ugusenyura ubushobozi bw'igihugu bwo gukora ubushakashatsi, canke reta kwifatira mu minwe ikigo c'abikorera utwabo."

Mu gihe mu ntango z'uku kwezi kaminuza ya Columbia yagondojwe ikemera bimwe mu vyo Trump asaba, Harvard ni yo yabaye kaminuza ya mbere ikomeye muri Amerika yafashe inzira itandukanye.

Mw'itangazo ryiwe ejoku wa kabiri, umukuru wa kaminuza ya Harvard, Alan Garber, yavuze ati: "Nta reta – yaba iy'umugambwe uwo ari wo wose uri ku butegetsi – ikwiye gutegeka ivyo amakaminuza yigenga ashobora kwigisha, abo ashobora kwakira no gukoresha, n'ibisata vy'inyigisho n'ubushakashatsi ashobora gushinga."

Kaminuza Massachusetts Institute of Technology (MIT) yafashe akarorero ka Harvard ku wa mbere, na yo nyene yanka ivyo ubutegetsi bwa Trump busaba.

Naho anegurwa, Trump ntagugumwa. Ejo ku wa kabiri yarifatiye mu gahanga Harvard, agabisha ko ashobora kuyaka uburenganzira bwayo bwo kudatanga amakori.

Amakaminuza, co kimwe n'amashirahamwe menshi y'abagiraneza be n'ayo amashengero, yarakuweko amakori. Aka karusho ko kudatanga amakori gashobora guhagarikwa mu gihe aya mashirahamwe yinjiye mu bikorwa vya poritike canke agakora ibitandukanye n'ibiri mu ntumbero yiyemeje.