Trump yabaye arahagarika amakori ahanitse yari yashinze, buno nyene imitahe ica iraduga agaciro

Prezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yatangaje ko abaye arahagarika amakori mashasha ahanitse ku bicuruzwa biva mu bindi bihugu mu kiringo c'iminsi 90 ku bihugu biharurwa mu mirongo – ariko ayaduza ku Bushinwa ku rugero rwa 125%.

Ubu hagiye gukurikizwa urugero rwa 10% ku bidandazwa vy'ibihugu vyose kiretse Ubushinwa.

Yavuze ko urwo rugero runini ku Bushinwa bwonyene ari ukubera ''ukutubaha Ubushinwa bwerekanye ku masoko yose y'isi''.

Imitahe yaciye iduza agaciro ubwo nyene Trump agitangaza iyo ngingo.

Ingene vyari vyiriwe kuri uyu wa gatatu

Ayo makori mashasha yari yatanguye gukurikizwa kuri uyu wa gatatu.

Aho ibicuruzwa biva mu Bushinwa vyari vyashizwe ku rugero rwa 104% mu gihe hariho uguhangana gukomeye hagati y'ivyo bihangange bibiri vya mbere mu butunzi kw'isi.

Amakori ava kuri 11% gushika kuri 104% ubu yatanguye gutozwa ku bicuruzwa biva hanze mu bihugu nka 60 bigiranira ubucuruzi na Amerika, ivyo Trump yise "abaturenganije kurusha abandi" kubera ivyo abona ko ari ingendo zitabereye mu bucuruzi.

Ubushinwa bwaciye busubiriza mu ndumane Amerika mu kuduza amakori ku bicuruzwa biva muri ico gihugu ku rugero rwa 84%.

Amasoko y'imitahe kw'isi yose aramaze gutakaza amamiliyaridi y'amadolari kuva aho Trump amenyeshereje amakori mashasha mu ndwi iheze, abanyamerika benshi ubu bakaba batinya ko ibiciro biduga, abahinga bamwe bamwe na bo bakagabisha ko ivyago vy'uko ubutunzi budindira biguma vyongerekana.

Ku wa kabiri, Trump yemeye ko ingaruka z'izo ngingo ziwe "zabaye nk'ibombe ituritse" ariko avuga ko gushika ubu amafaranga "ariko arasuka" avuye muri ayo makoro mashasha.

Aho yari mu giteremo c'umugambwe w'aba Repuburikani i Washington, Trump yemeye ko urugero rwa 104% ku Bushinwa "rumeze nk'uruteye isoni" ariko ashimika avuga ko Ubushinwa bwipfuza ''gushika ku mwumvikano'' kugira bwirinde ayo makori.

Mw'ijambo ryiwe ry'ugushigikira politike yiwe y'ubudandaji, Trump yavuze ko ibihugu vyinshi "vyasoromye iwacu i bubamfu n'i buryo, ariko ubu ni twebwe hageze ko dusoroma iwabo".

Yabwiye abashitsi ati: "Ndazi ico ndiko ndakora," yongerako y'uko ibihugu vyakozweko n'amakori mashasha biriko ''bica ku biti n'amabuye kugira bishike ku mwumvikano.''

Ariko Ubushinwa ku wa gatatu bwavuze ko "buzorwana gushika kw'iherezo" hamwe Amerika "yoshimika mu gutera intambara y'amakori canke intambara y'ubudandaji", kandi butangaza ko na bwo buzokwongera amakori ku bicuruzwa vya Amerika, azotangura kuja um ngiro ku wa kane isaha 11 zo mu gitondo kw'isaha mpuzamakungu (isaha imwe y'igitondo mu Burundi no mu Rwanda).

Trump yashitse ku rugero rwa 104% ku Bushinwa, urwa mbere runini gusumba ibindi bihugu vyose, aho bugereye ingere ku yindi ku makori yari yashinze ubwa mbere.

Perezida wa Amerika yatangaje ko mu ndwi iheze amakori ya 34% ku bicuruzwa vy'Abashinwa, hejuru y'inyongera ya 20% yari yashizeho mu ntango z'uyu mwaka. Ubushinwa bwaciye bwishura mu gushira amakori ku 34% ku bicuruzwa vya Amerika vyinjira mu Bushinwa.

Mu kwishura, Trump yakangishije ko azoca yongerako ayandi 50%, bituma urugero rushika 104%, hamwe Ubushinwa butokwisubirako. Ubushinwa ntibwisubiyeko, bwagiriza umukuru wa Amerika kwigenza nk'uwushaka gubakankamira.

Haciye amasaha makeyi gusa ayo makori ya 104% ya muri Amerika atanguye gushirwa mu ngiro ku wa gatatu, Ubushinwa bwatangaje ko na bwo buzoduza amakori yabwo ku bicuruzwa vya Amerika kuva kuri 34% gushika kuri 84%.

Imbere y'ivyo, mw'ijambi ryiwe ku wa kabiri mw'ijoro, Trump yavuze ko Ubushinwa bwizigiye gushika ku masezerano na Amerika.

Yavuze ati: "Bashaka gushika ku masezerano.

"Ntibazi gusa uko botangura kuko ni abantu biyemera."

Abahinga bavuganye na BBC ntibashize amakenga, umwe muri bo avuga ko Amerika ishobora kuba iriko ''irashikana ukuboko kure cane.''

Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'Ubushinwa bujejwe imigenderanire n'amakungu, Lin Jian, ku musi wa gatatu, yavuze ko Amerika "ikomeza gushira amakori ku Bushinwa mu buryo bw'akarenganyo".

Yavuze ko Ubushinwa burwanya mwene iyo "ngendo yo gukankama" kandi ko Amerika itegerezwa kwerekana "inyifato yo kungana, kwubahana, no gusubiriza mu ndumane" nimba yizigiye gutorera umuti ibibazo biciye mu biganiro.

Ubushinwa bwavuze ku wa gatatu ko bwiteguye kubandanya ibiganiro na Amerika kugira hatorwe inyishu y'ivyo batumvikanako.

Trump yavuze ko ibihugu birenga 70 vyashikirije ubutumwa kugira ngo bitangure ibiganiro kuva ayo makori atangazwa.

Yabwiye abari aho muri ico giteramo co ku wa kabiri ati: ''Ndababwiye ko ibi bihugu biriko biraduhamagara, binyiruka inyuma''.

"Bariko baca ku biti n'amabuye kugira ngo bagire amasezerano."

Intumwa zivuye i Tokyo na Seoul ziri mu nzira zija i Washington, mu gihe amakori ya 24% ku Buyapani na 25% ku Koreya y'Epfo yatanguye gukora.

Ubumwe bw'Uburaya, bwashizweko amakori ya 20%, "bwiteguriye kuganira" nk'uko bivugwa n'umukuru w'urwego rutwara ishirahamwe, Ursula von der Leyen.

Iryo shirahamwe ryasavye ko amakori y'ibicuruzwa vy'inganda yogabanywa gushika kuri zero – iciyumviro Trump yashimagije, ariko avuga ko "kidahagije".

Kuri uyu wa gatatu, ibihugu bigize Ishirahamwe rya Buraya vyemeje gushira amakori ya 25% ku bicuruzwa bimwe bimwe bivuye muri Amerika, amakori mashasha akazotangura gukora ku wa 15 Ndamukiza (4).

Ayo makori ni ayo gusubiza ku ya 25 % kw'ijana Trump yari yashize mu kwezi guheze ku vyuma vya acier na aluminium bivuye i Buraya.

Imitahe yabandanije gukoroka agaciro ku masoko kuri uyu wa gatatu aho FTSE 100 y'i Londres yakorotse 2.5%, Nikkei 225 yo mu Buyapani na yo 4.3% inyuma y'aho ayo amakori mashasha atanguriye kuja mu ngiro.

Ivyabaye ku ndwi iheze bisa n'uko vyatumye haba ugucanamwo mu bajenama ba Trump, aho haba ukutumvikana hagati ya Elon Musk n'umujenama wa Trump mu vy'ubudandaji Peter Navarro, uwo mukuru wa Tesla yavuze ko ari "ikijuju kurusha umufuko w'amatafari".

Ariko Trump ubwiwe yagumye ashwashwanutse, abwira abo bariko barasangira mu mugambwe w'aba Republikani ku wa kabiri ku mugoroba ko amakori yiwe "azoba akayazwe, mu buryo bwiza".