Umutunzi ruhebwa ashigikiye Trump yagabishije ku ''bihe vy'akaga mu butunzi'' kubera amakori

    • Umwanditsi, James FitzGerald
    • Igikorwa, BBC News

Umutunzi ruhebwa afise muri za miriyaridi z'ama dorari yasavye umukuru w'igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika kubanza guhagarika amakori aherutse gutangaza, canke naho agire ivyago vy'uko ''haba ibihe vy'akaga k'ubutunzi we nyene yikwegeye''.

Mu gihe amasoko y'imitahe yose yahungabanye, uwo yatungiye mu gukorana n'abanyamitahe Bill Ackman yavuze ko umukuru w'igihugu akwiye gufata amezi atatu kugira ahe ibihugu umwanya wo gusubiramwo imigenderanire yavyo na Amerika mu vy'ubudandajaji.

Ku wa mbere, iyo mburi ya Ackman yasubiwemwo kandi n'uwundi muntu akomeye kw'isoko ry'imitahe rya Wall Street, aho umukuru wa JPMorgan Chase Jamie Dimon yavuze ko amakori ya Trump ashobora gutuma ibiciro biduga ku Banyamerika.

N'ubwo ayo makori yiwe yashegeshe isi yose, umukuru wa Letaz unze Ubumwe za Amerika yashigikiye amakori yiwe ku vyinjira muri Amerika, avuga ko ''rimwe na rimwe utegerezwa kwemera gufata umuti kugira uvure [indwara]''.

Avuga ko iyo ngingo yafashe izotuma mu gihugu ciwe haboneka ubuzi bushasha hashingwe n'imitahe mishasha, ariko abahinga mu vy'ubutunzi bagabishije ko ibiciro bishobora kuduga ku banyamerika kandi hakaduka intambara y'ubudandaji.

Agaciro k'imitahe i Buraya na Asia kabandanije gukoroka ku wa mbere, mu gihe amasoko akiraba iyo ibintu bitera bigana biturutse kuri ayo makori ya Trump yatangaje ku ndwi iheze.

Mu nyandiko yiwe kuri X ku wa Mungu, Ackman yaremeye insiguro ya Trump y'uko urudandazwa mpuzamakungu uko rwari rumeze Amerika itaharonkera akarusho.

Ariko, yanditse ati, ''amakori ya Trump ni menshi kandi arenze urugero'', kandi ntatandukanye incuti za Amerika n'abansi bayo.

Ackman, umutunzi ruhabwa yatanguje kompanyi ikorana n'abanyamitahe Pershing Square, yabaye umwe mu bantu bakomeye bashigikiye Trump, umu-Repuburikani, muri Mukakaro (7) mu 2024.

Imbere yaho yari yarashigikiye umugambwe w'aba-Demokrate, aho ahinduriye akaba yabonywe nk'ijwi rikomeye ry'abo mu ruhande rw'abagwizatunga mu gushigikira ukwitoza kwa Trump.

Igihe yatangaza ayo makori mashasha ku ndwi iheze, Trump yashinze urugero rw'ifatiro rwa 10% ku kintu ico ari co cose cinjira muri Amerika kivuye hanze, ku bihugu bimwe bimwe urwo rugero rukazoshika ku 50% - harimwo ibibanza bikomeye vy'amahinguriro muri Asia.

Ibihugu vyinshi vyarahiye ko bizogera ingere ku yindi, Ubushinwa bwo bwamaze kubikora ku bicuruzwa vyabwo biva muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Trump yatanguje ''intambara y'ubutunzi kw'isi yose icarimwe'' ishobora gushegesha icizere c'abanyamitahe muri Amerika, niko Ackman yavuze.

Ackman yavuze ko umukuru wa Amerika ubu afise ''akaryo ku kubanza guhagarika ibintu iminsi 90, hongere kuba ibiganiro hakosorwe ahari agahaze, hanyuma habe imitahe mishasha mu gihugu iharurwa mu bihumbi n'ibihumbu vy'ama miriyaridi''.

Ivyo Ackman yanditse ku wa Mungu vyerekanye ko yumva ko ubu ikibazo kiri mu ruhande rwa Trump - inyuma y'ubutumwa yari yanditse imbere y'aho asaba abakuru b'ibindi bihugu ''gufata terefone zabo'' bashike ku mwumvikano na Trump.

Mu gihe amasoko y'imitahe kw'isi yabandanije gukoroka ku wa mbere, umukuru w'imwe mu bihangange vy'amabanki JPMorgan Chase nawe yashizemwo akiwe, agabisha ko hari ''vyinshi atawubona iyo biva n'iyo bija '' muri iyo porike y'amakori mashasha.

Mw'ikete ku banyamitahe, Dimon yavuze ko amakori ''ashobora kuduza ibiciro kandi ariko aratuma benshi bibaza ko bishoboka cane ko ubutunzi budindira''.

''Uko iki kibazo conyaruka gutorerwa inyishu niko vyoba vyiza gusumba kuko ingaruka mbi zigenda ziriyongera urufatangane uko umwanya uhaca kandi vyogorana kubisubiza inyuma,'' niko yanditse.

Abajenama ba Trump nta gaciro kanini bahaye ivy'uko ubutunzi bushobora kudindira. Urugero fatiro rwa 10% ruja rwatanguye gukora, mu gihe runini kuruta ngaho ku bihugu bimwe bimwe ruzotangura gukora ku wa gatatu.

Avuga ari mu ndege y'umukuru w'igihugu asubira i Washingiton DC ku wa Mungu, Trump wenyene yavuze ko ibihugu vya Buraya na Asia biriko ''biraca ku biti n'amabuye kugira bishike ku mwumvikano''.