Umurisho w'ingoma z'Uburundi mw'isabukuru mu Bubiligi

Umutimbo ari imbere y'ingoma, afise imirisho

Ahavuye isanamu, BBC Greatlakes

Insiguro y'isanamu, Isabukuru rya Liege ryahuje imigwi itandukanye y'abavuzi b'ingoma baba mu bihugu vya Bulaya
    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, Umunyamakuru
    • Yakoze inkuru ari, Belgium

Umurisho w’ingoma ntukunzwe mu gihugu c’Uburundi gusa, kuko n’Abarundi baba mu mahanga barawijukiye cane aho hari n’imirwi itari mike y’abavuzi b’ingoma igerageza kwitunganya igateramisha Abarundi baba mu mahanga.

Bamwe mu bari bitavye ivyo birori baragaragaje inkumbu bari bafitiye akaranga k'igihugu cabo.

Mw’ijwi ririmwo ibigumbagumba, Samuel Bucumi w'imyaka 45 yari yaje avuye mu gihugu c'Ubufaransa yagize ati: “Ni imbonekarimwe ko twibonera abavuza ingoma turi mu mahanga, mwabonye ko hari n’abakoroye amasozi y’umunezero nka jewe kubera bataheruka kubona ingoma, abakuru n’abato mwabonye ko bahimbawe harimwo n’abanyamahanga.

"Kubona igisagara ca Liege gifasha gutunganya rino sabukuru bigaragaza ko ingoma z’Uburundi atari iz’Abarundi gusa, ahubwo ari iz’isi yose.

"Hakwiye gukorwa ibishoboka vyose zigakwira isi yose kurya imidiho ya Lumba yo muri Congo, Soul Makosa yo muri Cameroun, intambo z’iki Zoulou zo muri Afrika y’epfo zifatiye isi, nta nkeka ko n’ingoma zokwifatira isi, Abarundi n’Uburundi bakahungikira ijana n’ijambo”.

Mu bihugu bifise abavuzi b’ingoma benshi harimwo igihugu c’Ububiligi kizwi nk’igitunganya amasabukuru menshi ngarukamwaka y'akaranga ku bava mu Burundi no mu Rwanda.

Muri ico gihugu kiri ku birometero birenga 7000 uvuye mu Burundi, mu muji wa Liege mu bumanuko, mu mpera z'indwi ishize hari hatunganijwe isabukuru ry’ingoma ryari ryahuje imirwi y’abatimbo b’Abarundi baba mu bihugu bitandukanye vya Bulaya na Canada.

Ni isabukuru ryitabwe n’imirwi ya ‘Rukinzo Legacy’ ufise abatimbo mu bihugu vy’Ubudage, Ubuholande, Suede, Norvege na Canada.

Rukinzo Lagacy n'umwe mu mirwi ya kera y’abatimbo umaze imyaka 17 ushitse mu mahanga. Muri iryo sabukuru wahahuriye n’uyundi murwi w’abatimbo witwa 'ikigabiro' wo mu Bubiligi, iryo sabukuru rikaba ryari ryafashwe mugongo n’igisagara ca Liege.

Abatimbo bahagaze inyuma y'ingoma n'idarapo y'Uburundi imbere yabo

Ahavuye isanamu, BBC Greatlakes

Insiguro y'isanamu, Isabukuru ry'ingoma rya Liege ryitabiriwe n'abantu benshi bari bafise amarangamutima y'inkumbu z'akaranga k'igihugu baturukamwo

Mu kiringo c’amasaha arenga abiri abatimbo bavuye mu Budage, Ububiligi, Norvege na Canada barateramishije isinzi ry’abantu barwiriyemwo Abarundi, Abanyarwanda n’abandi bafise amamuko mu karere k’ibiyaga binini bari bitavye iryo sabukuru aho hari n’abari bavuye mu bihugu vya kure.

'Ata gikozwe, umurisho w'ingoma z'Uburundi mu makungu ushobora kuzimangana'- Bedetse

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

N'aho bafise umunezero no kwishimira kumenyekanisha igihugu n’akaranga kaco mu makungu, abo batimbo bababazwa n’ingene batoroherezwa na reta y’Uburundi kuzana ibikoresho vy’ingoma baba batumyeko mu gihugu.

Ba nyene imirwi y’ingoma baridoga ko atagikozwe imirwi ivuza ingoma mu mahanga igiye kuzimangana kubera leta y’Uburundi itabemerera ko ibikoresho baba baguze mu Burundi bibashikira.

Frederique Bedetse arongoye umurwi w’abatimbo b’ingoma Ikigabiro, umwe mu mirwi ya kera ku mugabane wa Bulaya uri mu gisagara ca Liege mu Bubiligi agira ati:

‘‘Ingoma ivyaye ngaha biragora uko turonka inshato zo kuyisubiriza. Ni co kimwe n’ingoma nshasha ntituzironka kuko ibiti zibazwamwo biri i Burundi. Ibidede n’ibitako vyo kwambara biva mu Burundi. Imirisho yo kuvuza ingoma ntahandi biva atari mu Burundi.

"Ikibabaje n'uko tubigura mu Burundi ariko abategetsi b’aho ntibatwemerere ko tubisohora igihugu, kandi tuba twabiguze amahera menshi, twarishe n’amatike.

"Badusaba impusha nyinshi bikatunaniza. N'ukuri n'amananiza. Sinzi ico baduhora ariko atagikozwe imirwi y’abatimbo na cane cane yo ku mugabane wa Bulaya irahakwa kuzimangana kandi duterera mw’iterambere."

Abandanya avuga ko ata co badakora kugira bamenyekanishe igihugu mu kwigisha ingoma abana bavukiye mu mahanga, kandi ngo n’abanyamahanga benshi barashima ingoma z’Uburundi.

Mugabo Bedetse avuga ko igihugu aho kubafasha kibananiza, agasaba abategetsi kubafasha ahubwo, kuko na bo baba bariko bateza imbere akaranga, gutyo inguvu z’abo batimbo ntizibe impfagusa.

Emmanuel Nkurunziza aba mu Budagi, n'umukurambere wo mu murwi Rukinzo legacy umaze imyaka 17 uvuza ingoma mu bihugu vy’i Bulaya na Canada na we nyene asaba abategetsi b'Uburundi kuborohereza.

Avuga ko hari n’abatari bazi igihugu c’Uburundi bakimenya kubera umurisho w’ingoma, ari na co gituma reta yari ikwiye kuborohereza.

Abatimbo bariko baravuza ingoma

Ahavuye isanamu, BBC Greatlakes

Insiguro y'isanamu, Ingoma ni kimwe mu bifasha abarundi bari mu bihugu vya Bulaya kwimara inkumbu z'akaranga k'igihugu cabo

N’abarundi baba mu hanze barashima akigoro k’abatimbo b’Abarundi baba mu mu bindi bihugu n'aho ibikoresho batabironkera ku gihe nk'uko Alexandrine Keza aba mu Bubiligi abivuga.

Agira ati: ‘‘Uravye ukuntu abatimbo batwibutsa iyo tuva, umuco wacu, bagatuma igihugu cacu kigira iteka, idarapo ryacu rigahungabana mu makungu biradushimisha cane, vyoba vyiza boroherejwe kuko uruhara rwabo ni ntangere mu barundi baba mu mahanga n’ababa mu gihugu."

Kuri iyo myidogo BBC yararondeye Therence Ntahiraja aserukira Uburundi mu bihugu vy’Ububiligi na luxembourg kugira agire ico abivugako.

Mu butumwa bugufi buciye kuri telephone agira ati:"Benshi mu gutuma ivyo bikoresho ntibaca mu buserukizi bw‘Uburundi.

Mu gihe bogura ingoma n’ibikoresho bijanye bakoranye n’ubuserukizi vyogenda neza bakabironswa kuko hari n’iyindi mirwi y’abatimbo imaze gufashwa."

Kuva itariki 27 z’ukwezi kwa Munyonyo (11) 2014, ingoma z’Uburundi zarashizwe ku rutonde rw’itunga kama ntasubirizwa kw’isi (patrimoine immaterielle) ry’ishami rya ONU riraba indero, ubumenyi, imuco n’akaranga UNESCO.

N'aho igitigiri kitaratororokanywa neza, imirwi y’abavuzi b’ingoma mu mahanga igereranywa ko iri hagati ya 35 na 50 ku mugabane wa Bulaya gusa.