Izaranze 2022: Twabonye impano zinyegeje za Perezida Evariste Ndayishimiye

Prezida Evariste Ndayishimiye

Ahavuye isanamu, Ntare Rushatsi House

Insiguro y'isanamu, Prezida Ndayishimiye akunda ingoma kuva akiri muto

Hari mu kwa mbere 2022, abakoresha imbuga hwaniro benshi batamariwe babonye umukuru w'u Burundi, Evariste Ndayishimiye, mu mwambaro w'abatimbo, atera imvyino yongera avuza umurisho.

Ku mafoto na za video vyahanahanywe ku mbuga hwaniro , Prezida Ndayishimiye aboneka ari ku nkiranya (ingoma ija imbere hagati) yambaye umwambaro ukwiye w'abatimbo (abakarazi mu kinyarwanda).

Yambaye kandi n'ibisharizo bijana birimwo n'ikirezi, afise n'imirisho hanyuma agatera abandi batimbo nabo bakitabira.

Umurisho uraheza ugatangura, Prezida Ndayishimiye, biboneka ko akanyamuneza kari kose, agatamba atarika agacishamwo akanasimba.

Umunsi udasanzwe ku batimbo ba Gishora

Ku rubuga twitter rw'ikirimba c'umukuru w'igihugu, Ntare Rushatsi House, basiguye yuko Prezida Ndayishimiye yariko "arasozera akaruhuko ka leta".

Prezida Evariste Ndayishimiye

Ahavuye isanamu, Ntare Rushatsi House

Insiguro y'isanamu, Ingoma mu Burundi yamye ari ikimenyetso c'ubutegetsi

Ubwo butumwa bugira buti "mu gusozera akaruhuko ka leta, Prezida wa Republika aherekejwe n'umutambukanyi wiwe yagendeye ikibanza ca Gishora kugira ashike mu kibanza cubashwe c'Ingomba z'u Burundi zashizwe mu murage w'isi."

Iyo nyandiko ibandanya igira iti "nk'umuvuzi w'ingoma abikunda kuva akiri muto, Prezida Ndayishimiye ntiyingingiwe kwifatanya n'abavuzi b'ingoma ba Gishora mu kuvuza umurisho kama w'akataraboneka."

Ikibanza c'iteka ku ngoma z'u Burundi ca Gishora nico kibitswemo ingoma za Ruciteme na Murimirwa zimaze imyaka 119.

Ico kibanza kandi carakoreshejwe nk'ingoro y'Umwami hakaba ari naho Umwami Mwezi Gisabo yashinze ibirindiro ariko arategura kwivuna igitero c'Abadage.

Prezida Evariste Ndayishimiye

Ahavuye isanamu, Ntare Rushatsi House

Insiguro y'isanamu, Mu gusosera akaruhuko ka leta Prezida Ndayishimiye yifatanije n'abatimbo ba Gishora

Ingoma za Gishora kandi ziri muri bimwe biratirwa ijisho mu bukerarugendo mu Burundi.

Muri urwo rwego nyene, Prezida Ndayishimiye yaheruka kugaragara kandi ku mbuga hwaniro, ari kumwe n'umuryango wiwe, agendera ibibanza bitandukanye vy'ubukerarugendo vyo mu Burundi, harimwo n'ibiyaga vyo mu buraruko bw'igihugu.