Reta y'Uburundi iragabisha abatimbo bari muri Nyege Nyege

Umurisho wa Gishora mu ntara ya Gitega wabaye uwa mbere mw'ihiganwa ry'imigwi y'ingoma yo mu ntara zose z'Uburundi hari muri Kigarama (12) 2021

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Umurisho wa Gishora mu ntara ya Gitega wabaye uwa mbere mw'ihiganwa ry'imigwi y'ingoma yo mu ntara zose z'Uburundi hari muri Kigarama (12) 2021

Ubushikiranganji bw’Uburundi bujejwe Afrika y’Ubuseruko, Urwaruka, inkino n’imico kama "buriyamiriza ikoreshwa nabi ry’ingoma z’Uburundi" mw’isabukuru Nyege Nyege ririko ribera muri Uganda. 

Amasanamu y’abavuzi b’ingoma z’Uburundi bambaye umwambaro w’ibendera ry’Uburundi bariko baravuza ingomba muri iri sabukuru yarakwiragijwe cane ku mbuga hwaniro. 

Ubu bushikiranganji bushira ku rubuga rwa Twitter amasanamu yerekana abagore bariko batamba, bavuza n’ingoma z’Uburundi mu buryo butamenyerewe mu bijanye n’umurisho w’ingoma z’Uburundi. 

Isabukuru ry’indirimbo n'intambo, Nyege Nyege, ririko ribera mu gisagara ca Jinja mu buseruko bwa Kampala muri Uganda kuva ku wa 16 z’uku kw’icenda, inyuma y’aho reta y’iki gihugu itangiye uruhusha ko rishobora kuba habanje kuba impari.

Isoko ryo muri ubwo bushikiranganji ryabwiye BBC ko umurwi w’aba batimbo bari muri iyi sabukuru batazwi na reta y’Uburundi kandi ko atari yo yabarungitse.

Buciye ku rubuga rwabwo rwa Twitter, ubu bushikiranganji bumenyesha ko budashobora “kwihanganira umuntu uwo ari we wese acafuza imico n’akaranga vy’Uburundi”. 

Bwandika buti: “Uburundi burazi ko ingoma z’Uburundi ziriko zirakoreshwa nabi mw’isabukuru Nyege Nyene 2022 muri Uganda”. 

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: BBC ntibazwa ibiva ku zindi mbuga.

Impera ya X ubutumwa

Ingoma z’Uburundi zanditswe mu murage ndangakaranga mw’ishirahamwe UNESCO kuva mu 2014, kandi ubu bushikiranganji buvuga ko kuzikoresha binyuranyije n’amategeko bihanwa. 

Si bwo bwa mbere reta y’Uburundi yiyamiriza abavuza ingoma z’Uburundi reta itabitangiye uruhusha, cane cane abarundi b’impunzi ziba hanze. 

Mu 2019, reta y’Uburundi yamenyesheje ko hari abantu bashatse kwiba no kwiyitirira umurisho w’ingoma z’Uburundi mw’ihiganwa "East Africa's Got Talent" ryariko ribera i Nairobi.

Ni inyuma y’aho umurwi witwa Himbaza Club wari ugizwe ahanini n’abarundi b’impunzi baba mu Rwanda witabiriye iri higanwa wambaye impuzu reta y’Uburundi ivuga ko zitemewe mu kuvuza ingoma.