Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Reta y'Uburundi iragabisha abatimbo bari muri Nyege Nyege
Ubushikiranganji bw’Uburundi bujejwe Afrika y’Ubuseruko, Urwaruka, inkino n’imico kama "buriyamiriza ikoreshwa nabi ry’ingoma z’Uburundi" mw’isabukuru Nyege Nyege ririko ribera muri Uganda.
Amasanamu y’abavuzi b’ingoma z’Uburundi bambaye umwambaro w’ibendera ry’Uburundi bariko baravuza ingomba muri iri sabukuru yarakwiragijwe cane ku mbuga hwaniro.
Ubu bushikiranganji bushira ku rubuga rwa Twitter amasanamu yerekana abagore bariko batamba, bavuza n’ingoma z’Uburundi mu buryo butamenyerewe mu bijanye n’umurisho w’ingoma z’Uburundi.
Isabukuru ry’indirimbo n'intambo, Nyege Nyege, ririko ribera mu gisagara ca Jinja mu buseruko bwa Kampala muri Uganda kuva ku wa 16 z’uku kw’icenda, inyuma y’aho reta y’iki gihugu itangiye uruhusha ko rishobora kuba habanje kuba impari.
Isoko ryo muri ubwo bushikiranganji ryabwiye BBC ko umurwi w’aba batimbo bari muri iyi sabukuru batazwi na reta y’Uburundi kandi ko atari yo yabarungitse.
Buciye ku rubuga rwabwo rwa Twitter, ubu bushikiranganji bumenyesha ko budashobora “kwihanganira umuntu uwo ari we wese acafuza imico n’akaranga vy’Uburundi”.
Bwandika buti: “Uburundi burazi ko ingoma z’Uburundi ziriko zirakoreshwa nabi mw’isabukuru Nyege Nyene 2022 muri Uganda”.
Ingoma z’Uburundi zanditswe mu murage ndangakaranga mw’ishirahamwe UNESCO kuva mu 2014, kandi ubu bushikiranganji buvuga ko kuzikoresha binyuranyije n’amategeko bihanwa.
Si bwo bwa mbere reta y’Uburundi yiyamiriza abavuza ingoma z’Uburundi reta itabitangiye uruhusha, cane cane abarundi b’impunzi ziba hanze.
Mu 2019, reta y’Uburundi yamenyesheje ko hari abantu bashatse kwiba no kwiyitirira umurisho w’ingoma z’Uburundi mw’ihiganwa "East Africa's Got Talent" ryariko ribera i Nairobi.
Ni inyuma y’aho umurwi witwa Himbaza Club wari ugizwe ahanini n’abarundi b’impunzi baba mu Rwanda witabiriye iri higanwa wambaye impuzu reta y’Uburundi ivuga ko zitemewe mu kuvuza ingoma.