Kenya 2022: UN irashima ko amatora yabaye mu mahoro

Ahavuye isanamu, AP
Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU/UN, Antonio Guterres yashimiye abanye Kenya kuba barabungabunze amahoro mu gihe c'amatora.
Mw'itangazo, umunyamabanga mukuru yashimiye akanama kajejwe gutunganya amatora n'abategetsi ba Kenya mu kuba karitwararitse ko abitavye amatora bakora ico gikorwa bafitiye uburenganzira mu mwidegemvyo, nk'uko biri mw'ibwirizwa shingiro.
Yasavye abanyepolitike n'abatoye gutekana no kwigumya igihe bakirindiriye ko iharurwa ry'ivyavuye mu matora rirangira.
Abantu 65.4 kw'ijana y'abiyandikishije gutora bashika imiliyoni 22.1 ni bo bitavye ico gikorwa itariki 9 z'ukwezi kw'umunani 2022.
Akanama kajejwe gutegura amatora ntikaratanga ibiharuro ntabanduka vy'abitavye amatora.
Ibiharuro vyerekana ko abitavye amatora bagabanutse ugereranije n'ayo mu mwaka wa 2017 aho abashika 80% z'abari biyandikishije gutora imiliyoni 19 ari bo bitavye ico gikorwa.
Bigaragara ko icegera c'umukuru w'igihugu William Ruto n'umunyepolitike atavuga rumwe na reta Raila Odinga ariko ashigikiwe na prezida Uhuru Kenyatta, ari bo baza imbere mu biharuro.
Gushika ubu akanama kajejwe gutegura amatora karamaze kwegeranya ibice 99% vy'amajwi.
Ako kanama kavuga ko kadashobora kugira ico gashikirije imbere y'uko kegeranya ibiharuro vyose .
Ako kanama kandi gafise imisi indwi ngo kabe kashikirije ivyavuye muri ayo matora.










