Kenya 2022: Odinga na Ruto barabangabanganywe mw'ihiganwa rya prezida

Ahavuye isanamu, AFP
Ingorane z'ibikoresho n'ubuhinga bwo gusuzuma umwidondoro w'abatora butakoze neza mu bice bimwe vy'igihugu vyatovye amatora ahanini yabaye mu mahoro muri Kenya.
Amatora vyari bitegekanijwe ko arangira isaha cumi n'imwe z'umugoroba mu masaha yo muri Kenya ariko aho yatanguye atevye amasaha yongerejwe.
Ayo matora abaye inyuma y'imyiyamamazo ikomeye yashingiye ahanini ku bibazo vy'ubuzima buguma buzimba, ku bushomeri hamwe n'ibiturire.
Abaza imbere mu mahirwe yo gutsindira intebe y'umukuru w'igihugu ni uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Raila Odinga hamwe n'uwusanzwe ari icegera c'umukuru w'igihugu Williamn Ruto.
Abanya-Kenya bari baramutse kandi batora inama nshingamateka nshasha hamwe n'abarongoye inzego z'intara n'utundi turere tw'intwaro mu gihugu.
Mu gihe c'isaha 10 zo ku mugoroba, umugwi ujejwe amatora uvuga ko hari hamaze gutora abantu 12.065.803 kuri 22.120.458 biyandikishije, ni ukuvuga 56.16% (kw'ijana) hatarimwo abatoreye ku mpapuro.
Umwe mu bajejwe amatora mu ntara ya Nyeri yabwiye abamenyeshamakuru ko urugero rw'abitavye amatora rwabaye ruto agereraranije no mu 2017.
Guhurara amajwi vyari bitegekanijwe amatora arangiye, amajwi y'umukuru w'igihugu akaba ari yo aharurwa ubwa mbere.
Igihe yaja gutora muri Kibera, Raila Odinga yakiriwe n'isinzi ry'abantu muri ako karere afisemwo abanywanyi benshi cane ku murwa mukuru Nairobi.
Odinga ntaco yabwiye abamenmyeshamakuru, ariko umugore wiwe, Ida Odinga, yavuze ko "anezerejwe cane n'amatora".

Ahavuye isanamu, Reuters
Igihe Ruto yatora mu gisagara ca Eldoret muri Rift Valley, yiyemeje kuzokwemera ibivuye mu matora.
Yabwiye BBC ati : " Nibaza ko ubwa mbere muri kahise ka demokrasi ishingiye ku migambwe myinshi muri Kenya, abakandida bose biyemeje kuzokwubahiriza ibizova mu matora".
Impari ziturutse ku vyavuye mu matora mu 2007 vyatumye haba intureka yamaze amayinga, igwamwo abantu bashika 1.200, ituma abandi bashika 600.000 bahunga ingo zabo.

Ahavuye isanamu, Reuters
Ugutora hari hamwe hamwe kwatanguye gutevye harimwo muri Westlands ku murwa mukuru Nairobi.
No mu karere ko kw'ibahari i Mombasa no bice bimwe bimwe vyo mu buraruko bushira ubuseruko habaye ugucererwa.
Mu karere ka Kakamega, mu burengero, zimwe mu mashine zifata amakanda y'intoke vyanse ko zikora.
Ariko umugwi ujejwe amatora wavuze ko mu gihugu cose imashini zanse gukora ari 200 ku 46.000 .
Ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu mu 2017 vyarafuswe na sentare ntahinyuzwa ku ngingo y'uko umugwi ujejwe amatora utari wakurikije amategeko mu gukoresha ubuhinga bwo kurungika amajwi kuva ku bibanza vy'amatora.
Ico gihe amatora yaciye asubirwamwo atsindwa na Uhuru Kenyatta ariko Odinga yanka kuyitaba- ico gihe niwe yari uwuza imbere mu batavuga rumwe n'ubutegetsi.
Umukuru w'umugwi ujejwe amatora, Wafula Chebukati, yagumye yizeza abanya-kenya ko ubu ibintu bizogenda neza.










