Kenya: IEBC yahagaritse amatora y'abakuru b'intara i Mbombasa na Kakamega

Ahavuye isanamu, IEBC
Umukuru w'akanama kajejwe gutegura amatora muri Kenya IEBC, Wafula Chebukati yamenyesheje ko amatora y'abakuru b'intara zine atazoba bivuye ku mpapuro z'amatora zitanditse neza.
Izo ntara ni Mombasa, Kakamega, Pokot South na Kacheliba.
Ibiranga abitoza n'amafoto yabo ntivyari bijanye.
Hagati aho, akanama kajejwe gutegura amatora kavuga ko kazokoresha ubuhinga bw'imashini mu gusuzuma amazina y'abaje gutora nk'uko vyemejwe na sentare y'iyungururizo, yahinduye icemezo cari cafashwe na sentare nkuru ya Nairobi yari yategetse ako kanama gukoresha impapuro mu kuraba abiyandikishije gutora.
Umukuru w'ako kanama Wafula Chebukati yavuze ko bagiye gukora ivyo iyo sentare y'iyungururizo yategetse, bashire ku ruhande ingingo yaheruka gufatwa.
Umugambwe UDA wari wituye sentare y'iyungururizo usaba ko iyo ngingo yari yafashwe na sentare nkuru yo gukoresha impapuro yoteshwa agaciro.
Umugwi w'abacamanza batatu wavuze ko akanama kajejwe gutegura amatora kazokoresha ibiri muvyategetswe mu rubanza rwa NASA mu 2017 aho sentare yategetse ko IEBC ikoresha impapuro ahantu gusa ubuhinga bw'imashini KIEMS bwanse gose, ata buryo bwo kubikora canke kuronka ibindi.






