Kenya: ubuzima ni ingorane mu turere duhanzwe n’ubukene bw’imfungurwa

Inkuru ya Anne Soy

Umunyamakuru wa BBC Africa

Abagore

Uruzuba, Covid-19 hamwe n’intambara ya Ukraine vyateje ubukene bw’imfungurwa mu karere k’ihembe rya Afrika, aho imiriyoni z’abantu bahanzwe na kigoyi. Umunyamakuru wa BBC Anne Soy yarishikiye mu buraruko bwa Kenya ahasanzwe hakenye imfungurwa, abenshi bakaba batorohewe mu kuronka ico bahereza umunwa n’imiryango yabo.

line

Ku kigo gitangirwako imfungurwa mu kigwati ca Kachoda, umuvyeyi ahawe intete n’amavuta yo guteka afise akamwemwe - ariko nta tuguvu agisigaranye two kuvyiremeka. Utwo aronse turamukorokanye ariko agerageza kutwiremeka.

Ariko ni umwe muri bakeya bagize amahirwe yo gucagurwa ngo abe mu bahabwa iyi mfashanyo – hari amajana n’amajana bahagaze hanze y’iki kigo, abenshi muri bo bafise imifuko igaragara.

Ntivyoroshe kubona icatsi kibisi muri kano karere kagadutse, hafi y’urubibe rwa Ethiopia na Sudani y’Epfo.

Najanye na Samantha Power arongoye ishirahamwe rya Amerika rijejwe iterambere (USAid). Yarasavye ko amakungu yofasha gusumba kugira “ntihabe kigoyi” muri kano karere.

Avuga ko Amerika yonyene idashobora kwikorera umuzigo w’abantu bose bakeneye imfashanyo yihuta muri Afrika.

Dusubiye inyuma kuri iki kigo citangirwako imfashanyo, komite igizwe n’ababa muri aka karere ifise igikorwa kidasanzwe co kugena abashobora kuronswa izi mfashanyo zitanakwiye.

Abana bananutse kubera inzara, bamwe bafise imifuko igaragara, bahagaze hanze y'ikigo gitanga imfashanyo, bararindiriye kugira barabe ko hari ico boronka
Insiguro y'isanamu, Abana bananutse kubera inzara, bamwe bafise imifuko igaragara, bahagaze hanze y'ikigo gitanga imfashanyo, bararindiriye kugira barabe ko hari ico boronka

Enos Lochul, umukuru w’iyi komite, avuga ko bashira imbere ba ntahonikora gusumba. Ariko na we nyene ubwiwe yarakozweko.

Asigura ingene yabaye umusezi inyuma y’aho uruzuba rumaze igihe kirekire rumutwariye utwo yari azeyeko uburaro n’uburamuko – ubworozi bwiwe, avuga ati: "Numva mbabaye cane, birambabaza umutima”.

"Abana baza bansaba indya, nanje nta buryo mfise bwo kuzirondera. Nta kindi nkora atari ukurira. Ni amosozi gusa akoroka. Bansaba amafaranga y’ishure, ariko nta kintu na kimwe mfise”.

Vyabaye nombwa ko abana bata ishure, umugore wiwe nawe agategerezwa guca amakara no gusenya inkwi kugira ngo ashobore kugurisha.

Enos Lochul asanzwe arongoye abandi kuri uwo mutumba yatakaje ibitungwa vyiwe vyose
Insiguro y'isanamu, Enos Lochul asanzwe arongoye abandi kuri uwo mutumba yatakaje ibitungwa vyiwe vyose
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Umupfasoni Power, yahoze aserukira Amerika mw’ishirahamwe ONU, avuga ko USAID yashoboye kwegeranya amadorari y’abanyamerika imiriyoni 200 yo gufashisha Kenya, aho umuliyoni w’abana bafise ingorane ziturutse ku gufungura nabi, “ariko harakenewe n’ayandi menshi”.

Ati: "Aha tuvuga ku bantu benshi batagira ikibabeshaho, n’uko hari abantu benshi bashobora gupfa.

“Nico gituma Amerika yaciye iza gufasha, ariko hano ibikenewe ni vyinshi cane ku buryo ata gihugu na kimwe cokwikorera umuzigo conyene”.

Amashirahamwe y’ubutabazi harimwo ishami rya ONU rijejwe imfungurwa, PAM/WFP, avuga ko abantu bababa imiriyoni 50 bo mu bihugu vy’akarere k’ihembe rya Afrika - ibi bikaba ari Somalia, Djibouti, Ethiopia, Kenya, Uganda, Sudani y’Epfo na Sudan – bashobora guhura n’ingorane zikomeye z’imfungurwa muri uno mwaka mu gihe batoronswa imfashanyo yihuta.

Umupfasoni Power ati: "Aha hari ibibazo vyo kubaho”.

Mpagaze kuri bariyeri ndaba ingene abantu bakeya bacaguwe ngo baronswe iyi mfashanyo y’imfungurwa biremeka canke baheka ku mugongo utwo baronse. Hari bamwe bakoresha inkorofani.

15% gusa y’ababa mu kigwati ca Kachoda nibo bazoronswa imfungurwa, nk’uko nabibwiwe n’umukozi wo mu gisata c’ubutabazi. Harimwo abantu bagendana ubumuga, imiryango yatakaje ubworozi bwayo bwose hamwe n’abagore bafise abana bato.

Samantha Power (uyo ari hagati), avuga ko hari ikibazo co kubaho
Insiguro y'isanamu, Samantha Power (uyo ari hagati), avuga ko hari ikibazo co kubaho

Umuremeshakiyago Emily Emoru avuga ati: "Hari ingorane zikomeye cane ziturutse ku gufungura nabi mu bana bari musi y’imyaka itanu”.

Abagore benshi bafise abana barwaye indwara ziturutse ku gufungura nabi babonanye na Samantha Power ku kigo c’ivuriro ca Kachoda.

Umwe muri bo yari Achwaa Katabo, nyina w’abana umunani. Ateruye akana k’imyaka itatu kanyunyutse, asigura ko igihe cose aronse imfungurwa zategerezwa kumara ukwezi canke amezi abiri, ategerezwa kuzigabura n’incuti n’ababanyi ku buryo usanga zitamara n’imisi. Impene ziwe zose zarapfuye kubera inzara.

Umwana wiwe yaranditswe ku rutonde rw’abategerezwa guhabwa ingaburo nyogeragaciro kuri iryo vuriro, ariko Emily avuga ko ari ivy’akanya gato.

Uyu mugore asigura ati: "Bamaze kurungikwa mu kibano, muri wa muhana utagira ikintu na kimwe co gufungura, aba bana baca basubira kurwara”.