Kenya: Abakikuyu bigabuye hagati y'abashigikiye Ruto na Odinga mu matora ya 2022

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu bwoko bw'abakikuyu bufise amajwi menshi muri Kenya, ivyiyumviro biratandukanye ku ngingo prezida Uhuru Kenyatta yafashe yo gushigikira uwahoze ari umukeba wiwe Raila Odinga, areka icegera ciwe William Ruto, mu kibanza c'uwuzomusubirira mu matora babangabanganyemwo azoba itariki 9 z'ukwezi kw'umunani.
Kenyatta - ahejeje ibiringo vyiwe bibiri ari ku butegetsi, yabonwa nk'umuntu wabo mbere abageze mu zabukuru bamwita n'akamwemwe kenshi "umuhungu wacu".
Ariko igihe BBC yagendera akarere ka Nyeri - kari mu ntara ya Mount Kenya igwiriyemwo abakikuyu - vyaragaragaye ko urukundo bari bamufitiye rwagabanutse kubera ingingo yafashe yo gushigikira Odinga muco yise kwunga ubumwe inyuma y'imyaka itari mike y'imishamirano.
Umunyamategeko Wahome Gikonyo we yumva ko Kenyatta yahemukiye Ruto, yamufashije gutsinda mu matora incuro zibiri zose bahanganye na Odinga.
Avugana na BBC mu biro vyiwe biri mu gisagara kinini co muri iyo ntara, Nyeri, Gikonyo yagize ati: "Ruto yakoze akazi k'indogobwe mu 2013 na 2017. Iyo ataba we, Uhuru ntiyari kuba prezida. Uko ni ko umuntu asubiriza mu ndumane umugenzi?"
Bamwe mu bahaba nk'umukozi w'Imana Hannah Kanyuthere, yumva ko Kenyatta atari akwiye kuja mu ntambara yo kurondera uwuzomusubirira.
Yongeyeko ati: "Kubera iki prezida yagize uruhande yegamiye muri aya matora? N'aho icegera ciwe coba kibi gute, yategerezwa kutagira uruhande yegamiye."
Ariko umudereva wa Taxi, Hassan Kahoro we arashigikiye Kenyatta, avuga ko, kubera ikibazo c'amoko ari co kiza imbere muri politike ya Kenya, igihe cari kigeze kugira abo mu bwoko bw'aba Luo na bo baronke umuprezida - Odinga.

Igihe yariko arashikiriza ijambo abantu bari bakoraniye kw'isoko nkuru, Kahoro yagize ati: "Dutegerezwa guha akaryo aba Luo na bo batware. Ninde yavuze ko igihugu gitegerezwa gutwarwa n'abakikuyu gusa hamwe n'abakalenjine?"
Aha yashaka kuvuga ko mu baprezida bane bamaze gutwara Kenya kuva yikukiye, batatu ari abakikuyu. Umuhisi Daniel arap Moi - yatwaye umwanya muremure, imyaka 24 - akaba yari umukalenjine, ubwoko basangiye na Ruto.
Na Welder Jackson Maina na we nyene ashigikiye ingingo ya Kenyatta yo gushigikira "Baba", canke "Data" izina abayoboke ba Raila w'imyaka 77 bamutaziriye.
Ahagaze hanze y'aho adandariza, yagize ati: "Turashigikiye twivuye inyuma prezida rero turi inyuma ya Baba."
Igisagara ca Nyeri cuzuyemwo ibitambara n'ibindi bakoresha mu kwiyamamaza mu gihe amatora yegereje.
Indirimbo zihayagiza abitoza bose zirumvikana hose.
Indirimbo imwe - y'umuririmvyi rurangiranwa muri Kenya Ben Githae - ivuga ko Kenya izoba ari nyabagendwa irongowe na Odinga bari kumwe na Martha Karua - yahoze ari umushikiranganji w'ubutungane akaba n'umukikuyu "umukobwa w'imvukira" ya Mount Kenya.
Urundi ruririmbo - rw'umunyepolitike Betty Maina - ruhamagarira abantu gusidukana n'iyonka gutora Ruto, yahisemwo umukikuyu w'umugwizatunga wo mu karere ka Nyeri ngo azomubere icegera, Rigathi Gachagua.

N'aho Gachagua afise ikibazo co kuguma yagirizwa igiturire, n'umuntu azi kwegeranya abantu benshi mu myiyamamazo kandi yumvirwa n'abakikuyu bafise ubuzima bubayabaye.
Umupfasoni Karua ni rurangiranwa n'ahandi atari mu bakikuyu gusa - akaba azwi cane mu mwete wiwe wo gusubiramwo ivyerekeye ubutungane no kugwanya igiturire muri reta.
Ariko mu gihe umuntu yofatira ku biharuro biherutse kwerekanwa na Tifa, yaba we cane Kenyatta, nta n'umwe yashoboye kugondoza abakikuyu benshi gutora Odinga. Ivyo biharuro vyerekana ko Ruto ari we aza imbere mu biharuro muri Mount Kenya - ku majwi 66% mu gihe Odinga ari 27%.
Ku rwego rw'igihugu, uko ibintu vyifashe biratandukanye, aho ibiharuro bishira imbere Odinga n'amajwi 46.7% - amajwi atamuha intsinzi yo kuba prezida, kuko kugira atahukane intsinzi ategerezwa kuronka amajwi 50% kugira ntihabe amatora agira kabiri.
Impande ko ari zibiri rero zitegerezwa gukoresha inguvu nyinshi mu kugondoza abazoja mu matora kubaha amajwi mu misi ya nyuma yo kwiyamamaza.
Ingingo ya Kenyatta yo gushigikira Odinga ntiyacanishijemwo gusa abakikuyu - bagize igice kinini c'abatora - n'umuryango wiwe n'uko.
Muvyarawe Kungu Muigai yabwiye ibinyamakuru vyo muri Kenya ko prezida atisunze ingingo y'abakurambere b'abakikuyu mu gusuzugura umwumvikano wo mu 2013, wasaba ko mu kwishura boshigikira abakalenjine igihe ibiringo bibiri vyiwe bizoba biheze.
Uko gucanamwo kuranebagurwa n'abakurambere b'abakikuyu, nka Nduhiu Njama w'imyaka 100, yatwakiriye ku muhana iwe i Tetu mu karere ka Nyeri.
Atwereka ifoto zo muri kahise yagize ati: "Twaronse intahe yo kwikukira kubera twari dufatanye mu nda. Ubu ivyo tubona ni ukwigungirako kuzodukorako."
Abakikuyu benshi n'abarimyi. Imirima y'ikawa n'icayi hamwe n'impongore z'inka zikamwa ni vyo bikwiragiye mu karere ka Mount Kenya.

Amabaraba mu misozi akozwe neza ku buryo vyorohera abarimyi gutwara ivyo bimbuye.
BBC yaragendeye abarimyi hagufi y'igisagara ca Othaya, ahahoze haba umuhisi prezida Mwai Kibaki.
Mu gihe yariko aragaburira inka ziwe zikamwa yavuze ko ashigikiye Ruto.
Uwo mugabo w'imyaka 40, afise abana batatu, avuga ico yiyumvira ku matora basangiye n'abandi benshi yagize ati: "Ruto n'umurimyi nkanje kandi igihe yari umushikiranganji w'uburimyi yarazanye impinduka zatumye abarimyi b'icayi baronka agasunuzo kanini katari bwaboneke. Ndazi ko azoteza imbere igisata c'uburimyi."
Ariko bamwe baranse kugira ico bavuga k'uwo bashigikiye - bikaba bidatangaje mu gihe impari zisa nizikomeye.
Ariko yamura ikawa yiwe iteye muri hegitari 80, Mercy Muthoni, afise abana bane yagize ati: "Twikenereye imfashanyo y'umwavu reta yoduha kugira umwimbu w'ikawa yacu wongerekane."
Aho ni mu gihe uwurongoye ishirahamwe ry'abarimyi b'i Othaya, Gathua Nderitu we avuga ko ata n'umwe ashigikiye muri aya matora.
Yabwiye BBC ati: "Nta co mu vy'ukuri nitayeho ku wuzoba prezida inyuma y'itariki 9 z'ukwezi kw'umunani."










