LIVE: Ibyavuye mu matora ya Kenya – William Ruto niwe watsinze

Abakandida bahatanye ku mwanya wa Perezida mu matora yo muri Kenya 2022

Gutora byarangiye muri Kenya. Abakandida bane barimo guhatanira kuba perezida, abatora kandi bahisemo ba guverineri, abasenateri, abadepite, n'abadepite b'inteko z'intara.

BBC irimo gukoresha amakuru ashyirwa ku rubuga rwa komisiyo y'amatora ya Kenya (IEBC) mu kubara amajwi y'agateganyo mu matora ya perezida. Mu gihe iyi komisiyo irimo kugenzura ibi byose, hashobora kuba gukerererwa mu buryo BBC ishyiraho amakuru mashya. Ku itegeko ry'amataora rya Kenya, IEBC niyo izatangaza bwa nyuma ibiva mu matora ya perezida.

Kora 'refresh' ubone amakuru aheruka.

Ibyavuye mu matora ya 2022 ya Kenya

Gutsinda ku kiciro cya mbere, umukandida agomba kugira 50% +1 by'amajwi kandi akagira nibura 25% mu ntara 24 kuri 27


Biheruka kuvugururwa: 15/08/2022, 18:59:32 EAT

Ibyavuye mu matora bya nyuma byatangajwe na IEBC

AbakandidaAmajwi
William Ruto
50%
50.5%
7,176,141
William Ruto
7,176,141
Ihuriro Kenya Kwanza
Amajwi: 7,176,141
Nibura 25% by'amajwi y'intara 39/47
Raila Odinga
48.8%
6,942,930
Raila Odinga 6,942,930
Ihuriro Azmio la Umoja
Amajwi: 6,942,930
Nibura 25% by'amajwi y'intara 34/47
George Wajackoyah
0.4%
61,969
George Wajackoyah 61,969
Roots Party
Amajwi: 61,969
Nibura 25% by'amajwi y'intara 0/47
David Mwaure
0.2%
31,987
David Mwaure 31,987
Agano Party
Amajwi: 31,987
Nibura 25% by'amajwi y'intara 0/47
Abandi bakandida
0.6%
93,956
Abandi bakandida 93,956

Urutonde rw'abasenateri ugendeye ku mashyaka/amahuriro

Biheruka kuvugururwa: 16/09/2022, 11:03:31 EAT

Ishusho y'amakuru y'ibyavuye mu matora iri hepfo, irerekana buri mwanya muri Sena mu kadomo k'ibara.
IshyakaImyanya
Ihuriro Kenya Kwanza33
Ihuriro Azmio la Umoja32
Amashyaka adafite ihuriro2
Ibitatangajwe0
Aho biva: Komisiyo y'amatora

Iyi shusho irimo uko imyanya 20 yagenewe abagore, urubyiruko, n'umuntu ufite ubumuga izagabanywa mu mashyaka.

Ni irihe huriro ry'amashyaka rigenzura Inteko?

Biheruka kuvugururwa: 16/09/2022, 10:51:01 EAT

Ishusho y'amakuru y'ibyavuye mu matora iri hepfo, irerekana buri mwanya mu nteko mu kadomo k'ibara.
IshyakaImyanya
Ihuriro Azmio la Umoja168
Ihuriro Kenya Kwanza167
Amashyaka adafite ihuriro/abadepite bigenga14
Ibitatangajwe0
Aho biva: Komisiyo y'amatora

Iyi shusho irimo uko imyanya 12 yagenewe abagore, urubyiruko, n'umuntu ufite ubumuga izagabanywa mu mashyaka.

Ni bande bahiganirwa gutwara Kenya

Menya vyinshi ku bitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu muri Kenya

Hitamwo uwo ushaka kumenya ibimuranga

Raila Amollo Odinga

Urunani Azimio la Umoja Coalition

  • Uwo mugabo w'imyaka 77 ni umu enjeniyeri yize kuri kaminuza y'ubuhinga ya Bagdeburg (ubu izwi nka kaminuza ya Otto-von-Guericke University Magdeburg) mu Budagi.
  • Yitoza kw'izina ry'umumgabwe w'urunani rwa Azimio la Umoja One Kenya
  • Ubu buzoba bubaye ubwa gatanu agerageza inyuma yo kwitoza mu: 1997, 2007, 2013 no mu 2017.
  • Raila Odinga ni umwe mu bantu baharaniye cane demokrasi ishingiye ku migambwe myinshi muri Kenya. Yarahagaritswe, arapfungwa, yarigeze no guhunga kubera kubirwanira.
  • Yarabaye umushikiranganji wa mbere, kuva mu 2008-2013.
  • Odinga yari inyuma y'imigambi mikuru mikuru yaranguwe na reta ya Kibaki, nko gushira amatara mu gihugu hagati no kwubaka amabarabara.
  • Gushika ku kwiyongera kw'ubutunzi ku rugero rwo hejuru ya 10 mu gushira imitahe mu bugwizatunga buciriritse no mu gisata c'amahinguriro
  • Kwitaho amagara meza kuri bose
  • Gushiraho ibibanza vy'inkino no kwinezereza kugira habe iterambere ry'abantu ku mubiri, mu mutwe, mu mibano no mu kubaho uko bibereye.
  • Inyuma y'igerageza ryo gutembagaza ubutegetsi ku wa mbere ukwezi kw'umunani mu 1982, Raila yarahagaritswe, yagirizwa ivyaha vyinshi, birimwo guhemukira igihugu arabipfungirwa ata rubanza rubaye. Umugwi w'ukuri, ubutungane n'ugusubiza hamwe wabwiwe mu 2011 ko Raila yavugana n'uwari kw'isonga ry'iryo gerageza. Odinga yagumye ahakana ko atarimwo -Kenya National Archives

William Samoei Ruto

Urunani Kenya Kwanza Alliance

  • Uwo mugabo w'imyaka 55 afise urupapuro rw'umutsindo rwa doctorat canke PhD muri Plant Ecology/Ecologie vegetale na Licence canke BSc muri Botannique na Zoologie yize kuri Kaminuza ya Nairobi (University of Nairobi).
  • Yitoza kw'izina ry'umugambwe w'urunani United Democratic Alliance (ucuditse na Kenya Kwanza)
  • Yabaye umukuru wa Youth for Kanu '92 (YK'(92) utasize izina ryiza.
  • Ubushikiranganji bwiwe bwabaye intangarugero mu gukora neza muri reta aho yari umushikiranganji w'uburimyi.
  • Yabaye uwa mbere abaye icegera c'umukuru w'igihugu kw'ibwirizwa nshingiro rishasha ryo mu 2010.
  • Yabaye umushingamateka wa Eldoret North kuva mu 1997-2007.
  • Gushira miriyoni 424 z'ama dorari ku mwaka mu migambi y'ubugwizatunga mito mito n'iyibayabaye.
  • Gushiraho ikigega c'igihugu c'amashure kugira citeho ivyankenerwa bitari amafaranga y'ivyigwa
  • Gushira mu ngiro vyuzuye itegeko ryerekeye ibitsina ry'ivya 2/3 mu mabanga ya poritike hanyuma 50% y'abagize reta yiwe babe abagore
  • Mu 2008, Sentare Nkuru ya Kenya yategetse ko icegera c'umukuru w'igihugu William Ruto asubiza itongo ringana na hegitari zirenga 40 yongere arihe ama dorari 62,500 Adrian Muteshi, umurimyi yari yamwagirije kwigarurira itongo ryiwe inyuma y'amatora yo mu 2007 -Kenya Law
  • Mu 2011 Ruto yarahanganye n'uburubanza ku vyaha bitatu bikorewe zina muntu: kugandagura, kwangaza no kurungika ku gahato hamwe no kuburabuza abantu muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ICC Inyuma y'imyaka itanu iyo sentare yarahevye urwo rubanza ku mvo y'uko -ivyemezo vy'umushikirizamanza bitari bifashe -ICC

George Wajackoyah

Umugambwe Roots

  • Uwo mwigisha wa kaminuza w'imyaka 66 afise maitrise/master mu mategeko y'iterambere yaciye kuri kaminuza ya Warwick na maitrise/master mu mategeko yo kuri kaminuza ya Baltimore
  • Wajackoyah yitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu kw'izina ry'umugambwe Roots
  • Yarakoze nk'umugenduzi muri Special Branch ku butegetsi bw'umuhisi prezida Daniel Arap Moi imbere y'uko ahatirwa guhungira mu mahanga n'abategetsi kugira ntaje imbere y'ubucamanza.
  • Akorana n'abandi muri kompanyi y'amategeko yashinze mu 2018.
  • Yarigishije amategeko n'ubutunzi muri kaminuza za Amerika, Ubwongereza na Kenya.
  • Kurekura ko urumogi (marijuana) rurimwa ku bucuruzi
  • Gushinga ko iminsi y'akazi iba kuva ku wa mbere gushika ku wa kane
  • Kuvura ku buntu no gushigikira abasaza, abafise intege nke n'abagore bafise inda.

David Mwaure Waihiga

Umugambwe Agano

  • David Mwaure ariko yitoza kw'izina ry'umugambwe Agano
  • Ni we mukuru w'umugambwe Agano
  • Afise urupapuro rw'umutsindo mu mategeko yaciye kuri kaminuza ya Nairobi (University of Nairobi) akaba afise Maitrise/masters mu vyigwa vy'uburongozi (leadership studies).
  • N'umushingwamanza mukuru kandi amaze imyaka irenga 30 akora uwo mwuga w'amategeko
  • Afise kompanyi y'amategeko kandi amaze kwitoza mu bibanza bitandukanye vya poritike
  • Yashinze umugambwe Agano mu 2006
  • Kugwanya igiturire cabaye akaranda
  • Kugwiza ubuzi
  • Gutahukana ubutunzi bwa Kenya bunyegejwe hanze