Amatora ya Uganda: Reta ya Amerika isabwa kwihweza gushasha imigenderanire yayo na Kampala

Umukuru wa komite ijejwe imigenderanire mu nama nkenguzamateka ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika Jim Risch avuga ko ubutehetsi bwa Donald Trump bukwiye gusubiramwo ubucuti bufitaniye na Uganda kubera ibiherutse kuba mu matora.

Mw'itangazo yaraye asohoye, umukenguzamateka Jim Risch agaruka ku matora aheruka muri iki gihugu ca Afrika y'Ubuseruko akavuga ko yabayemwo amanyanga kugira ngo Perezida Museveni agume ku butegetsi.

"Amatora ya Uganda – nk'ayaheruka muri Tanzania - yari amatora y'ukwiyerekana gusa, agamije kwemeza ikiringo c'indwi ca Perezida Yoweri Museveni ku butegetsi amazeko imyaka 40".

Avuze ibi inyuma y'amatora aheruka muri Uganda, aho Museveni yatangajwe ko ari we yayatsinze ku bice 71%, umukeba wiwe na we Robert Kyagulanyi Ssentammu azwi kw'izina rya Bobi Wine agatangazwa ko yaronse 20%, akaba atemera ivyayavuyemwo.

Perezida Museveni yaronse ubutumwa butari buke bw'abategetsi bamukeza, harimwo na Perezida Vladimyr Putin w'Uburusiya amwipfuriza amahirwe, mu gihe arindiriye kurahirira ikiringo ciwe gishasha.

Uno mukenguzamateka avuga ko nubwo Uganda ari umufatanyabikorwa wa Amerika mu karere, gusumba Tanzania, "ubutegetsi bwayo bushingiye cane cane ku bikorwa vyo gutoteza abanyaporitike, kunyuruza, gufunga no gutera ubwoba abatavuga rumwe na reta, no gukoresha nabi umutungo w'igihugu kugira ngo yigumize ku butegetsi", nk'uko biri muri iri tangazo.

Umukuru w'iyo komite abandanya kandi avuga ko Uganda ifitaniye isano n'ibikorwa vyo guteza umutekano muke mu karere, "ibi bigatuma intwaro iboneka ko ikwiragiza umutekano muke hanze".

Avuga ko ingendo zerekanywe na Taanzania hamwe na Uganda zishobora gutanga akarorero kabi ku bindi bihugu vy'akarere vyimirije amatora.

Agira ati: "Tanzania na Uganda biri mu nzira imwe, ibi bigateza impungenge zikomeye ku ngaruka bishobora kugira ku bindi bihugu vyimirije amatora, harimwo Ethiopia na Kenya".

Avuga ko ashima ingene ubutegetsi bwa Trump buriko burondera inyungu mu vy'ubudandaji n'umutekano mu karere, ariko akavuga ko bishobora kugorana aravye ingene ibintu bibandanya ubu.

Uno mutegetsi mu nama nkenguzamateka asaba ko, nk'uko vyagenze kuri Tanzania, ubutegetsi bwa Perezida Trump bwihwezwa gushasha imigenderanire bufitaniye na Uganda mu vy'umutekano, uhereye ku kwihweza nimba vyoba ngombwa ko hafatwa ibihano ku bategetsi bamwebamwe, "harimwo Jenerali Muhoozi Kainerugaba".

Asohoye iri tangazo inyuma y'uko Bobi Wine atavuga rumwe n'ubutegetsi avuze ko umugore wiwe Barbie Kyagulanyi yugaraniwe mu cumba kimwe muhira iwe agakubitwa, agasinzikara.

Ni mu gihe kandi Bobi Wine amaze igihe yifatirwa mu gahanga n'uno mukuru w'igisirikare ca Uganda Jenerali Muhoozi Kainerugaba aho yagiye yandika urukurikirane rw'ubutumwa ku rubuga rwa X kuva mu ntango z'ino ndwi, aho yavuga ko Wine yariko arahigwa, amusaba kwishikana, canke naho ahigwe yicwe.

Jenerali Kainerugaba yarafuse ubutumwa butari buke muri ubwo yanditse, ariko yabandanije atuka Wine, amwagiriza ko ari umuhemu.

Vyabaye ngombwa ko Bobi Wine aja mu kinyegero, mu ntango hakwiragira amakuru yavuga ko yari yanyurujwe n'inzego z'umutekano,ariko igipolisi kikaba carabibeshuje.

Bobi wine we nyene ubwiwe yahavuye amenyesha ko yari mu bwihisho kubera umutekano wiwe.