Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ukraine iriyamiriza igitero 'c'ubugome' c'Uburusiya mu gihe ibiganiro vyinjiye umusi ugira kabiri
- Umwanditsi, Dearbail Jordan
Ukraine iriyamiriza ibitero bishasha vy'Uburusiya mw'ijoro ryakeye vyahitanye umuntu umwe n'abandi 23 bakomeretse, mu gihe ibiganiro na Amerika vyitezwe gusubira gutangura.
Umushikiranganji wa Ukraine ajejwe imigenderanire Andrii Sybiha avuga ko iki gitero "c'ubugome" kitahitanye gusa "abantu bacu, ariko kandi cagize ingaruka ku biganiro".
Intumwa z'Uburusiya, iza Ukraine n'iza Amerika zimaze imisi zibonana mu gisagara ca Abu Dhabi (umugwa mukuru wa Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu) mu biganiro vya mbere vy'inyabutatu kuva Kremlin (ubutegetsi bw'Uburusiya) itanguje intambara yeruye kuri Ukraine mu 2022.
Isoko ryabwiye BBC ko hari intambwe zimaze guterwa ariko ko ikibazo nkoramutima c'ubutakana kikiri ngorabahizi.
Mu gihe vyitezwe ko ibi biganiro vy'inyabutatu i Abu Dhabi vyinjira ku musi ugira kabiri, Sybiha avuga ko iki gitero "c'imburamutima" mw'ijoro ryakeye "gisubiye kwerekana ko ikibanza ca Putin atari ico mu nama y'amahoro, ahubwo kiri muri sentare idasanzwe".
Mu ndwi iheze, Perezida Donald Trump yavuze ko Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya yemeye kwinjira mu mugambi wiwe yise Inama n'Amahoro (Board of Peace) – ishirahamwe rirondera kurangiza intambara kw'isi. Putin ntaravyemeza.
Uburusiya ubu bugenzura hafi 20% vy'ubutaka bwa Ukraine, harimwo ibice vy'akarere ka Donbas kari mu buseruko. Kremlin ishaka ko Ukraine irekura ibice bitari bike vy'ubu butaka, ivyo Ukraine iterekwa.
Inyuma y'umusi wa mbere w'ibiganiro, Rustem Umerov arongoye intumwa za Ukraine, yanditse ku mbuga hwaniro ati: "Inama yibanze ku kungene iyi ntambara y'Uburusiya yorangira hamwe n'ukungene vyobandanya mu ntumbero yo gushika ku mahoro nyayo kandi arama".
Donald Trump ariko aca ku biti no ku mabuye kugira ngo ashike ku masezerano y'amahoro muri Ukraine – ikintu yiyemeje ataranashika no ku butebetsu ariko gushika ubu akaba ataragishikako – muri ino ndwi akava yavuze ko izi mpande zompi zoba ari "ibijuju" ari nka hamwe batokwumvikana.
Ukraine iritabira ibi biganiro kubera ishaka amahoro gusumba ibindi vyose, ariko kandi kubera ikeneye ko Amerika itobivamwo. Mu mwaka uheze, yaraharonkeye icigwa gikomeye, igihe Donald Trump yahagarika akanya gato ivyo kuyiha amakuru y'igendereza n'imfashayo ya gisirikare.
Mu nama yariko ibera i Davos mu Buswisi, Perezida Volodymyr Zelensky yarabonanye na Trump, ubu akaba avuga ko ikiyago yagiranye na we cari "ciza koko", akaba yiteze kuronswa izindi mfashanyo za gisirikare zigizwe n'uburyo bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere vy'urutavanako vy'Uburusiya.
Kenshi akunze kugaragara yijiriwe iyo avuye mu mubonano na Perezida Trump, ariko ubu yagaragaye afise akanyamuneza kadasanzwe.
Ariko agumana amakenga ku bishobora kuva muri ibi biganiro biriko bibera muri Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu.
Avuga ko ibi biganiro ari "intambwe" nziza, ariko akaba adashaka kwemeza ko hari igikomeye kizovamwo.
Agira ati: "Turipfuza ko yodushikana aho twegereza amahoro".
Vyose bihagaze ku butaka bw'igihugu cacu - Zelensky
Zelensky akunze kuvuga ko begereje amahoro ku rugero rwa 90%, ariko 10% ni igice kigumye gusumba vyose – kandi gishobora gutuma Uburusiya bwanka umugambi w'amahoro wose.
"Vyose biri ku karere k'ubuseruko bw'igihugu cacu. Vyose bihagaze ku butaka. Iki ni ikibazo kitaratorerwa umuti", niko asigura, mu kwerekana inzitizi ya mbere nini avuga ko igisigaye.
Kremlin ivuga ko ari nka hamwe itoronka ivyo yipfuza muri iyi nzira y'ibiganiro, ko izobishikako ku rubuga rw'intambara – nubwo gushika ubu isa n'iyananiwe.
Abanyaporitike barakunze kuvuga ivy'imirongo itukura, ariko kuri iki gihugu, ku kibaza ca Donbas uno murongo utukura iciwe n'amaraso y'ingabo zimaze kuhapfira ziyirwanira.
Rero kuri, Zelensky uwu ni umurongo ntarengwa.
Ikindi kibazo gitegerezwa kwigwako muri Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu ni ico Amerika yokora, mu buryo bwa gisirikare, ari nka hamwe bishitse Uburusiya bugasubira gutera Ukraine. Iki ni co Ukraine yitwa "ubwishingizi bw'umutekano", ivuga ko ari nkenerwa.
Zelensky avuga ko Amerika na Ukraine bahejeje kwumvikana, ariko nta makuru aramvuye kuri uno mwumvikano araja ahabona.