Trump: 'Amerika iriko iraja mu muriro udahera', bivugwa n'uwo yahoze ari umukuru w'igihugu

Donald Trump makes a speech in Florida

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, By Kathryn Armstrong
    • Igikorwa, BBC News

Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziriko ‘’ziraja mu muriro udahera’’, niko Donald Trump yavuze mw’ijambo ryeruye yashikgirije amaze guhakana ko ata mpapuro zijanye n’imirimo y’ubugwizatunga bwiwe yahinduye kugira anyegeze amakuru yari kumugirako ingaruka mbi imbere y’amatora yo mu 2016.

Uwo yahoze ari umukuru w’igihugu yagirijwe ivyaha 34 muri sentare ya Manhattan i New York kuri uyu wa kabiri.

Ivyo bijanye n’amafaranga y’igifukamunwa yahawe umukinyi wa porno Stormy Daniels, avuga ko bagiranye imibonano mpuzabitsina.

Trump niwe mukuru wa Amerika abaye uwa mbere muri kahise k’ico gihugu ahanganye n’urubanza rw’ivyaha.

‘’Icaha conyene nakoze ni ukuba niyemeje kuvana ata bwoba igihugu cacu mu minwe y’abashaka kugisambura,’’ nk’uko uwo mugabo w’imyaka 76 yabwiye abamushigikiye bari bakoraniye ku rugo rwiwe i Mar-a- Lago muri Floride avuye kwitaba muri sentare.

Yavuze ko urwo ‘rubanza rw’ikinyoma’ ata kindi ruri atari kimwe mu mugambi w’ububisha w’aba Democrat wo kumutobera amatora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka uza, yamaze kumenyesha ko azojamwo.

Trump waving

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Donald Trump avuga ko ivyaha yagirizwa biri mu mugambi mubisha w'aba Democrats wo kumwononera amatora y'umukuru w'igihugu yo mu 2024

Imbere y’aho yari yicaye adakoma kandi acecetse mu kiringo c’iminota hafi 30 imbere y’umucamanza Juan Merchan, aho yumvikana avuga gusa yishura ibibazo vyiwe n’igihe yavuga ko azoburana ahakana icaha. Trump ntaco yabwiye abamenyemakuru asohotse avuye muri sentare.

Urwo rubanza rw’uwo yahoze ari umukuru w’igihugu rushingiye ku mafaranga y’igifukamunwa angana na $130.000 yarishwe imbere y’amatora y’umukuru w’igihugu yo mu 2016.

Mu gihe kuriha ayo mafaranga biteye kubiri n‘amategeko, gusohora amafaranga ajanye n’ukwiyamamaza ariko ntiwerekane ingene yakoze birenga ku mategeko y’igihugu ajanye n’amafarahnga yo kwiyamamaza.

Uwahoze ari umushingwamanza wiwe, Michael Cohen – yahavuye yihinduka sebuja – yavuze ko yarishe ayo mafaranga abisabwe na Trump.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Kimwe kimwe muri ivyo birego gishobora guhanishwa gushika ku myaka ine yo gupfungwa, n’ubwo umucamanza ashobora gufatira Trump ingingo zisubirira gupfungwa [zotuma Trump adapfungwa] hamwe yoramuka yagiriwe n’icaha.

Ivyago vy’uko ashobora kwagirwa n’icaha gushika ubu ntibigaragara neza, ariko ivyo birego vyajanye igihugu ahantu hanyerera cane.

Urubanza rwa Trump rushobora gutangura mu kwezi kwa mbere mu 2024, uko umucamanza Merchan yavuze, bivuga ko uwo mu-Republicain ashobora gusubira muri sentare mu gihe amatora yo mu mugambwe yo kurondera uwuzowuserukira mu kwitoza kuba umukuru w’igihugu azoba ariko araba.

Abashikirimanza banagarutse kandi ku yandi mafaranga bavuga ko yarishwe biciye ku wundi muntu kw’izina rya Trump kugira hazimanganywe inkuru zashobora gutera ingaruka mbi za poritrike.

Bavuga ko $30.000 yarishwe mu kugura agacerere nk’uwucunga urugi ku nyubakwa ya Trump Tower yavuze ko Trump yari afise umwana yavyaye ku mugore batubakanye.

Ayandi $150.000 yarishwe uwitwa Karen McDougal, nawe avuga ko yagiranye imibonano mpuzabitsina na Trump.

Trump, ibigiye gukurikira

Abashikirizamanza bavuga ko irihwa ry’ayo mafaranga [y’abo babiri] ryakozwe na National Enquirer, ikinyamakuru c’inkuru z’insaku co muri Amerika uwugisohora ari soma mbike wa Trump kuva kera.

Mu gihe kwagirwa n’icaha bitobuza Trump kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu canke gusubira kwicara ku ntebe y’umukuru w’igihugu, urugamba rw’urubanza rurerure rushobora gusamaza uwo aza imbere mu bashaka kwitoza mu ba Republicain kandi rukongereza ibomborabombora mu matora mu mugambwe wiwe.

Trump asanzwe ariko arakorwako ayandi matohoza atatu, ajanye no kugerageza kugira impfagusa ivyavuyue mu matora yo mu 2020, igitero co kuri Capitol igihe hariko haremezwa intsinzi ya Joe Biden , no ku buryo uwo yahoze ari umukuru w’igihugu yitwaye ku bijanye n’inyandiko z’igihugu zikiri mw’ibanga igihe yari avuye muri Maison Blanche/White House (Ibiro vy’umukuru w’igihugu muri Amerika).

Insiguro ya video, Mu masanamu, uko kwitaba sentare bwa mbere kwa Trump kwagenze