Trump: Yavuze iki imbere yo kurenguka muri sentare?

Ahavuye isanamu, Getty Images
Trump yavuze ubwa mbere uyu munsi: ''Umunsi mubi kuri Republika''.
Ubutumwa bwo kuri email bwarungikiwe abasanzwe bari ku rutonde rw’abo Trump arungukira ubutumwa muri ubwo buryo.
Yabuhaye uyu mutwe ngo ‘’Email yanje ya nyuma imbere y’uko mfatwa’’ aho asaba abanyagihugu ‘’guhaguruka kugira bakize Amerika’’, bukabamwo n’aho kurungika amafaranga y’intererano.
Ashikiriza amakenga kandi ko Amerika iriko irahinduka ‘’igihugu kikiri mu nzira y’amajambere kigendera ku vyiyumviro vya Marx [Marxist Third World country].
Iyo email imaze gusohoka, Trump yasohoye ubundi butumwa ku rubuga hwaniro rwiwe Truth Social, anegura ahatumbereye sentare aja kurengukamwo i New York ko ‘’ari ikibanza kitabereye na gato ahari ibice bimwe bimwe vyatoye aba-Republican 1%’’.
Trump yavuze kandi ko umucamanza aja kumushengeza afise aho ‘’ahengamiye cane’’ kandi ko umuryango wiwe ‘’uzwi cane kuba ari abansi ba Trump’’.
Trump avuga ko umucamanza Juan Merchan, ari nawe yari ahagarikiye urubanza rw’ikigo c’ubugwizatunga Trump Organisation, yari agoye cane atashoboka gukorana nawe muri urwo rubanza rwo kumuhiga.’’
Trump mu kurangaziza ati: ‘’KANGAROO COURT’’ ni ukuvuga sentare ica iza ngondagonde.
Ingene ivy'inkuru ya Stormy Daniels vyagiye birakurikirana
- 2006: Stormy Daniels – ico gihe yari afise imyaka 27 – bivugwa ko yagiranye imibonano mpuzabitsina na Donald Trump, ico gihe yari afise imyaka 60, mu cumba c’ihoteri, inyuma y’ihiganwa rya golf, haheze ukwezi kumwe Melania Trump avyaye umuhungu wabo, Barron
- 2011: Stormy Daniels yatanze ikiganiro mu kinyamakuru ku bijanye n’uko yaryamanye na Donald Trump. Iyo nkuru ntiyigeze isohoka inyuma y’aho ico kinyamakuru bivugiwe ko coba caratewe ubwoba ko kizokwitwarirwa.
- 2016: Umushingwamanza wa Trump, Michael Cohen, yarishe Daniels $130,000 nk’igifukamunwa kugira ngo ntihagire ico avuga, iminsi mike imbere y’uko atorwa kuba umukuru w’igihugu.
- 2018: Ikinyamakuru Wall Street casohoye inkuru y’uko hari amafaranga y’igifukamunwa yoba yaratanzwe, kivuga kandi ko Cohen yafashije kugira inkuru yo mu 2011 [itigeze isohoka] izimangane. Trump arahakana kuba yararyamanye na Stormy, Cohen arahakana irihwa ry’ amafaranga. Mu nyuma muri uwo mwaka, Cohen yemeye icaha co gukwepa kuriha amakori, acirirwa igihano co gupfungwa imyaka itatu, hanyuma yemera ko Trump yamutumye kuriha ayo mafarangfa y’igifukamunwa.
- 2019: Ibiro vy’umushikirizamanza wa Manhattan vyatanguye amatohoza ku bijanye n’amanyanga y’ikigo c’ubugwizatunga bwa Trump, Trump Organization.
- 2020: Donald Trump yatsinzwe amatora y’umukuru w’igihugu.
- 2023: Hashizweho umugwi w’intahe yo kwihweza amatohoza ku vyemezo vy’ayo mafaranga y’igifukamunwa. Ku wa 18 ukwezi kwa gatatu, Trump yatangaje ku mbuga hwaniro ko yiteze gufatwa.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Imbere ya sentare Donald Trump yitabamwo habaye akajagari igihe Madame Marjorie Taylor Greene wo mu nama nshingamategeko (Congresswoman) ya Amerika yagerageza gukoranya abashigikiye Donalpd Trump imbere y’uko arenguka kuri uyu mugoroba.
N’ubwo yavugira mu ndanguramajwi, yarengewe n’urwamo rw’amafirimbi n'abasemerera batukana igihe yariko aragerageza gusigura ugushigikira Trump.
Greene yavuze ati: ‘’Ibi ntivyari bwigere biba muri Amerika, kandi umunyamerika wese yari akwiye kuhagirira amakenga’’, aho yashaka kuvuga kubona Trump abaye umukuru w’igihugu wa mbere ashengejwe mu rubanza rw’ivyaha.
N'ubwo hari urwamo rwinshi ubutumwa bwa Greene bwumvikanye mu biganiro yatanze mu binyamakuru bitari bike.
Yagereranije Trump n'abantu rurangiranwa bafashwe muri kahise nka Nelson Mandela.
Ati na ''Yezu yarafashwe aricwa na reta y'aba Romani.''










