Poland yavuze ko abishwe na misire ari ivyashitse bibabaje

Police officers walk next to a police vehicle at a blockade after an explosion in Przewodow, a village in eastern Poland near the border with Ukraine, November 16, 2022. R
Insiguro y'isanamu, Abaserukira ibuhugu vyabo muri Otan/Nato bahuye ku wa gatatu aho Pologne vyari vyitezwe ko isaba haba ukuvugana hisunzwe ingingi ya 4

Umukuru wa Pologne (Poland) Andrzej Duda yavuze ko ata bimenyetso vy’uko habaye igitero mpuzamakungu inyuma y’aho misire irasiwe ikica abantu babiri mw’iraro hafi y’urubibe bihana na Ukraine.

Imbere y’aho umukuru wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Joe Biden yari yavuze ko bishoboka ko iyo misire itarashwe iva mu Burisiya.

Abo bakozi babiri bishwe igihe Ukraine yaraswa ikivunga ca mbere kinini c’ibisasu kuva intambara itangura.

Uburusiya bwari bwashimitse mu kuvuga ko ataco bupfana n’izo mpfu.

Ubwa mbere Pologne yari yavuze ko iyo misire yakorokeye Przewodow, ku 6km uvuye ku rubibe, yakorewe mu Burusiya.

Umuvugizi w’umukuru w’Uburusiya Dmitry Peskov yavuze ko Pologne yari ikwiye guca itomora ubwo nyene ko ivyo bivunji vya misire vyavuye ku buhinga bwa Ukraine bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere bwitwa S-300.

Mu gihe abatohoza bo muri Plogne bariko barakizura ahaguye ico gisasu, abaserukira ibihugu vyabo muri OTAN bahuriye Bruxelles mu nama yo kuraba icokorwa kuri iyo ntambara y’Uburusiya yatandukiye igihugu kiri muri iryo shirahamwe.

Umunyamabanga mukuru Jens Stoltenberg yabwiye abamenyeshamakuru ko ata kimenyetso kihari ko ibvyashitse vyavuye ku gitero c’ibigirankana canke ko Uburusiya buruiko burategura ibikorwa vyo gutera iryo shirahamwe ryo kwivunira uwansi hamwe.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ibisasu vya misire zirenga 90 z’Uburusiya zararashwe kuri Ukraine ku wa kabiri, ku bwa Kyiv [umurwa mukuru wa UKraine].

N’ubwo igisirikare ca Ukraine cemeza ko 77 muri zo zasambuwe, zimwe muri izo misire zaragemye Lviv, hatati kure y’urubibe rw’iburengero bihana na Pologne.

Umukuru wa Ukraine Volodymyr Zelensky yavuze ko vyinshi muri ivyo bisasu vy’Uburusiya vyari bigamije kugema ibibanza bitanga umuyagankuba.

Igisirikare ca Pologne caciye kimera magabo kuva ico gisasu gituritse.

Ku wa gatatu, prezida Duda yavugiye mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ko n’ubwo igisasu S-300 cakorewe mu Burusiya arico gishibora kuba cararashwe, nta cemeza ko carasiwe mu Burusiya.

Umushikiranganji wa mbere Mateusz Morawiecki yongeyeko ati gukoresha ingingo ya 4, ivuga ko haca haba inama yo kuvugana mu gihe hari igeramirwa ku mutekano, bishobora kudakenerwa.

 Mw’itangazo, abategetsi b’ibihugu vy’iburengarazuba bari mu nama ya G20 i Bali biyamirije ibitero bunyamaswa vya misire vy’Uburusiya ku bisagara vya Ukraine n’abanyagihugu basanzwe muri ico gihugu bongera bavuga ko bashigikiye Pologne.

Mu bari muri uwo mubonano hari prezida Biden, umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Rishi Sunak, prezida w’Ubufaransa Emmanuel Macron n’umukuru w’urwego rutwara ishirahamwe rya Buraya Ursula von der Leyen.

 Kare umushikiranganji wa Ukraine ajejwe imigenderanire Dmytro Kuleba yavuze ko kuvuga ko Ukraine ariyo yobazwa impfu z’abo bantu bo muri Pologne ari ugukwiragiza ‘’propagande y’Uburusiya”.

Polish police secured the area on Wednesday morning as investigators searched the site in Przewodow
Insiguro y'isanamu, Igiporisi ca Pologne cazitiye ako karere ku wa gatatu kugira abakora amatohoza bagenzure ahaguye ico gisasu muri Przewodow

Umunyamakuru wa BBC Paul Adams avuga ko ubuhinga bwa Ukraine bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere bwita ku rutare kugira bukorore ibisasu vya misire z'Uburusiya kandi bishoboka ko imwe muri misire yarashwe yazibiwe mu kirere igata inzira.

Ifoto y'igiporisi y'ahari ikigega c'intetete mw'iraro ryo muri Uraine aho ico gisasu caguye yerekanye ikinogo kinini hamwe n'ububiko bw'ico kigega bwatembagaye, vyerekana ko ari ingaruka z'ahaguye igisasu ca misire.

Iyindi foto yerekanye ikivunji ca misire.

N'ubwo yashigikiye Ukraine kuva Uburusiya buteye ico gihugu, Otan yagumye yiyubara kugira uruhara rweruye cane muri iyo ntambara kugira ibintu ntibihave biyangara.

Map