Ukraine-Russia: Kyiv isaba Amerika ibindi birwanisho, mu gihe Abarepubulika bazibiye imfashanyo igenewe Ukraine

Ikimodoka c'intambara ca Ukraine

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

Ukraine yasavye Reta Zunze Ubumwe za Amerika ibirwanisho vy’ubwoko bushasha kugira ngo ishobore gutuza igitero c’Uburusiya, muri vyo hakaba harimwo indege z’intambara zo mu bwoko bwa F/A-18 Hornet, kajugujugu z’intambara zo mu bwoko bwa Apache, n’ubundi bwoko bw’ibirwanisho, nk’uko vyandikwa n’itororokanirizo ry’amakuru Reuters.

Bivugwa ko abategetsi bo mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Ukraine bashikirije uru “rutonde rw’ibirwanisho kugira ngo ingabo za Ukraine zishobore kuronka ivya nkenerwa”, hari mu nama y’ibanga i Washington yitabwe n’abategetsi ba reta n’abajejwe igisata co kwivuna abansi ba Amerika.

Hagati aho, abakenguzamateka bo mu mugambwe w’Abarepubulika bazibiye integuro y’itegeko y’imfashanyo igenewe Ukraine inyuma y’uko nabo vyankiye ko bashika ku mwumvikano werekeye umutekano wo ku rubibe.

Nk’uko amasoko yo mw’iri tororokanirizo ry’amakuru yarwihweje, uru rutonde rurimwo ibirwanisho Ukraine isanzwe iriko irakoresha, harimwo nk’ibimodoka vy’intambara vyo mu bwoko bwa Abrams, n’ibisasu vya muzinga vya 155mm, indege zitagira abadereva (drone), n’ibisasu vya misire biraswa kure vyo mu bwoko bwa ATACMS.

Ariko kuri uru rutonde hariko n’ibindi bishasha, nk’indege za gisirikare zo mu bwoko bwa Boeing C-17 Globemaster na Lockheed Martin C-130 Super Hercules. Uru rutonde ruriko kandi na za kajugujugu za gisirikare zo mu bwoko bwa Apache na Black Hawk.

Hampande y’ibi, uru rwandiko ruvuga kandi ko Ukraine iriko isaba Amerika ko yoyiha indege z’intambara zo mu bwoko bwa F/A-18 Hornet, ubwoko butatu bw’amadrone yo muri kompanyi General Atomics, harimwo MQ-9B Sky Guardian, be kandi n’ibirwanisho vyo mu bwoko bwa THAAD vy’ikompanyi Lockheed vyo kwivuna ibitero vyo mu kirere.

Inama nkenguzamateka ntivyorosha

Ni mu gihe abarepubulika bashimangira ko imfashanyo iyo ari yo yose yohabwa Ukraine itegerezwa kujana n’impinduka zikomeye mu bijanye n’abimukira hamwe n’abarondera ubuhungiro muri Amerika.

Iki kikaba ari co catumye bazibira integuro ifise agaciro k’imiriyaridi 110 z’amadorari y’Abanyamerika, irimwo imiriyaridi 61 yagenewe Ukraine hamwe n’amafaranga agenewe Israel n’ay’imfashanyo igenewe Gaza.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ibiro vy’umukuru w’igihugu vya Amerika bigabisha ko amafaranga agenewe Ukraine ashobora guhera bidatevye.

Abakenguzamateka 51 ni bo bemeje iyi nteguro nayo 49 barayihakana, mu gihe hari hakenewe ko yemezwa n’abakenguzamateka 60. Aya matora yateje igipfungu kuri kazoza k’imfashanyo ihabwa Ukraine, akaba yasubije abakenguzamateka mu biganiro, mu gihe hasigaye imisi mike ngo inama nshingamateka na nkenguzamateka zitangure akaruhuko.

Abakenguzamateka bose b’Abarepubulika bahakanye iyi nteguro, hamwe n’umukenguzamateka yigenga Bernie Sanders yari yagaragaje imbere y’aho ko atishimiye kubona ino nteguro ijamwo amamiriyaridi n’amamiriyaridi agenewe imfashanyo ya gisirikare kuri Israel.

"Si nemera ko dukwiye gufata amafaranga arenga imiriyaridi 10 z’amadorari ngo tuyahe reta y’iyi ntagonwa Netanyahu kugira ibandanye n’ibikorwa vyayo vya gisirikare iriko irakora”, niko Sanders avuga, afatiye ku ntambara y’umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu ibandanya muri Gaza, imaze guhintana ibihumbi n’ibihumbi vy’abasivire gushika ubu.

Sanders, umukenguzamateka yamye anegura Netanyahu kuva kera, yongeyeko ati: "Ibintu reta ya Netanyahu iriko irakora ni ubupfamutima, ni ihonyangwa ry’amategeko mpuzamakungu, kandi Reta Zunze Ubumwe za Amerika ntizategerezwa kugira uruhara muri ivyo bikorwa”.

Imbere y’aho ejo ku wa gatatu, Perezida Joe Biden wa Amerika yavuze ko yiteguye "gushika ku mwumvikano ukomeye ku bijanye n’urubibe” kugira ngo ino nteguro ishobore kwemezwa.

Ati: "Ibi ntibishobora gufata umwanya muremure. Abarepubulika bashaka guha Putin Ingabire isumba izindi zose ashobora kwipfuza”.

Ejo nyene ku wa gatatu, ubutegetsi bwa Biden bwatangaje imfashanyo nshasha y’imiriyoni 175 z’amadorari y’Abanyamerika igenewe umutekano wa Ukraine mu kigega c’imfashanyo camaze kwemezwa. Iyi mfashanyo irimwo amasasu, harimwo n’ibisasu vya muzinga n’ivya misire, hamwe kandi “n’ibikoresho vyo gukingira ibibanza nyamukuru”, nk’uko biri mw’itangazo rishasha ry’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika.

Impungenge kuri kazoza k’iyi mfashanyo y’imiriyaridi 110 z’amadorari zatanguye kwiyongera ku wa kabiri inyuma y’aho inama y’ibanga y’abakenguzamateka yari igenewe kurondera ko boshigikira iyi mfashanyo nshasha ariko igasendwa mu buryo budasanzwe.

Abakenguzamateka barateranye amajambo ku kibazo c’umutekano wo ku mbibe mbere n’abakenguzamateka bababa cumi b’Abarepubulika barasohoka.

Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine na we yahagaritse ijambo yashaka gushikiriza inama nshingamateka na nkenguzamateka hakoreshejwe ubuhinga bwa none kubera “ingorane yadutse ku munota wa nyuma”, nk’uko Chuck Schumer arongoye yamwinshi mu nama nkenguzamateka yabitangaje ku wa kabiri, ariko akaba atatanze insiguro zirambuye.

Integuro y’ino mfashanyo isanzwe irimwo ingingo zijanye n’umutekano wo ku mbibe, ariko ibisabwa n’Abarepubulika ko hoba izindi mpinduka ku bijanye n’amategeko agenga abasaba ubuhungiro vyananije ibiganiro hagati yabo n’aba-Democrats. Mu gihe abanyamugambwe bashigikiye cane rwose imfashanyo yohabwa Ukraine, bamwe muri bo bashaka gukoresha iki kibazo nk’inzira yo kurondera gutorera umuti ibibazo bigenda vyiyongera ku bijanye n’urubie rwo mu bumanuko.

Imbere y’uko haba ano matora yo mu nama nkenguzamateka, Schumer yatakambiye bagenziwe mu nama nkenguzamateka, ababwira ko aya matora ari “igihe gikomeye” kandi ko “bakwiye kwihutira gukingira demokarasi” muri Ukraine.

Ati: "Mukwiye kumenya ko Vladimir Putin ariko adukurikiranira hagufi”.

Ibihugu bitanga imfashanyo

Iyi nteguro yari ikeneye amajwi icenda y’Abarepubulika kugira ngo ishobore kurengana, bamwe mu ba-Democrats barashavuriye bagenzi babo b’Abarepubulika.

Elizabeth Warren, umu-Democrat wo mu ntara ya Massachusetts, ati: "Abanyagihugu ba Ukraine bari ku rugamba rwo kurwanira demokarasi. Ni ikibazo c’ubwigenge”.

Abakenguzamateka batari bake bavuga ko n’aho hashobora kubandanya ibindi biganiro, ntibiboneka neza nimba hari ikintu gishobora gushikwako imbere y’uko inama nshingamateka na nkenguzamateka zitangura akaruhuko mu ndwi iza.

Hagati aho, n’aho ino nteguro yokwemezwa n’inama nkenguzamateka, ibintu ntibizokworoha mu nama nshingamateka.

Ku wa kabiri, umukuru w’inama nshingamateka, Mike Johnson yavuze ko yabwiye inama nkenguzamateka ko adashobora kwemeza imfashanyo iyo ari yo yose ya Ukraine hatarimwo ingigo nyazo zijanye n’umutekano wo ku mbibe.

Kuva Uburusiya butanguye intambara kuri Ukraine muri Ruhuhuma (2) 2022, inama nshingamateka na nkenguzamateka zimaze kwemeza imfashanyo za gisirikare n’ubutunzi zikenewe Ukraine zirenga imiriyaridi 110 z’amadorari y’Abanyamerika, igice kinini kikaba kimaze gutangwa.

Mw’ikete ryandikiwe Johnson rigashirwa ahabona mu ntango z’ino ndwi, umukuru w’ikigega mu biro vy’umukuru w’igihugu (Maison Blanche/White House) Shalanda Young avuga ko Amerika ishobora kutaronka ibindi birwanisho n’ibikoresho iha Ukraine “gushika mu mpera z’uno mwaka” mu gihe inama nshingamateka na nkenguzamateka ataco zokora.

Abategetsi ba Ukraine bama bashimangira ko imfashanyo ya Amerika ari kirumara kugira ngo ingabo z’ico gihugu zishobore guhangana n’Abarusiya no kubohoza ubutaka bigaruriye.

Ku wa kabiri, umukuru w’ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Ukraine, Andriy Yermak, yabwiye abariko baramwumviriza ku kigo ca Amerika Institute of Peace ko kubura imfashanyo yindi ya Amerika bishobora gusigura ko “bishoboka cane” ko Ukraine ishobora gutsindwa mu ntambara kandi ko “bitazoshoboka ko ibandanya ibohoza” ubutere twigaruriwe n’Uburusiya.

Muri Ukraine, igabanuka ry’ivyizere vyo gushobora kuronka iyindi mfashanyo ryatumye bamwe mu banyagihugu bijirijwa.

Tetyana wo ku mugwa mukuru Kyiv afise umuhungu wiwe ari ku rugamba, yabwiye BBC muri ino ndwi ati: "Ni vyo, turakeneye imfashanyo, turiko turarwanira Ubulayi bwose. Dukeneye ibindi birwanisho kuko abana bacu bariko barapfa”.