‘Sinshobora kureka ngo Hamas na Putin batsinde’ - Biden

Ahavuye isanamu, Getty Images
Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika agereranya umuhari Hamas wa Gaza hamwe na Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya, akavuga ko bose ari co kimwe.
Mw’ijambo ryiwe ahejeje gushikiriza inyuma y’urugendo rwiwe muri Israel, Perezida Biden yavuze ati: "Hamas na Putin bahagarariye ibikorwa vy’iterabwoba bitandukanye, ariko hari ico basangiye: bompi bashaka kurimbura burundu ibihugu bibanyi vya demokarasi.
"Putin ahakana ko Ukraine atari igihugu nyaco, canke ko kitigeze kiba igihugu nyaco”.
Mw’ijambo ryiwe, arabwira Abanyamerika ico Israel na Ukraine bisigura kuri bo, ati: "Ndazi ko izi ntambara zisa n’iziri kure cane yanyu, kandi ni ibisanzwe kwibaza igituma ibi vyoraza ishinga Abanyamerika.
Avuga ati: "Kubw’umutekano w’igihugu ca Amerika, ni ngombwa ko dukora ibishoboka vyose Israel na Ukraine bigatsinda.
"Tudahagaritse umwina w’ubutegetsi wa Putin n’umugambi wiwe wo kurondera kwigarurira Ukraine, ntazogarukira kuri Ukraine”.
Guheba Israel na Ukraine ni 'ikintu kidakwiye kubaho'
Mw’ijambo ryiwe, Biden yatanguye avuga ari: "Iki ni igihe kidasanzwe mu mateka.
"Iki ni kimwe muri vya bihe vy’aho ingingo dufata uno musi ari zo zizokwubaka kazoza mu myaka mirongo iri imbere”.
Agabisha ko hari igihamana kibi c’uko intambara n’akajagari bishobora gukwiragira mu tundi turere tw’isi ….cane cane mu Buseruko bwo hagati.
Avuga ko Amerika n’incuti zayo bariko barakora “mu ntumbero yo kwubaka kazoza keza” k’Ubuseruko bwo Hagati, kugira kazobe akarere “katajegajega” kandi “gahuza n’ibihugu bibanyi”.
Avuga ko kwanka gufasha Israel na Ukraine ari "ikintu kidakwiye kubaho".
'Amerika ni umuco w’isi gushika ubu'
Biden ati: "Turakomeye gusumba ibindi bihe vyose vy’imbere y’aha. Amerika ni umuco w’isi gushika ubu, ndabisubiyemwo, gushika ubu.
"Ntidushobora kureka ibibazo vya poritike ataco bimaze vyo kwikunda kandi vy’uburakari ngo bidusamaze mu nshingano zacu nk’igihugu rutura”.
Avuga ko adashobora kureka umuhari Hamas hamwe na Putin ngo batsinde.
Biden yagarutse ku rugendo rwiwe rwo mu mpisho yagize muri Ukraine aciye muri Pologne mu ntango z’uno mwaka kugira yerekane ishaka ryiwe ryo gushigikira Perezid Zelensky na Ukraine.
'Turiyamirije urwanko rw’ubwoko bwose'
Biden avuga ko Amerika itegerezwa kwiyamiriza ubwoko bwose bw’urwanko ku ba Islam n’abayahudi.
"Murafise ikibanza canyu. Mwese muri Abanyamerika”, niko abwira aba-Islam n’Abayahudi ba Amerika.
"Twese turafise uburenganzira bwo guharira no kutavuga rumwe”, niko avuga, akongerako y’uko Abanyamerika bategerezwa “guhakana ubugumutsi n’urwanko, bakifata nk’abagenzi basangiye igihugu”.
Ati: "Turiyamirije ubwoko bwose bw’urwanko ku ba-Islam, ku Bayahudi canke ku muntu uwo ari we wese.
"Uku ni ko ibihugu rutura vyose bikora, kandi twebwe turi igihugu rutura”.
Biden yiyemeje guha Israel amafaranga azoja mu gisirikare kirwanira mu kirere
Biden avuga ko agiye kurungika igisabo cihuta mu nama nshingamateka na nkenguzamateka co gufasha Israel mu gisata co kwivuna ibitero vyo mu kirere.
Ati: "Tuzokora ibishoboka vyose kugira ngo Dôme de fer/Iron Dome zibandanye zikingiye ikirere ca Israel”.
Yongerako ati: "Muri Israel dutegerezwa gukora ibishoboka vyose kugira ngo ironke ivya nkenerwa vyose vyo gukingira abanyagihugu bayo, uno musi n’igihe cose.
"Integuro y’imfashanyo mu vyo umutekano ndungitse mu nama nshingamateka na nkenguzamateka ni ingingo itari bwigere ibaho yo kwiyemeza gutsimbataza igisata c’umutekano wa Israel kugira ngo ishobore gukomeza ubushobozi bwa gisirikare bwayo”.
Aba-Repubulikani bavuga iki kw’ijambo ryiwe?
Bamwe mu bakenguzamateka bo mu mugambwe w’Abarepubulika ntibakiriye neza ijambo rishikirijwe na Perezida Biden.
Umukenguzamateka wo mu ntara ya Ohio JD Vance asanzwe aterekwa umugambi wo guha Ukraine iyindi mfashanyo, aranegura cane amajambo yashikirije na Biden akavuga ko ari ijambo “riteye isoni”.
Yanditse kuri X (yahoze yitwa Twitter ) ati: "Ariko akoresha abana bapfuye muri Israel kugira yumvise Abanyamerika baterekwa ivyo akora umugambi wiwe w’akaga kuri Ukraine.
"Ni ibihugu bidasa, kandi bidafise ingorane zimwe, kandi iyi poritike yo kwinyegeza inyuma ya Israel irababaje”.
Umukenguzamateka wo muri Tennessee Marsha Blackburn na we yanditse kuri X ati: "Ntakwiye gufatanya imfashanyo ya Israel n’iya Ukraine”.
Nayo umukenguzamateka wo muri Arkansas Tom Cotton yababaye yumvise Biden adashimikiye cane kuri Irani mw’ijambo ryiwe.
Yanditse ati: "Biden ategerezwa vuba bwango kugabisha Irani ko igitero ico ari co cose ku Banyamerika cokorwa n’imihari ikoreshwa nayo kizofatwa ko ari igitero kitaziguye kuri Amerika gikozwe na Irani yo nyene kandi kizokwishurwa mu buryo bukomeye”.










