Bishasha hagati ya Ukraine n’Uburusiya: Urugamba ntirugiye kworoha, kandi nta bitangaza nokora – Lloyd Austin

Ahavuye isanamu, Reuters
Mu kiganiro n’abanyamakuru i Washington uno musi, umushikiranganji wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ajejwe kwivuna abansi Lloyd Austin yavuze ko mu ntambara nk’iya Ukraine, “nta bigwanisho bihari bishobora gukora ibitangaza”.
“Vyose bivana n’ubushobozi bwa gisirikare bumaze gutangwa n’ingene bukoreshwa, yaba indege za F-16, HIMARS, canke ikindi ico ari co cose. Vyose bivana n’ingene ubu buryo bukoreshwa n’ingene buhuzwa n’ubundi kugira ngo bushike ku ntego yipfuzwa ku rubuga rw’intambara”, niko uno mukuru wa Pentagon avuga, agashimangira ko ingabo za Ukraine ubu “ziri mu rugamba rugoye kandi ruruhisha”.
Ku bwiwe, ingabo za Ukraine zizobandanya n’urugamba rwo kwirukana ingabo z’Uburusiya ku butaka bwa Ukraine mu gihe c’ubukonje burenze urugero, mu gihe imfashanyo zaraye zemerewe Ukraine harimwo ivyo gukoresha mu gihe c’ubukonje bwinshi.
Mu rugendo yagize giturumbuka ejo ku wa mbere i Kyiv, Austin yavuze ko Amerika igiye guha Ukraine iyindi mfashanyo ifise agaciro k’imiriyoni 100 z’amadorari y’Abanyamerika, ni inyuma y’umubonano yagiranye na Perezida Volodymyr Zelensky.
Muri iyi mfashanyo nshasha harimwo ibisasu vya muzinga hamwe n’ubuhinga bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere, nk’uko abivuga.
Ni mu gihe intambara zozo ari urutavanako, cane cane amaja muri Liman mu karere ka Sinkovka, aho ingabo z’Uburusiya zivugwa ko ziriko zikora ibitero vyo kwivuna no gusatira, nk’uko bivugwa na Vladimir Fityo, ajejwe igisata c’imigenderanire mu gisirikare ca Ukraine kirwanira ku butaka.
Fityo yavugiye ku mboneshakure ati: “Muri iki gihe, umwansi ariko agerageza kurondera aho yomenera mu birindiro vya Ukraine. Ariko ariyegeranya. Bitewe n’uko ari akarere k’ikibira, kabandanya gaterwa amabombe. Mwomenya ko ibi bibombe bifise ubushobozi bunini bwo gusambura kubera ubukomezi bwavyo”.
Avuga ko muri ako karere harangwa intambara z’urutavanako, kandi ko ingabo z’Uburusiya zikoresha amabombe n’indege zitagira abadereva (drone) mu gutera ibirindiro vy’inbabo z’Uburusiya.
Intambara za drone
Mw’ijoro ryakeye, Uburusiya bwateye Ukraine bukoresheje indege zitagira abadereva (drone) cumi zo mu bwoko bwa Shahed, icenda muri zo zikaba zasambuwe, nk’uko biri mw’itangazo ry’igisirikare ca Ukraine ryo mu gatondo ko kuri uno wa kabiri. Rivuga kandi ko hasambuwe n’igisasu ca misire yo mu bwoko bwa Iskander-K.
Vyongeye, nk’uko biri muri iri tangazo, umwansi yarashe ibisasu vya misire bine vyo mu bwoko bwa S-300 birasa indege mu ntara ya Donetsk.
Umushikiranganji w’intwaro yo hagati wa Ukraine Igor Klimenko yanditse ku rubuga rwa Telegram ko misire zibiri zarashwe mu ntara ya Donetsk hafi nk’isaha zitanu n’igice z’ijoro (23:30) zaguye mu karere k’ibitaro mu gisagara ca Selidovo, aho mu ndwi iheze igisasu ca muzinga cakubise inzu y’amagorofa ane ibamwo abanyagihugu.
Avuga ko muri iki gitero ca nijoro inzu zibiri zononekaye, abasivire babiri bagakomereka, ariko ko hashobora kuba abazibiriwe mu bihomoka, kandi ko utwigoro two kubarondera tubandanya.
Umushikiranganji Klimenko avuga kandi ko haciye iminota mikeya haciye haterwa ibisasu bibiri vya misire ku kirombe, aho umwe mu bagikoramwo yishwe, inzu 19 zirasenyuka, amamodoka 39 arononekara. Avuga ko 39 mu bimba ubutare bari bazibiriwe mu kuzimu ariko ko bahavuye barokorwa.
Ni mu gihe ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi na bwo buvuga ko bwasambuye drone ya Ukraine mu kirere c’intara ya Kursk muri iri joro nyene ryakeye. Buvuga ko ata muntu yapfuye canke ngo akomereke, kandi ko ata n’ivyononekaye.
Muri uwo mwanya nyene, buramatari w’intara ya Oryol, Andrei Klychkov, yatangaje ko iyindi drone yasamburiwe muri iyo ntara, kandi ko ata wapfuye canke ngo akomereke, eka mbere ko ata n’ivyononekaye.










