Iyi ntambara ‘si umukino w’inyabwonko’ – Umushikiranganji wa Ukraine wo kwivuna abansi

Ahavuye isanamu, Reuters
Umushikiranganji wa Ukraine ajejwe kwivuna abansi Oleksiy Reznikov aremeza ko igitero co kwikura umwansi kiriko gikorwa n’ingabo za Ukraine kitariko kiragenda ku muvuduko bipfuza.
Mu kiganiro n’imboneshakure CNN yo muri Amerika, Reznikov avuga ariko ko ata makenga afise kuko kiriko kigenda nk’uko categuwe, intambwe ku yindi.
Ku bwiwe, iciyumviro c’uko iki gitero categerezwa kwihuta si co.
Zimwe mu mvo asigura zituma iki gitero kitihuta nk’uko cari citezwe harimwo ubukene bw’amasasu, n’ibirwanisho bikomakomeye.
Reznikov yabwiye CNN ati: “Ntawokwirengagiza ko dufise ikibazo co guhangana n’ibitero vy’indege.
"Ariko kandi ntawokwibagira ko dufise urwasiro rurerure, kandi ko duhanganye n’umwansi ariko akoresha abarwanyi benshi. Rero uru ni urugamba. Uyu si umukino w’inyabwonko”.
Abahinga bo mu bihugu vy’uburengero bemeza ko igisirikare ca Ukraine catanguye igitero rurangiza mu kwa gatandatu, ariko ko kitashoboye kumenera ningoga na ningoga mu birindiro vy’igisirikare c’Uburusiya.
Igisirikare ca Ukraine cashize inguvu mu bice bitatu nyamukuru vyo ku rwasiro, harimwo akarere ka Bakhmut, ku rubibe rw’intara za Donetsk na Zaporozhye (hafi y’ikigwati ca Velyka Novoselka), hamwe kandi no hafi y’igisagara ca Orekhov.
Abihweza ibintu n’ibindi babona ko ibitero bikomeye mu misi ya mbere ya kino gitero vyatumye igisirikare ca Ukraine gitakaza ibikoresho bitari bike, harimwo ivyatanzwe n’ibihugu vy’uburengero, bikaba vyatumye biba ngombwa ko gihinura amayeri.
Kubwabo, ingabo za Ukraine ubu ziriko zigerageza kunaniza bukebuke ingabo z’Uburusiya no gukorera ku bihengeri mu birindiro vy’Uburusiya iyo birinze vyibonekeza.
Mu kiganiro yahaye BBC mu kwa gatandatu, Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yaremeje ko igitero rurangiza c’ingabo za Ukraine kiriko kigendabukebuke gusumba uko cari citezwe.
Reznikov yabwiye CNN ati: “Abajenerali bacu, abakomanda bacu, barabona neza ingene ibintu bimeze ku rubuga rw’intambara”.
Ashimangira kandi ati: “Hanyuma kandi, ndasubiramwo, ikintu nyamukuru duha agaciro ni ubuzima bw’abasirikare bacu”.
CNN ibona ko ku rwasiro rwo mu bumanuko ari naho hariko habera urugamba nyamukuru rw’igisirikare ca Ukraine, ibintu bitoroshe kubera uturere tunini cane twuzuye amamine yatezwe n’ingabo z’Uburusiya.
Za ndege F-16 zizoshika ryari muri Ukraine
Uyu mukuru w’igisirikare ca Ukraine aravuga kandi ku bijanye no kwigisha abadereva ba Ukraine kugendesha za ndege z’intambara F-16 zizotangwa n’Uburengero, indege Kyiv inyotewe cane.
Avuga ko inyigisho ku badereva ba Ukraine zizotangura mu kw’umunani kandi zikazofata “nibura amezi atandatu". Afise icizere ko abadereva ba Ukraine bashobora gutangura gukoresha izi ndege mu mpera z’urushana rw’umwaka uza.
Mw’ikoraniro rya OTAN/NATO riheruka kubera i Vilnius, umugwa mukuru wa Lituanie, Reznikov yateye igikumu ku masezerano y’umwumvikano ku bijanye no kwigisha abadereva ba Ukraine kugendesha indege z’intambara z’Uburengero, ibihugu 11 bikaba ari vyo bizogira uruhara muri izi nyigisho, bikaba ari: Danemark, Ubuholande, Ububirigi, Canada, Luxembourg, Norvège, Pologne, Portugal, Romania, Suède n'Ubwongereza.
Ibihugu vyiteguriye guha Ukraine izi ndege z’Uburengero gushika ubu ntibiramenyekana. Imbere y’aha, bimwe mu bihugu vy’Uburengero vyavuze ko iki kibazo kiriko kiraganirwako.
Icegeranyo kuri armes à sous-munitions

Ahavuye isanamu, Reuters
Reznikov avuga kandi ko muri ino ndwi Ukraine izoshikiriza icegeranyo Pentagon (ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika) ku kungene ingabo za Ukraine ziriko zirakoresha vya bibombe bitekeye utundi tubombe dutoduto biherutse gutangwa na Amerika, bizwi nka armes à sous-munitions/bombes à sous-munitions canke cluster munitions.
Yabwiye CNN ko na we nyene ubwiwe arindiriye iki cegeranyo kugira ngo ace agishikiriza incuti zabo za Amerika.
Reznikov ati: “Ndizeye ko ibi birwanisho bizodufasha cane gusumba ibi bisanzwe”.
John Kirby, umuvugizi w’Inama y’igihugu ijejwe umutekano ya reta ya Amerika, avuga ko ingabo za Ukraine ziriko zirakoresha neza ibi birwanisho, kandi ko biriko biraziha akarusho.
Reznikov nta nsiguro zirambuyeatanga imbere y’uko iki cegeranyo kija ahabona, ariko akavuga ko yiteze ko ibi birwanisho bizofasha, cane cane mu guhangana na vya muzinga, ibimodoka vy’intambara, hamwe kandi no mu ntambara zo ku butaka.
Avuga ko guha Pentagon iki cegeranyo kuri ibi birwanisho ari kimwe mu biri mu masezerano ajanye n’itangwa ryavyo.
Reta zunze Ubumwe za Amerika yamenyesheje ko guha Ukraine ibi birwanisho bisanzwe vyaraciwe mu masezerano mpuzamakungu (ariko yaba Amerika, yaba Ukraine canke Uburusiya, nta na kimwe kirayaterako igikumu) ari ingingo y’umwanya muto yafashwe kubera Ukraine yariko irakehanirwa n’amasasu.










