Ukraine - Russia: Menya Jenerali Oleksandr Syrskyi, umugabo arongoye igitero gishasha ca Kyiv

- Umwanditsi, Jonathan Beale
- Igikorwa, BBC News, mu buseruko bwa Ukraine
Ugiye ku mbuga ngurukanabumenyi ukarondera izina rya Jenerali (Gen) Oleksandr Syrskyi, uzosanga avugwa nk'"umujenerali wa mbere wo mu kinjana ca 21 amaze gushika ku bintu bikomeye gushika ubu".
Ni vyinshi cane yitezweko.
Gen Syrskyi ni we yayoboye urugamba rwo gukingira umugwa mukuru Kyiv mu ntango y’igitero c’Uburusiya kuri Ukraine mu mwaka uheze. Ni we yateguye igitero ca Ukraine mu buryo butari bwitezwe cashoboye kubohoza Kharkiv mu ci ry’umwaka uheze. Ubu ayoboye igitero gishasha cayo nk’umukuru w’ibikorwa vya gisirikare mu buseruko bwa Ukraine – imwe mu nzira zibiri nyamukuru z’urugamba rwa Ukraine.
Twahuriye mu kibanza co mu kinyegero ari hampande y’imodoka ya gisirikare akoresha mu kugendera ingabo ziwe no mu kugenzura urugamba. Hejuru yayo hari inkoho rutura. Imbere, hariyo 'écran' nini yerekana amashusho menshi y’ikibiriraho yo ku rugamba arungitswe n’amadrone aharurwa mu majana.
Turabona videwo yo ku rwasiro yerekana ibibanza vyasinzikajwe n’ibisasu vya muzinga mu micungararo ya Bakhmut, aho zimwe mu ngabo ziwe ziriko zigerageza kwisubiza ubutaka. Namubajije nimba intumbero yiwe nyamukuru ari ukwisubiza iki gisagara. Yaramwenyuye yishura ati: "Ego, ni ivyo nyene. Ndagerageza kubikora".
Ariko n’aho avyemeza, inyuma y’ukwezi kurenga gitanguye, igitero ca Ukraine co kwivuna umwansi ku mpande zitandukanye z’urwasiro kigenda buke buke gusumba uko benshi bari baciteze.
Gen Syrskyi ati: "Twashaka gushika ku ntego vuba vuba, ariko mu vy’ukuri, ntibishoboka”.
Avuga ko no mu buseruko akarere kuzuye amamine n’ibirindiro vyo kwivuna. Avuga ko Abarusiya bafise ibirindiro vyinshi. “Rero nta ntambwe zinyaruka turiko turatera nk’uko twavyipfuza”.

Ariko Gen Syrskyi yemera ko Ukraine igifise akarusho gakomeye.
"Ndizera ko ubumwe buranga indongozi zacu za gisirikare n’ukwizerana kurangwa hagati y’abasirikare bacu ari ikintu gikomeye mu gisirikare cacu”.
Ibi biratandukanye cane n’uburongozi bwa gisirikare bw’Uburusiya, buboneka ko bufise ingwara y’indyane hagati muri bwo, aho intwazangabo nkuru nkuru zibogozwa mu mabanga.
Gen Syrskyi arishimiwe n’abamwegereye, bashima ukwitanga kwiwe, ishaka n’amayeri yiwe. Akaruhuko kiwe ni buri musi kuja mu cumba co kwinonora imitsi. Asinzira amasaha ane n’igice mw’ijoro.
Mu bumanuko no mu buraruko bwa Bakhmut, Ukraine ivuga ko imaze kubohoza ubutaka bungana hafi na kilometero kwadarato (km2) 30 mu minwe y’Abarusiya.
Icegera c’umushikiranganji wa Ukraine ajejwe kwivuna abansi, Hanna Maliar, yatubwiye ko ingabo z’Uburusiya muri ico gisagara vuba zishobora kwisanga mu mutego. Hagati aho, ibisasu vya muzinga vyari bikigwa nk’imvura ku kirindiro ca Ukraine twagendeye, ku birometero bitatu gusa uvuye muri ico gisagara.
Alex, umwe mu basirikare ba Ukraine bo muri brigade ya 57, yavuze ko ibintu bitari vyoroshe.
Yatweretse ikinogo kinini cimbwe n’ikibombe catewe n’Uburusiya mu gatondo k’uwo musi. Caguye ku metero nkeya uvuye mu mwobo yari yinyegejemwo.
Inyuma y’aho gato, na twe vyabaye ngombwa ko twiruka kwinyegeza.
Hirya y’aho ibi bisasu vyaguye, abakomanda aho bari mu mwobo, nibo bayoboye utwigoro two kubohoza Bakhmut.
Amezi abiri imbere y’aha, aho naherukira ng’aha, ingabo za Ukraine zariko ziratakaza urubuga kandi zishobora no kwugaranwa. Ubu uruhigi rwarahindukiye.
Koroneri (Col) Oleksandr Bakulin arongoye brigade ya 57 ambwira ko ubu Abarusiya ari bo bari mu yabira.
Avuga ko adasuzugura umwansi wiwe, ariko ko ingabo z’igisirikare c’Uburusiya ubu bahanganye atari co kimwe na ba bacangero ba Yevgeny Prigozhin b’umurwi Wagner bari bigaruriye ico gisagara mu ntango z’uno mwaka.
Wagner, nk’uko abivuga, "bari abansi batoroshe… barica kugira ngo bice gusa".
"Twokongereza gato akariro, Bakhmut ishobora kwugaranwa”, niko Col Bakulin avuga. Avuga kandi ko muri iki gitero atakaza bake ugereranije n’igihe ingabo zari zitsimbataye aho zari, mu kurwanira iki gisagara.
Avuga ko intambwe batera, n’aho bagenda buke buke, yongereje 'morale' ku buryo “vyoroshe kwihanganira abo dutakaza”.
Ku ncuro ya mbere ku rwasiro rwo mu buseruko, ibitigiri vy’ingabo za Ukraine ubu bingana n’ivy’Abarusiya - hafi 160.000. Hagati aho, Ukraine iracarengewe na vya muzinga vy’Uburusiya.

Ahavuye isanamu, Reuters
None ibintu birashobora guhinduka inyuma y’aho Amerika yemereye guha Ukraine vya bisasu bizwi nka bombes à sous-munitions/armes à sous-munitions canke cluster munitions, ibibombe bitekeye utundi tubombe duto duto twinshi dushobora gucucagirwa ahantu hanini? Ibihugu birenga ijana vyaraciye ubwoko bw’ibi birwanisho.
Col Bakulin avuga ko bikenewe kugira ngo “umwansi ashobore gukubitwa bikomeye”.
Ati: "Uko abasirikare bapfira ku rugamba ku bwinshi hano, niko imiryango yabo mu Burusiya ibaza reta iti 'kubera iki?'"
Ariko yongerako ati: "Sinshobora kuvuga ko ibi birwanisho bombes à sous-munitions bizorangiza ingorane zacu zose ku rubuga rw’intambara”.
Aremera kandi ko ari ikirwanisho giteje impari: "Iyo Abarusiya batabikoresha, kumbure umutimanama ntiwari kutwemerera kubikoresha”.

Gen Syrskyi yemeza ko bombes à sous-munitions ziza zarashitse muri Ukraine kandi ko zishobora gutangura gukoreshwa mu misi mike.
Twabonye ibikoho vya muzinga vyo mu bwoko bwa M777 howitzers vyatanzwe na Amerika, bimaze gushikanwa ku birindiro mu micungararo ya Bakhmut.
Uno mu jenerali avuga ko kwisubiza iki gisagara coba ikintu gikomeye. Avuga ko Bakhmut ifise kamaro kadasanzwe – kuko ni umuhora ujana mu bindi bisagara muri ako karere.
Ariko, avuga ati: "Abanyagihugu bacu barindiriye amakuru y’intsinzi. Barakeneye intsinzi nto nto”.










