Sentare nkuru ya Colorado yankiye Trump kwitoza, kubera ‘ubugumutsi’

Ari mu myiyamamazo muri Iowa ejo ku wa kabiri, Donald Trump ntaco yavuze ku cemezo ca Sentare nkuru ya Colorado

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ari mu myiyamamazo muri Iowa ejo ku wa kabiri, Donald Trump ntaco yavuze ku cemezo ca Sentare nkuru ya Colorado
    • Umwanditsi, Madeline Halpert
    • Igikorwa, BBC News, New York

Sentare nkuru y’intara ya Colorado yanzuye ko uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump adashobora kwiyamamariza muri iyi ntara mu mwaka uza, kubera yahonyanze ingingo yo mw’ibwirizwashingiro ijanye n’ubugumutsi.

Abacamanza bane mu bagize iyi sentare bemeje ko Trump adashobora kwitoreza muri iyo ntara kubera yateje ubugumutsi ku ngoro y’amakoraniro y’inama nshingamateka na nkenguzamateka (Capitol) imyaka hafi itatu iheze, batatu nabo barabihakana.

Abajejwe imyiyamamazo ya Trump bavuga ko iyi ngingo iteye kubiri na demokarasi bakaba biyemeje kwunguruza.

Ni bwo bwa mbere hakoreshejwe ikigabane ca gatatu c’ibwirizwashingiro rya Amerika mu kuzibira uwushaka kwiyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu.

Intara za New Hampshire, Minnesota na Michigan na zo nyene zagerageje kubuza Trump kwiyamamariza muri zo ariko vyanse.

Iyi ngingo y’ejo ku wa kabiri – yabaye irabangirwako gushika mu kwezi kuza kubera abo yerekeye bunguruje – ntishobora gukurikizwa mu zindi ntara kiretse Colorado.

Iki cemezo cerekeye gusa amatora y’ibanze ategekanijwe ku wa 03 Ntwarante (3), igihe Abarepubulika bazotora uwo bipfuza ko abaserukira mu matora y’umukuru w’igihugu, n’aho gishobora kugira ingaruka ku matora nyamukuru yo muri Munyonyo (11) umwaka uza muri Colorado.

Mu cemezo cabo, abacamanza banditse bati: "Ntidushika ku myanzuro nk’iyi mu buryo bworoshe. Turazi uburemere n’ubukomezi bw’ibibazo biri imbere yacu ubu.

"Kandi natwe turazi inshingano zacu zo gukurikiza amategeko, ata bwoba canke guhengama, kandi tutaravye ingene abanyagihugu bakiriye izi ngingo itegeko ridusaba gufata”.

Iyi ngingo itesheje agaciro iy’imbere y’aha yafashwe n’umucamanza wa Colorado, aho yari yanzuye ko iyi ngingo y’ibwirizwashingiro izibira uwagirizwa ubugumutsi idafata abakuru b’igihugu kuko iki kigabane kitabavuga mu buryo bweruye.

Uno mucamanza nyene wa sentare y’intango yasanze kandi Trump yaragize uruhara mu migumuko yo ku ngoro ya Capitol ya Amerika. Ku wa 06 Nzero (1) abanywanyi biwe barateye inama nshingamateka na nkenguzamateka mu gihe zari zikoranye kugira zemeze intsinzi ya Perezida Joe Biden.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Iyi ngingo ya Sentare nkuru ya Colorado ntishobora kuja mu ngiro imbere y’uwa 04 Nzero 2024. Aha hazoba hasigaye umusi umwe kw’itariki ntarengwa z’aho iyi ntara izosohorera amakarata y’amatora y’ibanze.

Steven Cheung, umuvugizi w’umurwi ujejwe imyiyamamazo ya Trump, avuga ko iki cemezo “cuzuye inenge” aniyamiriza aba bacamanza bose bagenywe n’aba buramatari bo mu mugambwe w’aba-Democrats.

Mw’itangazo, Cheung avuga ati: "Abarongoye umugambwe w’aba-Democrat bari mu bwoba bwinshi kubera ukungene Perezida Trump yegeranije amajwi kandi aguma ari imbere gusumba mu matora ngereranyo”.

"Baratakaje icizere kubera intwaro ya Biden yananiwe, none ubu bariko bakora ibishoboka vyose kugira ngo bazibire Abanyamerika ntibabirukane ku butegetsi muri Munyonyi iza”.

Cheung yongerako y’uko abunganira Trump mu vyo amategeko “bagiye kwunguruza badatevye” muri Sentare nkuru ya Amerika, aho abo ku ruhande rw’abagendera ku vya kera ari batandatu kuri batatu.

Abajejwe imyiyamamazo ya Biden arondera kwitoreza ikiringo kigira kabiri banse kugira ico bavuze kuri iki cemezo ca Colorado. Ariko umutegetsi wo hejuru yegereye abajejwe imyiyamamazo yabwiye imboneshakure CBS News ikorana na BBC muri Amerika, ko iyi ngingo izofasha aba-Democrats mu gushigikira ikirego cabo c’uko imvururu zo kuri Capitol zari zifise intumbero yo guteza imigumuko.

Abashingamateka b’Abarepubulika bariyamiriza iyi ngingo, harimwo umukuru w’inama nshingamateka Mike Johnson, avuga ko ari “igitero cinyegeje inyuma y’ivy’imigambwe”.

Ati: "Hatarabwe aho yegamiye muri poritike, buri mwenegihugu yiyandikishije kugira ngo atore ntakwiye kwimwa uburenganzira bwo gushigikira uwahoze ari umukuru w’igihugu cacu akaba n’umuntu ari imbere mu majwi ngereranyo yose mu matora y’ibanze y’Abarepubulika”.

Mw’ijambo ryiwe mu myiyamamazo muri Iowa mw’ijoro ry’ejo ku wa kabiri, Trump ntaco yavuze kuri iki cemezo. Ariko mu butumwa muravyo (email) abajejwe imyiyamamazo barungikiye abanywanyi biwe, bavuga bati “uku ni ko intwaro z’agahotoro zivuka”.

Umugambwe w’Abarepubulika muri Colorado na wo nyene wagize ico ushikiriza, aho uvuga ko ushobora kuva mu matora y’ibanze muri iyi ntara mu gihe iki cemezo kitohagarikwa.

Ishirahamwe Citizens for Responsibility and Ethics in Washington (CREW), ari na ryo ryuguruje uru rubanza, ryakirije yompi iki cemezo, aho rivuga ko cari ngombwa mu ntumbero yo “gukingira intwaro rusangi mu gihugu cacu”, nk’uko umukuru waryo, Noah Bookbinder, yavyanditse mw’itangazo.

Mu matora y’umukuru w’igihugu aheruka, Trump yaratsinzwe bikomeye muri ino ntara ya Colorado. Ariko ari nka hamwe amasentare yo mu zindi ntara zirwanirwa cane nazo zofata icemezo nk’iki ca nijoro ku wa kabiri, Trump ntiyokworoherwa na gato mu rugamba rwiwe rwo kurondera gusubira kwinjira muri Maison Blanche/White House (ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Amerika).

Mu rubanza rwamaze indwi yose muri Colorado mu kwezi guheze, ababuranira uno yahoze arongoye iki gihugu bavuze ko adakwiye kwakwa uburenganzira bwo kwitoza kubera atari we abazwa imvururu zo ku ngoro ya Capitol.

Ariko mu cemezo cayo, benshi mu bagize Sentare nkuru ya Colorado ntibavyemeye.

Bavuga ko ubutumwa bwa Trump imbere y’izi mvururu bwari ubwo “guhamagarira abanywanyi biwe kurwana kandi…abanywanyibiwe baritavye aka kamo”.

Carlos Samour, umwe mu bacamanza batatu banse iki cemezo, avuga ko reta idashobora "kwaka umuntu uburenganzira bwo gukorera igihugu hadakurikijwe amategeko".

Yanditse ati: "N’aho twokemezwa ko umuntu yiyamamaza yakoze ivyaha vy’agahomerabunwa muri kahise – nubahutse kuvuga, yagize uruhara mu migumuko – ni ngombwa ko hakurikizwa inzira zitegekanywa n’amategeko imbere y’uko dutangaza ko umuntu atemerewe kurangura amabanga y’igihugu”.

Trump ariko arakurikiranwa mu manza zine, harimwo rumwe rwo ku rwego rw’igihugu n’urundi rumwe rwo ku rwego rw’intara ya Georgia rwerekeye ivyo yagirizwa ko yarondeye guhinduza ivyavuye mu matora.