Imigumuko ya Capitol: Umucamanza yeruriye Trump ariko arondera kunyegeza amabanga

Uva i bubamfu uja i buryo: Stephen Miller, Kayleigh McEnany na Mark Meadows baramaze kurengutswa

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uva i bubamfu uja i buryo: Stephen Miller, Kayleigh McEnany na Mark Meadows baramaze kurengutswa

Umucamanza wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yategetse ko umurwi w'abashingamateka uriko ukora amatohoza ku migumuko yo ku ngoro y'amakoraniro Capitol ko bafise uburenganzira bwo kuronswa zimwe mu nyandiko z'uwahoze aramutswa Maison Blanche/White House, Donald Trump.

Trump avuga ko izi nyandiko zigengwa n'ubudahangarwa bw'umukuru w'igihugu bukingira amabanga amwe amwe y'itumatumanako rya Maison Blanche.

Aya matohoza ariko agerageza kurondera nimba Trump yari azi ibijanye n'irya migumuko imbere y'uko iba.

Iyi ngingo ifashwe haciye imisi cumi bamwe mu bafasha ba Trump bahamagajwe n'umurwi w'abashingamateka ujejwe gukora amatohoza.

Ku wa 06 z'ukwa mbere uno mwaka, amajana n'amajana y'abanywanyi ba Trump barateye inyubakwa ya Capitol, baratoba igikorwa co kwemeza intsinzi ya Perezida Joe Biden mu matora yaheruka.

Uyu murwi w'abashingamateka washizweho kugira ngo wihweze ibiganiro vyo ku materefone, ibitabo vy'ingenzi hamwe n'izindi nyandiko za Maison Blanche zishobora gutanga umuco ku vyabaye vyose gushika habe igitero ku ngoro y'inama nshingamateka na nkenguzamateka.

Trump yahoze ari umukuru w'igihugu ca Amerika yari yasavye ko haba itegeko ryo kudasohora izi nyandiko.

Ariko ejo ku wa kabiri, umucamanza wa Amerika Tanya Chutkan yategetse ko National Archives, ikigo c'igihugu kibitse amabanga ya Trump, gitegerezwa kwubahiriza ibisabwa n'uyu murwi ukora amatohoza.

Umucamanza Chutkan, uyu akaba yagenywe na Obama, yategetse ko ibisabwa na Trump ko hosohoka itegeko ribuza gusohora izi nyandika bisa n'uko bishingiye ku " vy'uko yibaza ko ubutegetsi bwiwe 'bubandanya imyaka n'imyaka'".

"Ariko abaperezida si abami, kandi uwitwara si Perezida", niko uyu mupfasoni yongerako muri iyi ngingo yasohowe ku mpapuro 39.

Iyi ntambara y'amategeko ishobora kurangirira muri sentare nkuru y'igihugu.

Donald Trump na Kayleigh McEnany

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Donald Trump na Kayleigh McEnany yahoze ajejwe kumenyesha amakuru muri Maison Blanche

Mu misi ibiri iheze, abafasha ba hafi ba Trump barahamagajwe.

Muri bo harimwo Kayleigh McEnany yahoze ajejwe kumenyesha amakuru muri Maison Blanche, Stephen Miller yahoze ari umuhanuzi mukuru wa Trump, Bill Stepien yari ajejwe imyiyamamazo, Mark Meadows yahoze ari umuyobozi mukuru w'ibiro vy'umukuru w'igihugu, hamwe na Michael Flynn, yahoze ari umuhanuzi muvyo umutekano.

Mw'itangazo yasohoye, Bennie Thompson, umushingamateka w'umu Democrat akomoka muri Mississippi akaba ari we arongoye uyu murwi w'inama nshingamateka, avuga ko ashaka kumenya ikintu ico ari co cose kijanye n'ivyabaye ku wa 06 z'ukwa mbere, hamwe n'imbere yaho.

Yongerako y'uko uyu murwi wizeye ko ivyabona "bazobumvira neza".

Uyu murwi uramaze guhamagaza Dan Scavino yahoze ari icegera c'umukuru w'ibiro vy'umukuru w'igihugu, hamwe na Steve Bannon yahoze ajejwe imigambi kuri Trump.

Bannon yaranse kurenguka aca yagirizwa gukengera inama nshingamateka.

Inama nshingamateka yaragirije Trump gukokeza imigumuko yo kuri Capitol iranamukubita intahe mu gahanga, ariko abakenguzamateka baramwambika izera.

Abantu barenga 670 baramaze guhagarikwa bagirizwa igitero co ku nyubakwa za Capitol.