US: 'QAnon Shaman' yemeye icaha mu migumuko ya Capitol

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umunywanyi yabaye rurangiranwa wa wa murwi ugendera ku vyiyumviro vy'ubugumutsi uzwi nka QAnon yemeye ko yagize uruhara mu migumuko yabaye ku ngoro y'amakoraniro y'abashingamateka n'abakenguzamateka, Capitol, muri Amerika, imbere ya sentare nkuru y'igihugu.
Jacob Anthony Chansley yari umwe mu bihumbi vy'abanywanyi ba Trump bashatse guhagarika ibikorwa vy'inama nshingamateka na nkenguzamateka vyo kwemeza ivyari vyavuye mu matora yo mu 2020.
Ejo ku wa gatanu, Chansley yaremeye icaha kimwe c'uguteza uruhagarara mu gihe ibikorwa vy'igihugu vyariko birabandanya.
Abashika hafi 600 baramaze kurengutswa n'inzego zijejwe amatohoza mu gihugu kuri iyo migumuko.
N'imiburiburi abagirijwe 36 nibo bamaze kwemera icaha gushika ubu, umunani muri bo bakaba bemera ko bakoze ivyaha bikomeye, nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru CBS News.
Chansley yarabaye rurangiranwa muri iyo migumuko, aho yafashwe isanamu afise amahembe yambaye n'urushato rw'igikoko, yisize mu maso amabara y'ibendera rya Amerika. Ico gihe yiyise ko ari umu "QAnon Shaman".
QAnon ni umuhari uzwi cane w'ivyiyumviro vy'ubugumutsi abanywanyi bawo bakaba bemera ko uwahoze ari umukuru w'igihugu Donald Trump yariko ategura intambara yo mu kinyegero yo kurwanya abasenga shetani/sataniu bakuru bakuru muri reta, mu bucuruzi no mu binyamakuru, bahumbisha abana.
Chansley yabwiye ikigo kijejwe igendereza mu gihugu FBI ko yaje i Washington DC "ku kamo katewe na perezida ko 'abakunda igihugu' bohurira muri DC".
Amaze amezi umunani apfunzwe.
Umushingwamanza wiwe Albert Watkins yabwiye sentare ejo ku wa gatanu ko umukiriya wiwe "atari umugumutsi, ko ari umunyamahoro kandi yari afise ibibazo vyo mu mutwe bizwi".
Mu gihe amaze igihe kinini ataka atakamba ko yorekurwa, Chansley ubu avuga ko atacemera QAnon na Trump.
Urubanza rwiwe rwitezwe gusomwa mu kwa cumi na rimwe, agashobora gupfungwa amezi 51.
Abashigikiye abakoze imigumuko kuri Capitol bavugwa ko boba bariko barategura imyiyerekano ikomeye i Washington DC mu mpera z'uku kwezi.











