US: Umupolisi yaguye mu gitero cabereye ku ngoro y'amakoraniro Capitol

Ahavuye isanamu, EPA
Igitero cabereye ku ngoro y'amakoraniro ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Capitol, i Washington DC cahitanye umuporisi umwe, uwundi nawe arakomereka.
Igiporisi kimenyesha ko ico gitero cakozwe n'umuntu yari mu modoka ayigongesha ibariyeri y'abajejwe umutekano imbere y'uko asohoka agatera abaporisi akoresheje imbugita.
Abaporisi baciye barasa uyo mudereva akaba yaciye apfa.
Abategetsi bavuga ko iki gitero - igitero kibaye inyuma y'amezi atatu habaye ka kaguma kuri iyo ngoro - kigaragara ko ata sano gifitaniye n'iterabwoba.
Mu kiganiro n'abanyamakuru, Robert Contee, umukuru mfatakibanza w'igiporisi mu gisagara ca Washington DC, yagize ati: "Igitero ico ari co cose, caba igikozwe ku bajejwe umutekano canke kuri uwo ari we wese, dufise akazi ko kukirwanya kandi tuzokwama tubikora".
Uwurongoye vy'imfatakibanza igiporisi gikorera ku ngoro ya Capitol, Yogananda Pittman yatangaje ko uyo muporisi yapfiriye kwa muganga aho yari yasimbanywe kuvurwa ibikomere.
Babiri mu bariko barakora amatohoza babwiye ikinyamakuru CBS gikorana na BBC ko uwikekwa ko ari we yakoze ico gitero yitwa Noah Green w'imyaka 25 akomoka mu ntara ya Indiana.
Bavuga ko amakuru y'ibanze aterekana ko yoba yarigeze kuba umuporisi nk'uko yari yabivuze.
Mu butumwa yari yacishije ku rubuga rwa Facebook mu kwa gatatu ariko mu nyuma bugafutwa, Green yari yanditse ko avuye mu kazi, ahanini ngo kubera uburwayi, ariko cane cane ngo kugira ngo yiyegereze Imana.
Yavuze ko yari arwaye inkurikizi z'ibiyayuramutwe yafashe atabizi. Yarananditse amajambo menshi cane ashimagiza umuhari w'abirabure ushingiye kw'idini rya Isilamu, Nation of Islam (ni ukuvuga ngo 'ihanga rya Isilamu').
Facebook yahavuye isohora itangazo ivuga ko uyu muntu yashizwe mu ruhande rw'inkozi z'ikibi, bivuga ko konte ziwe kuri Facebook na instagram zategerezwa kwugarwa, co kimwe n'iz'abo bose bamushigikira.
Abaporisi benshi babandanya bacungereye iyi ngoro ya Capitol ahasanzwe habera amakoraniro y'Inama nshingamateka na nkenguzamateka.
Mu gihe abashingamateka n'abakenguzamateka bari mu karuhuko, nta banyaporitike bari basanzwe bari muri iyi ngoro igihe iki gitero caba.

Ahavuye isanamu, Reuters
Iki ni igitero kigize kabiri mu mezi ari munsi y'atatu kuri iyi ngoro y'amakoraniro Capitol isanzwe icungerewe bikomeye.
Kuva hadutse akaguma ku wa 06 z'ukwa mbere katewe n'abanywanyi ba Donald Trump, iyi ngoro izungurutswe n'intsinga, uruzitiro rw'ivyuma hamwe nabajejwe umutekano benshi.
Umumenyeshamakuru wa BBC akorera kuri Capitol, Samantha Granville,yavuganye na bamwe mu bashingamateka n'abakenguzamateka ubu bari mu karuhuko, bakavuga ko banezerewe cane kubona bari muhira, ariko ko bafise ubwoba bwo gusubira ku bikorwa inyuma ya Pasika.
Bavuga ko biteye ubwoba gusubira ku biro vyabo bitewe incuro zibiri zose mu kiringo gito nk'iki.
Bavuga ko bafise amakenga ko, n'aho umutekano wongerejwe cane, akaguma kahitanye umuporisi ataho kagiye.










