Rwanda: Ingene babona amasezerano y’Ubwongereza ku bijanye n’abimukira

- Umwanditsi, Na Mayeni Jones
- Igikorwa, BBC News, Kigali
Muri ino ndwi, Urwanda rwaravuzwe cane muri poritike y’Ubwongereza ku bijanye no kuraba nimba utwigoro twa reta duheruka two kwikura bamwe mu barondera ubuhungiro ikabatwara muri iki gihugu co muri Afrika y’Ubuseruko hari ico tuzoshikako. Ariko none, abantu mu Rwanda babona gute uno mugambi?

Ibintu mw’ihoteri Hope Hostel bituma umuntu yibaza ibibazo.
Ivyumba 50 birimwo ibitanda bibiri bibiri vyama bikorerwa isuku buri musi, utuzu twa surwumwe n’ikambambili birindiriye abashitsi batarashika. Uhagaze ku rubaraza rw’ivyumba bimwe bimwe vy’ino hoteri iherereye mu karere ka Kagugu gatuwemwo n’abifise ku nkengera z’umugwa mukuru Kigali, ushobora kubona ikirimba c’umukuru w’igihugu.
Yahoze ari inyubakwa yari ituwemwo n’abacitse kw’icumu muri jenoside yo mu 1994, aho abababa 800.000 bagandaguwe bunyamaswa n’Abahutu b’intagondwa bahiga buhongo inkehwa z’Abatutsi.
Mu mwaka uheze, ino hoteri yarasubiwemwo kugira ngo izokwakire abimukira bategerezwa kuvanwa mu Bwongereza.
Ifise ivyuma 50 birimwo ibitanda bibiri bibiri ikaba ishobora kwakira abantu bashika 100.
Muri kimwe kimwe cose, harimwo igitabo ca Korowani n’uturago two gusengerako.
Ismail Bakina, umuyobozi w’ino hoteri, avuga ko babwiwe ko benshi mu bashitsi bazoba ari Abasilamu bo mu Buseruko bwo Hagati kandi ko bashaka kwubahiriza ukwemera kwabo.
Ibimenyetso vyose biri mu micungararo y’ino hoteri biri mu congereza no mu carabu.
Hanyuma inzu y’uburiro ifise icapa kinini cerekana ivyemewe kejuru y’igikoni. Ivyumba bibiri vy’amasengesho hejuru y’ino gorofa biguha akaryo keza ko kwihweza udusozi tw’icatsi kibisi twa Kigali turyoheye ijisho.
Haraciye umwaka umurwi w’abanyamakuru ba BBC bagendeye iyi hoteri mu gihe yariko itunganywa kugira ngo yakire abashitsi ba mbere bavuye mu Bwongereza. Uno musi, umwaka n’igice urarangiye ata n’umwe irashobora kwakira.
Ni kimwe mu vyo tuzi bigize amasezerano hagati y’ibi bihugu bibiri y’imiriyoni 240 z’amapawundi Ubwongereza bwahaye Urwanda kugira ngo rushobore kwakirira hano bamwe mu bimukira.
Impunzi zishobora guhitishwamwo kwigumira mu Rwanda canke kwimurirwa mu kindi gihugu.
Umunyamakuru Providence Uwase w’imyaka 25 arishimiye ano masezerano akabona ko ashobora kuba akunguko ku Rwanda.
Uno munyamakuru w’umugore abwira BBC ati: "Amahera ariko arinjira mu gihugu. Wibuke ko Ubwongereza bumaze gutanga igice ca mbere, iki naco kikazofasha mu kuzamura ubutunzi hano.
"Hanyuma kandi, kubona Urwanda rushoboye kwakira aba bimukira, bishobora guhindura ishusho mbi ihabwa iki gihugu”.
Ariko si bose bemeranya na we.

zobabako muri iki gihugu kinegurwa n’amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa muntu ko kitemerera abantu gushikiriza iryo bagona.
Umunyagihugu w’imyaka 42 afise akazu k’uburiro (café) i Kigali yavuganye na BBC ariko akaba atashatse ko izina ryiwe rimenyekana, ntagira aho ahagaze ku kibazo c’uko uno mugambi ushobora kuba akarusho ku gihugu.
"Nibaza ko harimwo tubiri.
"Ku ruhande rwiza, mu kuzana aba bantu hano, muri kazoza…tuzohinduka tube abantu b’imico itandukanye. Ariko ku ruhande rundi, ni uko Urwanda ari agahugu gato, kandi karimwo abanyagihugu b’umurengera, badakwije vya nkenerwa. None vyogenda gute mu gihe abanyamahanga nabo barwanira utu duke dusanzwe tuhari?"
Ntibiranamenyekana kandi ko sentare idashobora kuzibira itegeko rishasha, mu gihe inama nshingamateka yoramuka iryemeje.

Ahavuye isanamu, Reuters
Mu kwezi guheze, Sentare nkuru y’Ubwongereza yanzuye ko amasezerano ya mbere muri uno mugambi yari ateye kubiri n’amategeko ku mvo z’uko bitari bizwi nimba Urwanda ari igihugu gitekanye co kurungikamwo abimukira basanzwe bahanzwe n’ibibazo.
Umunyaporitike atavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Urwanda Victoire Ingabire na we nyene aravyemera.
Avuga ati: "Naratangaye kubona reta y’Ubwongereza ishaka guhatirako ngo ano masezerano yemezwe. Barateye igikumu ku masezerano mashasha, ariko kimwe mu vyo Sentare nkuru y’igihugu yerekanye ni uko Urwanda rufise ingorane z’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu.
“Ari nka hamwe ingorane z’agateka ka zina muntu zidatorewe umuti, aya masezerano azogira ingorane mu rwego rw’amategeko”, niko avuga.
Reta y’Urwanda ivuga ko ivuga ko vyamye ari nkenerwa ku Rwanda n’Ubwongereza ko ubucuti bwavyo bushingira ku mategeko mpuzamakungu ku rugero rwo hejuru.
Iriyamiriza kandi ivyo kwitwa igihugu kidatekanye, ikongerako y’uko amafaranga reta y’Ubwongereza yatanze azofasha kugira ngo abo bimukira izorungikira Kigali bazobeho neza.
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ari kumwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati w’Ubwongereza James Cleverly ku wa kabiri i Kigali, umushikiranganji w’Urwanda ajewe imigenderanire n’ayandi makungu Vincent Biruta yavuze ko igihugu ciwe gifise kahise karekare ko kwakira impunzu zivuye mu mpande zose z’isi, harimwo n’abimukira ba Afrika bari bazibiriwe muri Libya kandi ko ubu ivyabo bijanye no gusaba ubuhungiro biriko birihwezwa mu Rwanda.
Aha yashaka kuvuga ikambi y’imfatakibanza y’i Gashora twagendeye umusi umwe ari ku wa kane ku muhingamo ku zuba ryinshi.

Berenice Nonga w’imyaka 42 ni umwe mu baba muri iyo kambi.
Arahishimiye, ariko yarasavye ubuhungiro muri Amerika, kandi yararonse, akaba yiteze kugenda vuba.
Avuga ati: "Urwanda ni rwiza koko, ruhaye indaro impunzi zose, abanyagihugu barwo barazi kwakira abantu neza, baradufata neza. Ariko kubera ntigeze nshaka ko nomara ubuzima bwanje mu Rwanda, ni co gituma nasavye ko nokwimurirwa mu kindi gihugu kugira ngo nshobore guha umwana wanje ubuzima bwiza”.
Si we wenyene. Mu bantu bababa 2000 bimuriwe muri iyo kambi y’i Gashora kuva ishingwa mu 2019, nta n’umwe ashaka kuguma mu Rwanda iyo ahitishijwemwo, yipfuza kuja mu kindi gihugu.
John (si ryo zina ryiwe bwite), impunzi yo muri Sudani y’Epfo y’imyaka 26, na we nyene avuga ko adashaka kuguma mu Rwanda.
Ati: "Nta contuma nguma mu Rwanda. Nta buzima mbona mu gihe noguma mu Rwanda. Aha nama mu rugamba, urugamba rwo kugerageza kwubaka ubuzima bwanje”.
John yagiye mu Rwanda mu 2017.
"Ndashimira reta y’Urwanda kubona yarampaye ubuhungiro, ariko iyo niyumviriye ko ntegerezwa gutera intambwe, si numva ko ndyohewe ndi mu Rwanda”.
Avuga ko n’aho bamwe mu mpunzi nk’abanyeshure b’abakobwa Urwanda rwakiriye bavuye muri Afghanistan baba mu mahoteri meza kandi bitaweho neza, abandi nkawe bariko baborera mu makambi imyaka n’imyaka. Ntiyibaza ko Ubwongereza bwari bukwiye kurungika abimukira babwitura mu Rwanda.
"Suella Braverman [yari umushikiranganji w’intwaro yo hagati ico gihe] yaraje hano kugira arabe ingene impunzi zibayeho. Ariko ntiyigeze abonana n’abantu bari kumubwira ukuri ku vyerekeye ico ari co kuba hano nk’impunzi imbere y’uko afata ingingo yo kurungika abasaba ubuhungiro hano.
"Ntabwo yabaye amatohoza nyayo y’uburyo bwo kuzana impunzi mu Rwanda. Si nshigikiye ko impunzi zozanwa mu Rwanda".










