Burundi: Reveriyano Ndikuriyo abaye uwa mbere agiye kurongora CNDD-FDD mu kiringo kigira kabiri

Reveriyano Ndikuriyo (i bubamfu) na Evariste Ndayishimiye (i buryo) bicaranye mw'ikoraniro kaminuza ryo k uwa 25 Nzero 2026

Ahavuye isanamu, CNDD-FDD

Insiguro y'isanamu, Reveriyano Ndikuriyo (i bubamfu) yari arangije ikiringo ciwe ca mbere yatanguye mu 2021

Reveriyano Ndikuriyo ni we yemejwe ngo abandanye ari umunyamabanga mukuru w'umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi mu Burundi. mu kiringo kigira kabiri c'imyaka itanu.

Nta wundi n'umwe yari bwigere arongora uno mugambwe mu biringo bibiri kuva ushitse ku butegetsi mu 2005.

Ikoraniro kaminuza ry'uwo mugambwe ryabereye i Gitega kuri uno wa 25 Nzero (1) 2026 - ryatanguriwe n'imisi itatu y' "amasengesho mpuzamadini yo gushimira Imana" yatanguye ku wa kane gushika ejo ku wa gatandatu - ryemeje kandi Cyriaque Nshimirimana nk'icegera ca Ndikuriyo, amabanga na we nyene yahoramwo.

Mu gihe igihugu kimaze imyaka kiri mu bukene bw'amafaranga mvamakungu bwagize ingaruka kuri bimwe bimwe nk'igitoro, Reveriyano Ndikuriyo yemereye abanyamugambwe ko ataco atazokora kugira ngo imibereho y'Abarundi ihinduke.

Yagize ati: "Turabemereye ko tuzokwitanga kugira umugambwe utere iyindi ntambwe mu gushikana Abarundi heza, mu guhindura imibereho y'abenegihugu. Dusaba ko twese twoja ku kivi tugire imbonakazoza mu miryango yacu, dukore na kare abasokuru barayamaze bati 'uwushaka umubira abira akuya'".

Nta n'umwe yari bwigere arongora uno mugambwe ikiringo kirenga kimwe, haba igihe wari ugifise urwego rw'umukuru w'umugambwe, canke igihe uru rwego rufutiwe hagashingwa urw'umunyamabanga mukuru w'umugambwe mu 2016.

Mu 2005, igihe umugambwe wari urongowe na Huseein Rajabu, wewe n'ikiringo ntiyakimaze biturutse ku cuka kibi cadutse mu mugambwe, aho mu 2007 yabogojwe agasubirizwa na Jérémie Ngendakumana.

Jérémie Ngendakumana yamaze ikiringo kimwe gusa, maze mu 2012 asubirirwa na Pascal Nyabenda, amabanga yaranguye gushika igihe inzego z'uno mugambwe zahindurwa mu 2016 urwego rw'umukuru w'umugambwe rugafutwa, maze hagashingwa urwego rw'umunyamabanga mukuru.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ico gihe, Evariste Ndayishimiye ni we yatowe ngo abe umunyamabanga mukuru w'umugambwe, aza gusubirirwa na Reveriyano Ndikuriyo mu 2021 aho yatangura ikringo ciwe ca mbere.

Ndikuriyo yarabaye umurwanyi igihe CNDD-FDD yari ikiri umuhari witwaje ibigwanisho warwanya reta mu ntambara yo hagati mu gihugu yadutse inyuma y'igandagurwa rya Perezida Melchior Ndadaye mu 1993.

Uyo muhari umaze gutera igikumu ku masezerano yo guhagarika intambara mu 2003, Ndikuriyo yarasubijwe mu buzima busanzwe akaba yararanguye amabanga atandukanye mu gihugu.

Imbere y'uko aba umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD, abatari bake baramwibuka ari buramatari w'iyari intara ya Makamba asanzwe avukamwo, mu nyuma aza kuba umushingamateka, umukenguzamateka, mbere akaba yaranarongiye inama nkenguzamateka kuva mu 2015 gushika mu 2020.

Hampande y'amabanga ya poritike, Ndikuriyo arazwi kandi mu bijanye n'umupira w'amaguru, nk'umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru, FFB, akaba kandi yaragize uruhara mu gushinga umurwi w'umupira w'amakuru w'i Makamba, Aigle Noir.