Burundi: 'Hamwe ikibazo c'igitoro cova mu nzira vyogira ingaruka ku bindi vyose biremera abenegihugu' – Emmanuel Sinzohagera

Ahavuye isanamu, Burundi senat
- Umwanditsi, Gildas Yihundimpundu
- Igikorwa, BBC News Gahuzamiryango
Mu Burundi, co kimwe no mu bihugu bimwe bimwe vyo ku mugabane wa Afrika, aho usanga mu nama nshingamateka na nkenguzamateka higanjemwo abayoboke b'imigambwe iri ku butegetsi, nta mpari zikunze kuba ku nteguro z'amabwirizwa zizanwa n'abashikiranganji.
Ariko Emmanuel Sinzohagera, umunywanyi w'umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi mu Burundi, yahoze arongoye inama nkenguzamateka mu kiringo kirangiye, yaragaragaye kenshi akarira abashikiranganji bataranguye amabanga bashinzwe neza.
Yagiye kandi aboneka ariko adoma urutoke ku ngorane zugarije abenegihugu basanzwe, harimwo ikena ry'igitoro rimaze imyaka irenga ine ryugarije Uburundi n'iduga ry'ibiciro ridasanzwe.
Ibi vyatangaje abantu benshi mu Barundi kubera bitari bimenyerewe.
Izo nguvu yazikura he?
Yishura ku bibazo vya BBC News Gahuzamiryango, Emmanuel Sinzohagera yagize ati:
"Inguvu z'umushingamateka canke z'umukenguzamateka, nta handi azikura, azikura mu benegihugu baba baramutoye".
Asigura ko iyo amaze gutorwa aca agira ico bita mu gifaransa "mandat national", bisigura ko amategeko y'igihugu aca amuha uburenganzira bwuzuye bwo "guserukira umwenegihugu wese aho aba ari".
N'aho amategeko abitegekanya, biravugwa ko mu Burundi abaserukira abenegihugu batinya gushikiriza ivyiyumviro vy'ababatoye, bagashira imbere inyungu z'umugambwe bakomokamwo.
Kuri ico, Emmanuel Sinzohagera avuga ko "bivana n'umuntu ku gatwe kiwe, n'ingene aba ameze".
Uyu mutegetsi ashimangira ko atokwigera atinya kuvugira umwenegihugu kubera n'umugambwe CNDD-FDD arimwo, mu vyo wiyemeje harimwo gutunganiriza uwo mwenegihugu.
Imwe mu ngorane Sinzohagera yagiye aradomako urutoke cane, ni ikena ry'igitoro rimaze imyaka ine rihanze Uburundi.
Iyi ngorane yatumye ubutunzi bw'igihugu buhungabana, ibiciro vy'ibidandazwa biraduga, imiduga yunguruza abantu irakena cane gushika aho wasanga ku bituro vy'imiduga mu bisagara bitadukanye vy'igihugu hama imirongo miremire y'abenegihugu batonze babuze ikibunguruza.
Bamwe mu bategetsi bageze igihe bahanura abenegihugu kwimenyereza kugenda n'amaguru.
Sinzohagera yagiye agaragara ariko abaza abashikiranganji ko na bo bagenda n'amaguru. Ibi vyabonywe na bamwe nko kunegura indongozi zisaba abanyagihugu kugenda n'amaguru.
Ku bw'uwo yahora arongoye inama nkenguzamateka, nta ngorane n'imwe yoburirwa inyishu. Igihambaye, nk'uko abandanya abisigura, ni uko reta yokora n'abahinga bagakora.
Avuga ati:"Ibibazo nk'ibi, ni ibibazo bitamaho bishobora gutorerwa umuti."
Abona ko abarundi bakwiye gukura amaboko mu mpuzu bagakora bakarwiza umwimbu.
Yibutsa ko n'ibihugu vyateye imbere, hari ikiguzi vyatanze, aho hari umugwi w'abantu witangiye abandi ku buryo abavutse mu nyuma basanze ibintu vyaragiye ku murongo.
Ku bwiwe icokorwa, ni uko reta iraba ingene yobitunganya kugira ngo abarundi bashobore koroherwa ku bidandazwa vyose harimwo igitoro.
"Igitoro kibuze, urumva ko n'ibiciro vy'ibindi bidandazwa bica biduga. Nka hamwe ikibazo c'igitoro cova mu nzira, vyogira ingaruka ku bindi vyose biremera abenegihugu".
Kuba muri politike no mu burongozi bw'ishengero: nta gihushane kirimwo?
Mu misi iheze, Emmanuel Sinzohagera yatangaje ko agiye kurongora ishengero rya Methodiste Unie ku rwego rw'Uburundi n'Urwanda.
Ariko yashimangiye ko azobandanya ari umunywanyi w'umugambwe CNDD-FDD.
Mu gihe hari ababibona nk'ibihushane, Sinzohagera we si uko abibona. Ku bwiwe, politike ni uburyo bwo gutunganiriza abenegihugu.
Agira ati:"Ikintu cose utunganya kugira kikuzanire ukubaho neza ni politike. Rero nta gihushane kirimwo".
"No mw'ishengero politike irakorwa. None ntakoze politike mu rushengero, notunganiriza gute abanyeshengero? Nobateza imbere gute?"
Emmanuel Sinzohagera yagiye azezwa amabanga atandukanye kandi akomeye mu Burundi no mu mugambwe CNDD-FDD.
Uno musi bamwe n'abandi baguma bibaza uruhara afise mu guhanura uwo mugambwe mu vyo ushobora kuba utariko uravyifatamwo neza.
Yishura ko uno musi ari umunywanyi asanzwe w'umugambwe kandi ko ivyo guhanura mu mugambwe bifise aho bikorerwa n'ababijejwe.
Ni mu gihe abonwa nk'inararibonye muri uwo mugambwe. Ariko aramwenyura, yabwiye BBC Gahuzamiryango ati:
"Amategeko ya CNDD-FDD arerekana inararibonye mu mugambwe izo ari zo".
"Si ukuvuga ngo kubera ko nabaye mu nzego z'umugambwe, nkaba mu rwego rw'ukurongora inama nkenguzamateka, ko bica bingira inararibonye mu mugambwe CNDD-FDD. Oya".
"Sinoca niha igiti ntafise mu mugambwe".
Mu Burundi, ntibimenyerewe ko abategetsi bo hejuru bemanga ku mugaragaro ibitagenda neza.
Inyifato ya Sinzohagera akiri ku burongozi bw'inama nkenguzamateka, hari abayifata mu ntumbero y'umugani w'abarundi b'abo ha mbere bavuga ko "uwuja gukira indwara arayirata".













