Narakabije cane mu gukora "ama kiribite" - Jason Statham rurangiranwa mu mareresi y'indwano

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Yasmin Rufo
- Yakoze inkuru ari, Leicester Square
Yemenyekanye cane mu mareresi yiruka ku muvuduko mwinshi, amenyekana kandi ariko ararwana cane no muma kiribite, ariko Jason Statham avuga ko naho amaze imyaka myinshi akina amareresi y'indwano, agifise inyota yo "kurenzako gato kuruta uko maze gukora".
Mu kiganiro yagiranye na BBC News, mu birori vyo kwerekana ireresi nshasha yiwe Shelter, Statham yavuze ko ubu yiyemeje gukora wenyene ayo makiribite (cascades) kandi ko vyagiye rimwe na rimwe bimusaba inguvu nyinshi.
Avuga ati: "Hari ibikorwa vyinshi nagiyemwo nkarenza urugero."
"Iyo ukomeretse, akenshi wibaza uti: 'Ni kubera iki nabikoze, kuki ntaretse uwundi abikora?'
"Narakomeretse mw'izosi incuro zitari nke, ndanakomereka n'ibindi bice vy'umubiri incuro zitandukanye, ivyo vyose bica bikwibutsa amakosa wakoze."
Statham yatanguye kumenyekana mu myaka ya 2000 kubera amareresi yakunzwe cane nka The Transporter, 'The One' yakinanye n'icamamare Jet Lee, The Bank Job, Parker canke Spy n'izindi.
Naho biri uko, uwo mugabo w'imyaka 58, afise abana babiri yavyaranye n'umunya mideli Rosie Huntington-Whiteley, ntarigera yerekena ko ashaka kugabanya ivyo bikorwa vyamakiribite asabwa n'akazi kiwe, kandi avuga ko iyo watanguye ikintu ugikora cose gushika giheze.
Yongeyeko ati: "Nkunda kuja imbere ya kamera nkagira vyinshi nshoboye.
"Maze imyaka myinshi niga ibitandukanye, kandi mfise ubumenyi bukenewe bwo gukora ibi bikorwa bigoye, ndabikunda kandi ndabishiramwo inguvu."
Ariko yiyumvira ku bijanye n'imyaka no kuramba, yongeyeko ati: "Sindi muto cane.
"Mu kugenda usaza uba utagifise inguvu nk'igihe wari ufise imyaka 25, ariko ndacabandanya," yatwenze , yongerako ko ibanga ryiwe ryo kuguma ameze neza ari "kwinonora imitsi cane."

Ahavuye isanamu, Black Bear
Mw'ireresi Shelter, Statham akina nkumuntu yahoze ari umwicanyi kera asigaye yiberaho wenyene ariko bigaharara igihe akijije umwana w'umukobwa bigatuma ahura n'abansi b'abagizi ba nabi hamwe n'akahise yashaka guhunga.
Avuga ko igituma iyi filime itandukanye n'izindi ari uko irimwo cane amaganya ugereranyije n'amafilime yingwano yahora akora.
Uwatuganyije iyo reresi, Ric Waugh, aravyemera kandi akavuga ko iyo filime "igukurura mu mutima ikagusiga ubabaye."
Asigura ati: "Sinkunda gukoresha amasanamu ahinguye cane aho ibintu bisigara umengo si ukuriki, nkora amareresi aho ibintu vyose biba ari ivy'ukuri, nyakuri kandi vyubakira ku buzima, kuko ivyo ni vyo biryohera cane abantu mu mitima ."
"Nta kintu na kimwe kikintera ubwoba"
Kimwe mu bice bigoye cane muri iyo filime cari igikorwa co gutabara umuntu mu kiyaga kinini, ico Statham yavuze ko cari kiruhishije cane igihe batunganya iyo reresi.
Avuga ati: "Ivyo vyararuhishije cane umubiri wanje."
"Biragoye kwerekana neza igikorwa kiriko kibera mu mazi, kandi umuntu wese arazi ko kwoga wambaye ikoti n'ibirato vya nimero 10 atari ikintu coroshe."
Naho ibikorwa vyari bikomeye cane, Statham avuga ko ubwoba atakibugira nk'uko vyahoze.
Ati: "Nta kintu kikintera ubwoba, maze imyaka myinshi ndabikora."
Avuga ko ubwoba buke agifise ari twiza, kandi dukomoka ku "nyota yo gukora ikintu ciza no kugikora neza."
Statham yavuze atwenga kandi ko abakunzi biwe "bazoba bamurwaye gushika mu mpera z'uyu mwaka," kuko yakinye muma reresi menshi azohosohoka mu 2026, harimwo iyitwa "Mutiny" n'igice ca kabiri ca "The Beekeeper."
Azoboneka kandi mw'ireresi Viva La Madness, ireresi izotuma asubira gukorana n'umuhinyanyuzi w'amareresi Guy Ritchie.
Yagize ati: "Mfitiye Ritchie ideni rinini kuko ni we yatanguye kunkoresha muri uyu mwuga wanje, ni co gituma nanezerewe cane gusubira gukorana na we".
Statham ariko ntiyigeze ashaka kuvuga ibindi vyinshi ku bijanye n'iyo reresi, uretse ko gufata amashusho bizotangura mu ndwi iza.










