Menya bano bakuru b'ibihugu bine bamaze gufatwa na Reta Zunze Ubumwe za Amerika

Ahavuye isanamu, Getty Images
Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziriko ziraburanisha Perezida Nicolas Maduro wa Venezuela inyuma y'igitero cakozwe n'ingabo zagomorewe na Donald Trump ku gihugu ciwe zikamuhagarika, akaba yagirizwa magendo y'ibiyayuramutwe.
Iki gitero caraneguwe cane kw'isi, aho mbere n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU rifata ko ifatwa rya Perezida Maduro ari "ihonyangwa ry'amategeko mpuzamakungu".
Amerika ivuga ko iki gikorwa kiri mu rwego rw'igendereza ryari rimaze igihe kirekire ku ruhara rwa Maduro ruvugwa muri magendo y'ibiyayuramutwe n'ibindi vyaha.
Hagati aho, uyu si we mutegetsi wa mbere arongoye igihugu cigenga akorewe ibi na Amerika.
Venezuela - Nicolas Maduro

Ahavuye isanamu, Getty Images
Nicolas Maduro ni we mukuru w'igihugu w'ubu bwa vuba aherutse gufatwa n'ingabo za Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Kuva amezi atari make imbere y'aho, inzego z'igendereza za Amerika zari zimaze igihe zikurikiranira hagufi Perezida Maduro.
Akagwi gatoya, karimwo n'abari muri reta ya Venezuela, baguma bamuneka : aho arara, ivyo afungura, ivyo yambara n'ivyo yitwaza, eka mbere n'ibikoko vy'ibitungano akunze kuba ari kumwe na vyo, nk'uko amasoko ya gisirikare avyemeza.
Integuro y'igitero co gufata uno mukuru w'igihugu, cataziriwe "Operation Absolute Resolve", yarangijwe mu ntango za Kigarama (12) 2025.
Ku wa gatandatu, igenekerezo rya 3 Nzero (1) 2026, nk'isaha hafi zitanu z'ijoro (23h00), Perezida Donald Trump yategetse ko Nicolas Maduro afatwa.
Trump yakurikiye ikibiriraho iki gitero aho yari ari muhira iwe i Mar-a-Lago mu ntara ya Florida, ari kumwe n'umukuru w'ikigo CIA kijejwe igendereza ryo hanze, John Ratcliffe, hamwe n'umushikiranganii ajejwe imigenderanire wa Amerika, Marco Rubio.
Indege z'intambara zirenga 150 za Amerika ni zo zarungitswe muri ico gitero co muri iryo joro, nk'uko amasoko yo muri reta ya Amerika abivuga.
Hafi nk'isaha umunani z'ijoro (2h:00), ni ho hatanguye kwumvikana ibibombe ku mugwa mukuru Caracas, ibiturika vyaherekezwa n'umwotsi mu kirere. Aho hose amatara yari yacitse.
Igisata ca BBC kijejwe amakuru y'igendereza cemeza ko ibibanza bitanu ari vyo vyatewe. Bimwe mu bitero vya Amerika vyakozwe ku buhinga bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere hamwe n'ibigo vya gisirikare vya Venezuela.
Igihe ingabo za Amerika zashika ku rupangu rwa Maduro, mu masaha umunani z'ijoro, harahaye ukurasana nk'uko vyavuzwe n'umutegetsi wa gisirikare.
Ingabo za Amerika kandi zarashoboye gushikira Maduro ariko agerageza kwiyugaranira mu cumba ntamenwa, ariko akaba atari bwashobore kwugara urugi.
Zaciye zimufata, zimutwara i New York muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zimupfungirayo, akaba ariko araburanirizwayo.
Irak - Saddam Hussein

Ahavuye isanamu, Getty Images
Muri Kigarama (12) 2003, Reta Zunze Ubumwe zafashe Perezida Saddam Hussein wa Iraki inyuma yigitero zakoze kuri iki gihugu, cikekwa ko cari gitunze ibirwanisho ruhonyanganda.
Saddam yafashwe inyuma y'amakuru y'igendereza yahawe ingabo za Amerika yavuga ko yari yinyegeje mu mwobo muto wari hafi y'iraro ry'ahitwa Tikrit, igisagara ciwe c'amavukiro.
Koroneli James Hickey yarongoye iki gitero co kumufata, yavuze ko Saddam yasohotse akava muri uwo mwobo akishikana imbere y'uko ingabo zirekuriramwo igisasu ntezwantoke (grenade).
Umugabo umwe yafashwe mpiri i Bagdad umusi umwe imbere y'aho ni we yatanze amakuru y'aho yari yinyegeje.
Saddam yakuwe muri uwo mwobo hafi isaha zine n'igice z'ijoro (22h30).
Igihe ingabo zaraba muri uwo mwobo, zabonye umugabo yari akirije amaboko. Koroneli Hickey ati: "Cari ikimenyetso ko yashaka kwishikana".
Baciye bamukurayo, yataye umutwe, baca baramuboha.
Yari afise i bastola (pistolet), ariko ntiyateye igere. "Nitwa Saddam Hussein. Ndi umukuru w'igihugu ca Irak kandi nditeguye kuganira", ni ko yabwiye ingabo za Amerika mu Congereza, nk'uko bivugwa na majoro Bryan Reed, intwazangabo yari ijewe imikenyuro muri birigade ya 1.
Saddam Hussein yahavuye anyongwa ku wa gatandatu igenekerezo rya 30 Munyonyo (11) 2006 mu buraruko bwa Bagdad.
Yari yahagaritswe yagirizwa ivyaha vy'agahomerabunwa kuri kiremwamuntu, cane cane igandagurwa ry'aba-Chiites 148.
Panama - Manuel Noriega

Ahavuye isanamu, Getty Images
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zateye igihugu ca Panama muri Kigarama (12) 1989, zibogoza umukuru w'igihugu zimwagiriza kurwanya demokarasi, igiturire, magendo y'ibiyayuramutwe hamwe n'itoteza ry'abanyagihugu.
Muri ico gitero, Amerika yarungitse ibihumbi n'ibihumbi vy'ingabo, mu gitero co mu kirere, ku butaka no mu mazi.
Iki gitero cabaye ku wa 20 Kigarama 1989, mu gihe imigenderanire hagati ya Amerika na Panama ku butegetsi bwa Manuel Noriega yari hasi cane.
Mw'ijambo yashikirije igihugu, Perezida George H. W. Bush wa Amerika yatangaje ko yari yagomoreye ingabo kuri Panama mu ntumbero yo "gukingira Abanyamerika" no gushengeza Noriega mu butungane.
Yatangaje ibi inyuma y'imisi mikeya intwazangabo ya Amerika yishwe n'ingabo za Panama. Ico gihe Noriega yagirizwa magendo y'ibiyayuramutwe n'ubusuma bw'amatora yabaye mu 1989.
Iki gitero ca Amerika cagomorewemwo ingabo zirenga 20.000 zateye ico gihugu zigafata ibigo bikurubikuru vya gisirikare. Ubutegetsi bwatangaje ko abasirikare n'abasivire 514 ba Panama ari bo bishwe, ariko ayandi masoko yo muri iki gihugu nyene avuga ko hishwe abashika igihumbi. Ingabo 23 za Amerika na zo nyene zarahasize ubuzima.
Muri iki gitero, Panama City, umugwa mukuru wa Repubulika ya Panama, yahindutse akarere k'intambara.
Noriega yahungiye mu buserukizi bwa Vaticano muri ico gisagara muri ico gihe. Ingabo za Amerika zaciye zigota ubu buserukizi.
Perezida Noriega yahavuye amanika amaboko ku wa 3 Nzero (1) 1990.
Yaciye atwarwa i Miami, mu ntara ya Florida, aho yaciriwe urubanza n'igisata kijejwe kurwanya ibiyayuramutwe (DEA, Drug Enforcement Administration), hanyuma akaza kwagirwa n'ivyaha vya magendo y'ibiyayuramutwe n'ugutunga amafaranga mu buryo budasobanutse.
Noriega yamaze ikiringo cari gisigaye c'ubuzima bwiwe mu mabohero yo muri Amerika no mu Bufaransa, akaba yaranashizwe mu kibanza aho yari acungishijwe ijisho muri Panama.
Yapfuye mu 2017 afise imyaka 83.
Honduras - Juan Orlando Hernandez

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uno yahoze ari umukuru w'igihugu ca Honduras yahagaritswe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika muri Ruhuhuma (2) 2022, inyuma yo gutanga imihoho. Yahavuye arungikwa muri Amerika gukurikiranwa ku vyaha vy'igiturire na magendo y'ibiyayuramutwe.
Hernández yafatiwe muhira iwe, haciye amayinga make ikiringo ciwe kigira kabiri kirangiye.
Igipolisi carungitswe ku rugo iwe rwari i Tegucigalpa, umugwa mukuru, haciye amasaha makeya Amerika isavye ko arungikwayo.
Abapolisi bashitse, Hernández yarishikanye, ubwo nyene aca arahagarikwa yongera arirukanwa.
Yarongoye Honduras kuva muri Nzero 2014 gushika mu 2022.
Muri Ntwarante 2024, sentare y'i New York yakubise intahe mu gahanga uno yahoze ari umukuru w'igihugu ku vyaha vyo gutegura kurungika ikiyayuramutwe ca kokayine (cocaïne) muri Amerika hamwe no gutunga ibiranisho hadakurikijwe amategeko.
Hagati aho, muri Kigarama (12) 2025, Perezida Donald Trump yahavuye agirira ikigongwe Juan Orlando Hernández yari umukuru w'igihugu ca Honduras, yari yaciriwe umunyororo w'imyaka 45. Trump yavuze ko urubanza rwa Hernandez rwari urwa poritike kandi ko kari "akarenganyo kabishe".
Iki kigongwe yahawe na Trump catangaje benshi cane, uravye ivyaha vyari vyamwagiriye.













