'Je novuga ko Uburundi ari igihugu c'abantu banezerewe' – Ndayishimiye

Ahavuye isanamu, Ntare Rushatsi
Prezida Evariste Ndayishimiye w'Uburundi avuga ko wewe abona iki ari 'igihugu c'abantu banezerewe' kandi hari ivyerekana y'uko amikoro y'abenegihugu ariko aratera imbere. Ni mu gihe ibigo mpuzamakungu bivuga ko Uburundi buri mu bihugu bikenye cane kw'isi.
Mw'ijambo yashikirije kuri uno wa gatanu kuri Stade Royal de Muramvya mu ntara ya Gitega avuga ingene ubuzima bw'igihugu bwifashe muri uno mwaka turiko turasozera, Ndayishimiye yavuze bimwe bimwe leta yiwe yishimira.
Yavuze ko uyu mwaka Uburundi bwatunganije amatora akagenda neza mu mutekano "ntihabe indyane mu bantu, ntihabe abarabana ijisho ribi".
Mu bijanye n'ubutunzi n'imibereho y'abantu, Prezida Ndayishimiye yavuze ko Abarundi bariko baragwiza umwimbu mu buryo buboneka.
Ati: "Tubirabira ku makori n'amatagisi, ayo yaraduze cane ku buryo twabona ko ku yo bari batoje umwaka uheze hararengako imiriyaridi nk'amajana atatu.
Avuga ibindi vyerekana ko amikoro y'abenegihugu ariko aratera imbere, yagize ati: "Mu misi yahera abantu warabona yuko umenga mu maso ntibakeye, [ubu] turabona yuko abantu bakeye mu maso, mbere je novuga ko Uburundi ari igihugu c'abantu banezerewe.
"Turiko turaraba nk'ingene abantu bagura ingendeshwa, hariho abavuga ngo Uburundi burakenye mugabo turavye nk'imiduga yinjiye mu gihugu mishasha, ni ibihumbi n'ibihumbi, amapikipiki yaguzwe ni ibihumbi n'ibihumbi…aho hose bikwereka yuko [Abarundi] bafise amikoro."
Ibigo biraba ingene itunga ry'igihugu rikoreshwa, nka OLUCOME na Parcem, bivuga ko ubutunzi bw'Uburundi bwifashe nabi, ibituma urwaruka rwinshi n'incabwenge bajabuka bakaja mu bindi bihugu kuronderayo ubuzima.
Perezida Ndayishimiye yavuze ko ivyo kuja mu mahanga biterwa no ''kubura umutima wo gukunda igihugu''.
Ikigega mpuzamakungu c'imari FMI kivuga ko umwimbu rusangi (PIB/GDP) w'Uburundi waduze ku rugero rwa 4.4% muri uyu mwaka ugashika kuri miriyaridi indwi z'amadorari ya Amerika.
Naho umwimbu bwite w'umunyagihugu w'Umurundi ubu ukaba uteye ku madorari ya Amerika 486 ku mwaka ku bwa FMI, kuri uyu mwimbu w'umunyagihugu ku isi ibihugu biza inyuma y'Uburundi ni Afghanistan (417$), Yemen (415$) na Sudani y'Epfo (313$).
Ndayishimiye avuga ko mu vyo bashitseko harimo 'umuyagankuba uriko uraba mwinshi mu gihugu'. Ati: "Kuva mu 2020 tumaze kugwiza [umuyagankuba] inshuro zirenga zitatu. Turamaze kwatsa utugwati twinshi, ubu twovuga yuko ata hantu hari amakomine hatari umuyagankuba."
Yashimye ko igisata c'ubutare ubu kiriko kirakora neza aho yamenyesheje ko muri uyu mwaka bwinjije ayashika miliyoni 12 z'amadorari ya Amerika, kigaha akazi abantu ibihumbi.
Ingorane y'igwirirana ry'abantu
Prezida Ndayishimiye yavuze ko naho hari vyinshi igihugu arongoye cashitseko mu ngorane bahuye na zo harimo igwirirana ry'abantu "rigira ingaruka ku butunzi bw'igihugu", Yongerako ati: "Biragora igihugu kujana n'umurindi w'igwirirana ry'abantu".
Yahimirije Abarundi kugabanya imvyaro, ati: "Tuvyare abo igihugu gishoboye kwitwararika, gishoboye kurera".
Yavuze kandi ko ihindagurika ry'ibihe mu ntara nka Kirundo ryateye uruzuba ku buryo umwimbu w'ibigori uzoba muke muri uyu mwaka, avuga n'ikibazo c'imyuzururira mu Gatumba yimuye abantu, eka n'ikibazo c'Abatwa badafise amatongo.
Asozera ku kungene igihugu cifashe yavuze ati: "Mu ncamake, nobabwira ko igihugu gitekanye, nta nzu iriko irasha, Abarundi barafungura, barafite ivyo bafungura, Abarundi bari ku kivi, kandi bari mu mwumvikano nta ngere."
'Ntituzi ico Urwanda ruduhora'
Mu bibazo Prezida Ndayishimiye yabajijwe n'abamenyeshamakuru hagarutswe ku ic'imigenderanire n'Urwanda. Mu gihe umukuru w'Uburundi amaze kuvuga kenshi ko Urwanda rufise umugambi wo gutera Uburundi, yabajijwe niba izindi nzira zose zararaniwe kugira iyo ntambara ntizobe.
Ndayishimiye yavuze ko inzego ziwe ziguma zivugana n'iz'u Rwanda kandi ko – atavuze igihe vyabereye - nawe ubwiwe yabonanye na mugenziwe w'Urwanda, Paul Kagame. Gusa ngo gushika ubu reta y'Urwanda yarananiwe no guha Uburundi abo Ndayishimiye yita 'inkozi z'ikibi' reta yiwe ivuga bahawe indaro n'Urwanda.
"Twebwe turi abaterwa ntituri abatera ...Urwanda ntiruratubwira ico ruduhora", niko Prezida Ndayishimiye yavuze.
Ku mubano n'Uburundi reta y'u Rwanda mbere yishuye ko "U Burundi bufise ikibazo ku Rwanda ariko nta kibazo dufitanye n'u Burundi".
Muri Ntwarante (3) uyu mwaka, Minisitiri imigenderanire n'amakungu w'u Rwanda Olivier Nduhungirehe yatangaje ko igihugu ciwe n'u Burundi byari biri "mu nzira yo kureka ubushyamirane no kumvikana".
Ivyashikirijwe na Ndayishimiye uyu musi bigaragaza ko utwo twigoro two guhuza ibihugu vyompi ataco turashikako.
Imigenderanire hagati y'Urwanda n'Uburundi yifashe nabi kuva habaye igeragezwa ryo gutembagaza ubutegetsi mu Burundi mu 2015. Reta y'Uburundi ivuga ko bamwe mu bagirizwa ico caha bahungiye mu Rwanda.
Imyaka iri hafi gukwira ibiri Uburundi bwongeye kwugara urubibe rwo ku butaka bihana n'Urwanda. Ingendo z'indege zo zagumyeho.
N'umupaka wa Gatumba hagati ya Bujumbura na Uvira muri Repuburika ya Demokarasi ya Congo urugaye kuva ico gisagara cinjiwemwo n'abagwanyi ba M23 haraheze indwi zirenga zitatu n'ubwo haheze iminsi itatu bavuze ko bakivuyemwo.
Ku gahombo gaterwa n'iyugarwa ry'izo mbibe zicako ibicuruzwa vyinshi, perezida Ndayishimiye yishuye ko "amagara aruta amajana" avuga ko zugawe ku mvo z'umutekano kugira ntihagire "abajabuka kwica abantu".













