'Hari abanca intege ngo sinzoronka umugabo' - Umukobwa w'i Ngozi yahejeje kaminuza ashona ibirato

- Umwanditsi, Patrick Wasso
- Igikorwa, Umunyamakuru i Bujumbura
"Ikirato ca mbere nakoze, nasubiyemwo ico nabonye mw'isoko, mama aragishima, aca akingurira 15.000 BIF, nca ndayagira umutahe" - uwo ni Keilla Manirumva, umwigeme aherutse kurangiza kaminuza ubu abeshejweho no gushona ibirato.
Yatanguye gukora uno mwuga aciga kuri kaminuza, ubu hakaba haciye ukwezi kumwe ayirangije, nk'uko abivuga, kandi ntarota aheba.
Ati: "Nakora aka kazi nkiri umunyeshure, ariko bivanye nico kamaze kumarira, sinipfuza ko kazogirira akamaro jewe gusa ndipfuza guha akazi abantu benshi, rero ntegerezwa kukabandanya".
Uno mwigeme wo mu gisagara ca Ngozi mu ntara ya Butanyerera mu buraruko bw'Uburundi, akora umwuga utamenyerewe ku bigeme canke abagore muri rusangi, aremeza ko umutunze, mbere umaze no kumuha agashimwe.
"Jewe nari wa muntu ntari bwigere nkorera amafaranga n'ijana, ubu haraciye imyaka ibiri, kubona rero nari ngiye gukorera ibihumbi bine ku musi, nabona ari amafaranga menshi cane kuri jewe. Ni ukuri jewe naravyiyumvira nkumva umengo n'ugusara nosara".

Aherutse gutahukana ikibanza ca mbere mw'ihiganwa Umwuga Awards ryari yatunganijwe na ENABEL, ishirahamwe ry'Ububirigi rijejwe iterambere ku rwego mpuzamakungu muri Gitugutu (10) uno mwaka.
Ati: "Urya mwanya vyarangoye kuvyakira kuko sinari niteze ko nza kuba uwa mbere, ryabaye iteka kuri jewe no ku mwigeme w'Umurundikazi. Vyaranteye intege pe".
Umusanze aho akorera imbere y'irembo iwabo muri quartier Kinyami ya mbere ari na ho asanzwe aba, yiyicariye ku gatebe ariko ashona ibirato vyiwe, arisanzuye muri uno mwuga wiwe amazemwo imyaka ibiri n'amezi make, kandi awurangurana akanyamuneza.
Uno mukobwa w'imyaka 23 avuga ko yawutanguye afatiye ku vyo yabonye i Bujumbura.
Ati: "Umusi umwe, mama yansavye ngo ndamuherekeze i Bujumbura kurondera ivyo yari akeneye. Tugeze mw'isoko ya Cotebu, nabonye ikirato kijishe hejuru n'inyuzi, itaro na ryo ari ipine.
"Naragitoye, ndacihweza, nca numva ko nanje nshobora kubigerageza, kuko nari nsanzwe nzi kudesa n'inyuzi."

Avuga ko nk'umukobwa akora uno mwuga ahanini umenyerewe ku bagabo ahura n'intambamyi zitari nke, nko kuronka ibikoresho, ariko cane cane ku bamuca intege, ariko ko araco bimubwira.
Ati: "Kuronka ibikoresho aha i Ngozi ni ngorane, ariko cane cane, hari abanca intege ngo sinzoronka umugabo ndi umukobwa ashona ibirato".
Nubwo biri uko, afise ishaka mbere agatera akamo n'abandi bigeme kutarera amaboko: "Mu vyo nemera, abakobwa barera amaboko ntibagihari".
Agira ati: "Abakobwa b'ubu, ntitukiri ba bandi babona umengo ntaco bashoboye, ubu twaramaze kubona ko hari ico dushoboye.
"Dukwiye kugira umutima ukomeye wo kudasubira kubona uko isi iguma ishaka kutwiyumvira no kutwemeza, ko turondera amafaranga tutayakoreye, ibi ntibisubire kutugarukamwo".
Nubwo hari abamubona nk'igitangaza, abamushorera kuva agitangura uwo mwuga bobo baramushimagiza. Marie-Christa Igirumugisha ati: " Ashona uturato twiza kandi dukomeye, hari ikirato namuguriye agitangura, kugeza ubu ndacagifise".
"Aradushimisha, kandi akora ibintu vyiza, nomusaba ko yobandanya azamuka nyene, atere imbere", niko Nadine Irakoze avuga, mu kumutera intege.













