Menya ingene uyu Murundikazi Chanesse Ikorineza yabaye rurangiranwa muri 'Bodybuilding' i Bulaya

Uno muforomakazi Chanesse Ikorineza avuga ko agiye gukora Bodybuilding nk'umwuga
Insiguro y'isanamu, Uno muforomakazi Chanesse Ikorineza avuga ko agiye gukora Bodybuilding nk'umwuga
    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, Umumenyeshamakuru i Bruxelles

Ku myaka 30, Melissa Chanesse Ikorineza, Umurundikazi aba mu gihugu ca Danemark akaba amazeyo imyaka 16, agiye kwandikisha izina nk'umwiraburekazi wa mbere azokina inkino za nyuma za Bulaya zihuza abagore bakomejwe no guterura ivyuma (BodyBuilding) zitwa 'European Mastership'.

Yashitse kuri iyo ntambwe inyuma yo kuba uwa kabiri mw'ihiganwa rya Bodybuilding ryo muri Danemark, akaba yatanguye kwitaba iri higanwa mu mwaka uheze wa 2024, aho yabaye umwiraburekazi wa mbere yitavye izi nkino akaronka n'ikibanza ciza mu kiringo gito c'umwaka n'inusu kuva atanguye amahiganwa.

Chanesse, umuhererezi mu muryango w'abana babiri, yavukiye ku mugwa mukuru w'icahoze ari intara ya Kayanza mu buraruko bw'Uburundi, ariko umuryango wiwe ukaba wahavuye wimukira i Kigali mu Rwanda, maze akurira ku Kacyiru.

Avuga ko yize amashure matomato kw'ishure ry'intango rya Rugando i Kigali. Mu nyuma baciye bimukira i Bulaya mu gihugu ca Danemark ari naho yabandanirije amashure yiwe yisumbuye aca arangiriza mw'ishure ry'ubuforoma muri ico gihugu.

Chanesse avuga ko bitamworoheye kubera ari umwiraburekazi
Insiguro y'isanamu, Chanesse avuga ko bitamworoheye kubera ari umwiraburekazi

Ni gute yisanze muri uru rukino ahanini rw'abagabo?

Ikorineza, igihe twamusanga mu gisagara ca Aalborg aho asanzwe akorera imyimenyerezo, yatubwiye ko yatanguye aterura ivyuma bisanzwe mu nzu y'ikarashishi (gym), ariko agahava abona ko bidakwiye kuko yabona ko inguvu abagabo bafise nawe nyene azifise, ariko kuja muri BodyBuilding.

Agira ati: "Jewe ndi mu nkino za Bodybuilding mu gisata bita Bikini, ni ukuvuga ni ukwerekana ubukomezi bwawe werekana uko inyama zawe zigabuye kubera guterura ivyuma. Uba wambaye agahuzu ko musi (bikini) kugira werekane ubukomezi bwawe.

"Jewe nabona umengo ni urukino rwahebewe abagabo, ariko nanje nkabona hari abagabo nsumvya inguvu, nca ndarujamwo, kandi vyagenze neza, naratsinze bitagoranye."

Nubwo biri uko, avuga ko bitamworoheye kubera ari umwiraburekazi, aho agira ati: "Ntivyoroshe, nari umwiraburekazi jenyene kandi w'Umurundikazi; narabona ko batandaba ryiza ariko nca nshiramwo inguvu nyinshi kugira ngo mbere akarorero abandi biraburekazi kugira ngo batinyuke maze berekane ko bafise inguvu n'ubushobozi."

Ikorineza ari mu nkino za Bodybuilding mu gisata bita Bikini
Insiguro y'isanamu, Ikorineza ari mu nkino za Bodybuilding mu gisata bita Bikini
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ikorineza avuga ko, nubwo ariko atera imbere, intambamyi kuri we zitabuze kuko hari abamuca intege, mbere ngo harimwo n'abamwegereye.

Ati: "Hariho abambwira ko nshira isoni gukina inkino z'abagabo, aho bisaba kwambara agahuzu ko musi n'ukwerekana ubukomezi bw'umubiri, hari benshi mbere bambwira ko ari ugutitura imico y'Abarundikazi.

"Hari abambwira ko nkomantaye cane nk'abahungu, ko rero ata mugabo nzoronka, bakibagira ko mfise umukunzi w'umuhungu dukundanye, ariko ivyo vyose ntaco bimbwiye kuko ni ivyiyumviro vya kera.

"Jewe ico nshaka ni ukubera urugero abandi Barundikazi nkanje mu kwerekana ko dushoboye, kuko kugira sport ntuca uba umugabo."

Chanesse Ikorineza, hampande y'uru rukino, avuga ko asanzwe akunda guteka, cane cane gutekera abashitsi indya zo muri Afrika. Avuga ko intumbero yiwe ari ugukwiragiza no kumenyekanisha inkino za Bodybuilding z'abakenyezi muri Afrika ahereye mu Burundi no mu Rwanda, mu gutunganya amahiganwa.

Uno muforomakazi Chanesse Ikorineza avuga ko agiye gukora Bodybuilding nk'umwuga, aho avuga ko intego yiwe ari gutahukana ihiganwa ry'isi muri Bodybuilding.