Abanya Uganda bakora urukino rwo gukirana mu bishanga babaye rurangiranwa

Ahavuye isanamu, BBC Sport Africa
- Umwanditsi, Kelvin Kimathi
- Igikorwa, BBC Sport Africa i Mukono muri Uganda
Mu micunguraro y'igisagara gitekanye hanze y'umugwa mukuru Kampala, umugwi w'imisore n'inkumi batanguye gufata uwundi murongo w'urukino rwo gukirana kandi batanguye gukundwa ku rwego mpuzamakungu.
Ntibakinira mu bibanza bikomakomeye vyubatse mu buhinga buteye imbere, hari ya matara arabagirana, canke ibindi biranga ibibanza binini binini vy'uru rukino.
Ahubwo, imigano ifashwe n'imigozi y'umuhondo niyo igize uruzitiro rw'abariko bakinira mu rushanga, muri uru rukino ruzwi Soft Ground Wretling -SGW.
Daniel Babumba yasiguriye BBC ati: "Nta buryo bw'amafaranga twari dufise kugira ngo dushobore kugura ikibanza c'uyu mukino wo gukirana.
"Rero twahitsemwo gukoresha imigano dukuye mw'ishamba riri hano hafi. Nayo ku bijanye n' ivyo gusasa hasi, dukoresha ibumba risanzwe n'ivyondo kugira ngo dushobore kworosha hasi.
"Ibi ni vyo bituma tuba abadasanzwe".
Kuva amavidewo ya SGW atanguye buhoro buhoro guhanahanwa, iamaze kuronka abayaraba barenga imiriyoni 500 kuri TikTok , Instagram, X, Facebook na YouTube kandi ibandanya ikwegakwega n'abandi bakunzi mu nkizo zayo zibera i Mukono.
"Aba ni abacu. Turakunda ivyo bakora", uko niko umwe mu bagore bakunda uru rukino avuga.
Urukino rubaha icizere

Ahavuye isanamu, BBC Sport Africa
N'ubwo umaze kumenyekana cane ku mbuga hwaniro, si uko muri SGW vyose vyera canke bisayangana.
Abakinyi, ahanini usanga bagizwe n'impfuvyi canke barezwe n'umuvyeyi umwe, nta mushahara bafise, aho usanga babeshejweho n'intererano baja bararonka.
Bakora imyimenyerezo mu mvura no ku zuba rimena imbwa agahanga, batekera hanze imfungurwa zibayabaye nk'umusururu (igikoma), bakaryama hamwe mu bibandahori bakota.
Ku myaka 23, Jordan Loverine yatanguye kumenyekana nk'umwe mu bakora urwo rukino rwa SGW, bariko baraduga cane, agafatwa nk'ikimenyetso c'ukuntu urwo rukino rushobora kubera ngirakamaro abantu nkawe batagira ahandi boronderera..
Agira ati: "Uru rukino rwampaye icizere inyuma yo kuva mw'ishure"
"Ubuzia bwasa n'ubwari bwananiye.
"Ariko SGW yampaye umuryango mushasha, n'indoto nshasha, zo kuzoba umukinyi akomeye, nkaba rurangiranwa, ubuzima bukankundira nkanafasha n'abandi.
Urwaruka rw'abanya Uganda bakiri munsi y'imyaka 25 bashika ku 100, nibo bagize umugwi wa SGW.
Mu bamaze kumenyakana cane harimwo Lamono Evlyn aturuka mu buraruko bw'igihugu, azwi ku ritazirano rya Zampi muri urwo rukino.
Inyuma yo kubura se akiri kw'ibere, yarezwe na nyina wenyene, ntiyigeze aheza amashure kubera kubura uburyo bw'amafranga.
Ariko, kubera urwo rukino rwo gukirana, uno muyabaga w'imyaka 20 yarashoboye kuhigira kwifata, kugira intumbero no kuronka ivyizigiro bisha.
Agira ati: "Imbere ya SGW, nari nfise ikibazo c'amashavu, kandi naravuga nabi". Gukirana vyaramfashije kugabanya agashavu no kwigumya. Rero ubu ni nk'ubuzima bwanje bwose, vyarampinduye mu mutwe no ku mubiri."
Kuva ku kwamamaza WWE agatanguza SGW

Ahavuye isanamu, BBC Sport Africa
Bumba, yataziriwe Bumbash, 37, mu buzima bwiwe bwose yakunze izi nkino zo gukirana, ndetse yakuze yigana abamamaza inkino zo gukirana ku rwego rw'isi, World Wrestling Entertainment -WWE.
"Mama yahora ankubita anziza gukunda cane urukino rwo gukirana rw'abanyamwuga ku rwego rw'isi.
"Ariko narabikunda cane gushika aho natanguye kuja ndigana abamamaza urwo rukino, mu nyuma ntangura no kuja ndasobanura ivyo bavuga mu mahiganwa y'isi ya WWE mu rurimi rwu Luganda kuri televiziyo ya hano."
Mu 2023, Bumbash yabonye ko hari abashashaye amakuru y'urwo rukino ariko nta nyubakwa zo kubikoreramwo zariho.
Rero yaciye afata ingingo yo gutangura ivyiwe bisa n'urwo rukino mu buryo afise.
Igihe yatangura gushira video ku mbuga hwaniro ubwa mbere, abantu baciye babikunda ubwo nyene. Abarugize umwuga bo mu mashirahamwe ya World Wrerstling Entretainment -WWE na All Elite Wrrestyling -AEW) baciye batangura kumurondera kugira ngo bamushigikire.
Imbuga hwaniro zibandanya kugira uruhara rukomeye, aho mbere n'abakinyi bashasha abaronka aciye kuri TikTok.
N'ubwo urwo rukino rwa SGW rukunzwe cane ku mbuga, Bumbash niho agitangura kubona umwimbu uvuye muri izi nkino kandi ntashikira $1000 ku kwezi.
Ubwo buryo nibwo akoresha mu gice c'ibikorwa vyabo vyo gutunganya izi nkino, kandi Bumbash agakora no mu twiwe akura mukazi ko kuri Televiziyo kugira ngo abarihire uburaro aho bapanze, ico bafungura n'ibindi bike vya nkenerwa.
Agira ati: "Ahanini umushahara wanje ugenda kuri aba barwanyi. Nta n'ico mbika."
Banyita Papa. Nama ndi hafi yabo. Ndabagaburira, nkabaraza, ngatuma baguma bafatanye mu nda."
Intambara ku mpande zose

Ahavuye isanamu, BBC Sport Africa
Umutekano nico kibazo gikomeye muri izi nkino za SGW.
N'ubwo ivyo bakurikiza biba vyanditse kandi baba babisubiyemwo, ntikibuza ko hagira abavunika amagufa, canke bagahinyagara amazosi.
Bambash agira ati: "Turagerageza uko dushoboye kwose kurondera ibikoresho vya nkenerwa vyo kudufasha vyihuta vyo gutabara (first aid) ariko amafaranga kikaba ikibazo.
Ni ibishika gusanga buri kwezi hari umuntu n'imiburiburi umwe ahuye n'ikibazo c'imvune ituma aheba burundu uwu mwuga.
"Rimwe na rimwe usanga ari umugongo canke izosi ryavunitse, canke abakiri bato ugasanga bavunitse igufa." Niko Bumbash avuga.
Yongerako ko agerageza gutabara vuba na vuba, ariko bikabagora kubera badafise ibikoresho vya ngombwa.
N'ubwo hari izo mpungenge zose, urwo rukino rubandanya gukundwa n'abarukina.
Loverine avuga ko bisaba kwitanga.
Agira ati: "Utegerezwa gusiga vyinshi inyuma -incuti abagenzi baguca intege, ugatakaza amahirwe yo kuronka akazi – ugashira umwitwarariko wawe kuri uru rukino."
Zampi yongerako ko kurwanira mu bishanga ari ibintu bigoye cane. Ariko ngo iyo umutima ushaka ikintu, uragikora."
SGW yarashimishije umukinyi rurangiranwa wa WWE Cody Rhodes, uno mwaka yabahaye ikibanza co gukiniramwo (ring ) kiri ku rwego rwubunyamwuga.
Bumbash yagize ati: "Ubu rero dushobora gukina mu mahiganwa yo ku rwego mpuzamakungu.
"Ariko tuzokomeza n'amahiganwa yacu yo mu bishanga. Ni co gituma uru rukino ruba ikintu cihariye kuri twebwe".
N'ubwo bafise ico kibanza, abakinyi ba SGW barishimira iyo bavuye, ni ukuvuga iyo ntango yabo yo mu bishanga.
Zampi yavuze ati: "Ndakunda uruzitiro rwa kijambere rwo kurwaniramwo, ariko kandi mpitamwo gukinira mu bishanga.
"Vyerekena uburyo tubikora kinyafirika".
Kubera ukuntu babandanya bamenyekana, Bumbash afise icizere ko azoshobora kwubaka mbere na kazoza keza ku mugwi wiwe wa SGW, ahereye ku buraro bwabo.
Ubutaka bakoreramwo imyimenyerezo ni ubwo bakose. Ubwo bukote bashobora kubutakaza hamwe badashoboye gukwiza $40,000 yo kuhagura.
Bumbash agira ati: "Hamwe twoshobora kugura ubu butaka, turashobora kwubaka uburaro ikibanza co kunonora imitsi (gym) n'ivuriro rifise ivya ngombwa bikwiye.
"Dushaka kuba aba mbere muri Afrika mu guteza imbere umukino wo gukirana wo ku rwego rw'isi, ndetse impano zacu tuzishore mu makungu."
Mu gihe babandanya gukinira mu bishanga, bakimenyereza mu mvura ari nako babandanya bagira indoto zo kuzoshika ku rwego mpuzamakungu, aba Soft Ground Wrestlers ba Uganda barerekanye ko rimwe na rimwe, izo zibika zari amagi (ubukuru bushobora gukura buturutse ku busa).

Ahavuye isanamu, BBC Sport Africa

Ahavuye isanamu, BBC Sport Africa

Ahavuye isanamu, BBC Sport Africa













