Tanzania: Menya uno mumenyereza atabona n'ubuhinga bwiwe mu mupira w'amaguru

Insiguro ya video, Gute Ngonyani amenyereza muri football atabona?
    • Umwanditsi, Alfred Lasteck
    • Igikorwa, BBC Swahili, Songea

"Abantu ntibemera ko mfise ubushobozi bwo kwigisha umupira w'amaguru kubera ntabona. Iyi ni ingorane kuri jewe nubwo, nk'umwigisha mu vy'umupira w'amaguru, bituma niyemera cane", uyu ni Priver Ngonyani, umumenyereza w'umurwi w'umupira w'amaguru Mfaranyaki City

Nubwo atabona, avuga ko ubushobozi bw'umubiri wiwe bumubwira ibintu vyose akeneye kumenya ku bakinyi biwe n'abarorerezi.

Ushitse aho ari n'abakinyi biwe ku kibuga c'umupira ca Mfaranyaki kiri mu karere ka Songea, mu bumanuko bwa Tanzania, uhimbarwa no kubona ingene abakinyi bariko bahererekanya umupira kandi badahusha, ku mabwirizwa ya Ngonyani.

Uno mumenyereza Priver Ngonyani w'imyaka 27 afise ubumuga bw'amaso, ariko akubwira ko amatwi yiwe ari yo maso yiwe. Usanga ahagaze ku ruhande, amatwi akurikirana cane buri ntambwe y'umukinyi n'ukungene umupira uriko uragenda, n'ikintu ico ari co cose kibera ku kibuga.

Ni ikintu abantu benshi batamenyereye, ariko uno mumenyereza Ngonyani arakwereka ko vyose bishoboka.

Kenshi umubona ateze amatwi cane, ubwenge bwiwe bufise igicapo c'ikibuga nubwo atashobora kubona umupira n'amaso yiwe.

Avuga ko ashobora kumenya umukinyi ariko arakina neza n'uwutariko avyifatamwo neza.

Uno mumenyereza Priver avuga ati: "Sinshobora kubona ariko amatwi yanje arumva neza kandi umubiri wanje ufise inguvu nyinshi cane zimfasha. Ibi bituma nshobora kumenya uwuriko akina neza n'uwuriko akina nabi".

Vyamujemwo gute kugira ngo yigishe umupira w'amaguru?

Priver Ngonyani

Uno mumenyereza avuga ko amaze kubona urwaruka rwinshi ruri ngaho, ataco rukora, rwirirwa mu ngeso mbi nko kunywa itabi n'inzoga, yabonye ko vyoba vyiza arondeye icomufasha gukura benshi muri uru rwaruka muri izi ngeso atari nziza.

Uno mumenyereza yavukanye ubu bumuga bw'amaso avuga ko nubwo benshi barorera umupira w'amaguru n'amaso yabo, wewe atahura ikintu ico ari co cose kibera mu kibuga akoresheje amaso n'umubiri.

Avuga ko yakunda kwumviriza amakuru y'umupira w'amaguru mw'iradiyo, ivyamutumye yiga vyinshi n'ubuhinga butandukanye mu mupira w'amaguru.

Igihe yavuga ko ashaka kuba umumenyereza, benshi baramutwenze. "Ni umumenyereza nyabaki atabona?", niko bamubaza. Ariko kuri Priver, ikibazo co kutabona nticari inzitizi yari kumubuza gushika ku ntego ziwe.

Uretse umupira w'amaguru, ibindi azi ni ibiki?

Priver Ngonyani

Uno mumenyereza ni umunyamakuru yavyigiye, ariko nta kinyamakuru na kimwe kirigera kimuha akazi.

Avuga ati: "Narize gushika aho ndonka urupapuro rw'umutsindo mu mwuga wo kumenyesha amakuru, ariko gushika ubu, imyaka iriko iragenda, sindigera ndonka akazi. Benshi ntibatwemera twebwe abamugaye, nubwo womuha icemezo, ntakwemera.

"Abantu benshi bafise ubumuga muri Afrika barasuzugurwa. Kuri benshi ntivyoroshe kuronka akazi kubera ukuntu ikibano kibafata. Jewe ubwanje mpanganye n'ibibazo bitari bike nka bimwe mu bigize ubuzima".

Ngonyani amaze imyaka 10 yitanga mu kumenyereza imirwi y'abakinyi 46 b'umurwi Mfaranyaki City FC. Muri aba, harimwo 24 bagize umurwi w'abakuze, hakaba n'abandi bari mu mirwi y'abatarenza imyaka 20 (U20), imyaka 17 (U17) n'imyaka 14 (U14).

Indero kuri we ni ikintu gihambaye

Nubwo afise izi ngorane, abakinyi b'uno murwi babwiye BBC ko bamwubaha cane kandi ko bakurikiza neza amabwirizwa y'uno mumenyereza.

Icegera ciwe muri uno murwi Mfaranyaki City FC, Benedict Mindi, agira ati: "Twashitse ku bintu bikomeye mu myaka ibiri maze ndi icegera ciwe. Buri gihe yama yiteguriye gufata ingingo kandi rimwe na rimwe aranka impinduka iyo abona ko ataco zimaze. Yarazanye indero kandi dushika ku bintu bikomeye muri uno murwi".

Ku ruhande rwiwe, kizigenza w'umurwi, Rogatus Mbawala, avuga ko bakurikiza amabwirizwa yiwe kandi ko bataraba ubumuga bwiwe ngo bamugambararire.

Ukunenwa kiracari ikibazo mu kibano

Priver Ngonyani

Hanze y'ikibuga, Ngonyani avuga ko ahura n'indiri y'ibibazo.

Muri Tanzania, nk'uko bimeze no mu bindi bihugu, abantu bafise ubumuga bahura n'ingorane mu kibano no mu buryo bwo kuronka ikibabeshaho.

Nk'uko bivugwa n'ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abafise ubumuga bw'amaso, abantu 290.000 muri Tanzania ni impumyi.

Icegeranyo co mu 2014 casohowe n'ikigo TWAWEZA gikora ubushakashatsi muri Tanzania, kivuga ko hafi inusu y'aba bagendana ubumuga (46%) bashirwa ku ruhande mu bijanye n'akazi.

Ngonyani avuga ko umupira w'amaguru wamuhaye urubuga rwo kwerekanirako ko ubushobozi budapimwa n'amaso, ko ahubwo ari ubwenge n'umutima.

Agira ati: "Abakinyi banje baranyemera kandi barakurikiza amabwirizwa yanje. Bambonye ntibambona nk'impumyi, ahubwo babona umumenyereza wabo nanje ndi umumenyereza nk'abandi".

'Uburimyi ni bwo bubeshejeho uno murwi'

Priver avuga ko umurwi wiwe ufise ingorane z'ubuwo bw'amafaranga, akavuga ko kenshi na kenshi babeshwaho n'intererano z'abantu ku giti cabo kugira ngo bashobore gukora.

Ati: "Kugira ngo turonke vya nkenerwa mu myimenyerezo, ni ngombwa ko twegeranya amahera twebwe nyene ku gatwe kacu. Rimwe na rimwe biba ngombwa ko tuja gukora mu mirima y'abantu kugira ngo dushobore kugura imipira n'imyambaro".

Abavyeyi baramwishimiye

Nubwo ari muri izi ngorane, se wa Priver, Titus Ngonyani arishimira intambwe umwana wiwe agezeko.

Ngonyani agira ati: "Abantu baramutamarira ku kungene ameze n'ivyo akora. Yaramenyekanye cane nk'umumenyereza mu mupira, kandi iyi ni impano yiwe idasanzwe twebwe tunerezerewe".

Indoto ziwe

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ngonyani afise indoto yo kuzomenyereza imirwi ikomakomeye yo muri Tanzania muri kazoza.

Agira ati: "Bampaye akaryo bakanshigikira, muzobona ibitangaza nzokora kandi iyi ni inzahabu abantu benshi batabona, ariko umusi umwe bazobona akamaro kanje muri kazoza".

Ku ruhande rwaryo, ishirahamwe rijejwe umupira w'amaguru muri Tanzania (TFF) rivuga ko risanzwe rifata mu mugongo abantu bagendana ubumuga kugira ngo bashike ku ndoto zabo mu vy'umupira w'amaguru.

TFF isanzwe ifise integuro yo kwigisha abamenyereza no guha imfashanyo z'ibikoresho imirwi y'abagabo n'abagore bafise ubumuga.

Umukuru w'igisata c'ubuhinga muri iri shirahamwe, Oscar Mirambo agira ati: "Turiteguye gufasha umuntu uwo ari we wese, harimwo n'uno mumenyereza nyene, kuko umupira w'amaguru ni urukino rw'umuntu uwo ari we wese.

Vyoba biryoshe Priver ari muri twebwe, kubera biciye muri uru rukino, yotera intege abantu benshi agahindura ubuzima bw'urwaruka rwinshi".

"Twebwe nka TFF tuzokora ibishoboka vyose kugira ngo ashobore gushika kure hashoboka", niko Mirambo avuga, akaba ari n'umwigisha w'umupira w'amaguru yemewe mw'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Afrika (CAF).

Yanditswe na Dinah Gahamanyi