Gutukwa, gusuzugurwa, kunenwa... ntivyabujije Katihabwa guheza kaminuza

Insiguro ya video, Constance Katihabwa ari mu bakobwa batatu b'abanyamwema barangije kaminuza mu Burundi.

Constance Katihabwa yize kaminuza mu gisata c'amategeko, ari mu bakobwa batatu b'abanyamwema bamaze kurangiza kaminuza mu Burundi.

Avuga ko bitamworoheye bivuye ku kungene abandi bana hamwe n'abarimu bamufata.

Constance agira ati: "Nkitangura mu mwaka wa mbere, abana twigana wamenga n'ubwa mbere babonye umunyamwema. Bamwe bariruka bagahunga. Ca ubona umwana mutoyi ari ho agitangura, akabona abandi baramuhunga. Urumva vyari bibabaje mu mutima.

"Ugasanga bamwe bariko barankubita kugira ngo barabe uko urukoba ruca rusa, abandi bakancumita ibiti kugira ngo barabe ko mva amaraso atukura, abandi bakancirako.

"Nama ntahana inguma nyinshi kuko rimwe na rimwe hari abo nanje nashaka kwivuna tukagwana."

Abanyamwema basanzwe bafise urukoba rudakomeye cane kandi rukarirwa n'izuba.

Ikindi kibazo Constance yagira kwari ukwinubwa. Avuga ko abandi bana batemera ko bicarana, abigisha na bo ntibamworohereze kuko "vyasaba ko mpaguruka nkegera ikibaho kugira nshobore gusoma ivyo banditse, urumva ivyo vyose ntivyanyoroheye kugira nshobore kwiga."

Inguvu zo kubandanya kwiga yazikuye he?

Uwo mugore w'imyaka 32, ntiyahagaritse kwiga kubera ivyo bibazo yagiye aragira.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Constance avuga ko inguvu yazitewe n'igisabisho hamwe na nyina wiwe.

Agira ati: "Habaye ubuntu bw'Imana kuko hariho abagenzi banje banyigishije gusenga.

"Ikindi kintu camfashije ni mama wanje yaguma ambwira ngo ihangane.

"Ariko nanje nkabona ko n'aho baguma bamfata nabi bampunga, baduhaye akabazo mw'ishure, naronka yose kuri yose. Nkabona bamwe bangaya harimwo ababaye abanyuma.

"Naguma numva ko mfise akantu ko kubahiga. Ko kwibwira nti ba bandi n'aho bantuka, kizima ndabasumvya ubwenge."

Constance avuga kandi ko habayemwo uruhara rw'abigisha bamwe bamwe bamutahura, bakamureka akegera imbere gusoma ivyo banditse canke bakabimwimurira ku rupapuro. Ivyo vyose ngo biri mu vyamuhaye inguvu zo kubandanya gushika arangize kaminuza.

N'aho ata biharuro bihari ku rwego rw'igihugu, abanyamwema bitabira ishure baracari bake cane kubera ibibazo bitandukanye, harimwo uruzuba, ibikomere ku mubiri, kubura amavuta n'inkofero vyo kwikinga uruzuba, hamwe rero n'ubwicanyi bagirirwa.

Constance Katihabwa

Ahavuye isanamu, CONSTANCE KATIHABWA

Insiguro y'isanamu, Constance Katihabwa yarubatse urwiwe biciye mu mategeko ariko umuryango w'umugabo uraremera umungu gushika aho amuheba

Umuryango w'umugabo waramwanse kuko ari nyamwema

"Narubatse biciye mu mategeko n'umuhungu yirabura, twari twamenyaniye ku ntebe y'ishure", uko ni ko uwo mugore w'umwana umwe avuga.

Constance abandanya agira ati: "Vyatanguye ari umugenzi, abona ingene abandi bana bamfata, akumva nyene umenga yomfasha, hanyuma harazamwo ivyo vy'urukundo, hanyuma inyuma y'imyaka umunani turubakana biciye mu mategeko."

Abandanya avuga ko ariko umuryango w'umugabo wiwe, utamworohereje kuko baguma bamubwira ko bazovyara umunyamwema, ko agiye kubazanira umunyamwema mu muryango wabo, abandi bakamubwira ko yatoye igihume.

Bakamubwira bati "uzobona anyika mw'ijoro, umukurikiye kubera amafaranga, uzohava umugira iboro [imari yo kugurisha]".

Mu nyuma, inyuma y'umwaka n'amezi nk'ane, na we yaciye ananirwa aranta aragenda.

Constance Katihabwa

Ahavuye isanamu, Constance KATIHABWA

Iciyumviro co gushinga ishirahamwe 'Live Together as Family' camujemwo gute?

Inyuma yo kurangiza kaminuza, Constance Katihabwa yigiriye inama yo gushinga ishirahamwe ryitaho ineza y'abanyamwema hamwe n'imiryango yabo.

Ico ciyumviro ngo camujemwo afatiye ku ngorane yagiye aracamwo.

Agira ati: "Niyumviriye ko nkwiye kugira ico mfashije. Ndiko ndaraba akarenganyo nagiye ndagirirwa, ingene abantu bagiye baransindira, bantoteza, nabona ko hariho abandi nkanje bariko barahura n'ivyo bibazo.

"Nari naragize uwo mutwaro hakiri kare, kuko ubwa mbere jewe navuga ko ninashobora kubandanya niga nziga amategeko kugira nigwanire, ngwanire n'abandi dusa."

Ikindi catumye ashinga iryo shirahamwe ngo n'ukugira abafashe guhangana n'ikibazo c'ingwara zo ku rukoba, aho benshi baguma bapfa bazize cancer.

Mu kintu camubabaje cane, avuga ko ari urupfu rw'umwigeme yapfuye azize cancer, barabura abafasha kumufuba mbere n'abo mu muryango wiwe ntibahaseruka.

Ico kintu caramukomerekeje mu mutima aribaza "umwana w'umunyamwema avutse umuryango ntumwishimira, mu kibano uwo muryango ukarabwa ribi, akuze agakurira muri za ngorane nababarira nahuye na zo, gushika n'aho apfuye abura umuryango umuririra, akabura uwuza kuvuga ati uwacu reka tumufubane iteka."

Avuga ko yasanze yaba imiryango canke abanyamwema bafise ibibazo, nca mbona ko hakwiye kuba ishirahamwe ryitaho ineza y'abanyamwema n'imiryango yabo.