'Ubu ndasoma amakuru, hasigaye ko ndonka umu cheri' - Francine Niyonkuru atabona ari gushika ku ndoto ziwe

Insiguro ya video, Francine Niyonkuru ntabona, ariko ubu yimenyereza kuvuga amakuru kuri radio Rema FM
    • Umwanditsi, Cyriaque Muhawenayo
    • Igikorwa, BBC GAHUZA

Mu kiganiro yaheruka kugirana na BBC mu kwezi kwa kabiri, Francine Niyonkuru yari yavuze ko yipfuza kuba umumenyeshamakuru no kuronka umusore bavyumva kumwe. Kimwe muri ivyo kiriko kirafata inzira.

Inyuma yo kurangiza kaminuza, uwo mwigeme agendana ubumuga bwo kutabona, ubu yimenyereza kuvuga amakuru kuri radio Rema FM iri mu gisagara ca Bujumbura.

Francine avuga ko, co kimwe n'abandi, nawe aja mu nama yo guhanahana ivyiyumviro ku makuru baza gukora.

Agira ati: "Inkuru zije barashobora kumpa izo nkora, zitatu canke zine mbere canke zitanu, bivana n'izibonetse. Zibonetse ari nyinshi ndonka nyinshi, zibonetse ari nke ndonka nke.

"Baca rero bambwira nkandika. Nca mfata ico nandikisha, hari icitwa tablette nshiramwo urupapuro n'akantu bita poinçon kamfasha kwandika kurya kw'ikaramu. Rero baransomera nkaca nza ndandika."

"Mu gusoma rero nkoresha intoke nkabakaba aho nandikishije na poinçon."

Agishika bamwakiriye gute?

Francine avuga ko aho yashika ubwa mbere kuri radio Rema FM, yakiriwe neza cane.

Aribuka ati "Nasanze ari abantu b'urukundo. Ndibuka umusi umwe bataranyemerera nicaye ku ntebe ndiko ndibaza nti 'mbega yemwe aba bantu tuzomenyerana?'

"Umusi ugira kabiri ngarutse maze kwinjira muri bo, nasanze ari abantu beza, bugurutse. Nta ngorane na ntoyi nagize, twateye tumenyerana."

Francine Niyonkuru
Insiguro y'isanamu, Francine Niyonkuru bariko baramusomera amakuru ashira mu nyandiko yiwe imbere yo kuja kuyasoma

Umusi wa mbere avuga amakuru vyagenze gute?

"Nararyohewe bimwe ntokubwira [agatwengo]... Nararyohewe saaana", uko ni ko Francine avuga.

Abamwumvise ariko arasoma amakuru, basanzwe bazi ko agendana ubumuga bwo kutabona, ngo baratangaye cane.

Bose bitangaza bamubwira bati "vyamaze kuba, barambwira ati félicitations [agatwengo]".

Francine Niyonkuru avuga ko mu mezi yababa atatu amaze yimenyereza kuvuga amakuru, amaze kumenyera cane.

Agira ati: "Iyaba amakuru yashikira rimwe, noyavuga kuva ku ntango nkayasozera. Ariko kubera hari amakuru aza araza mu nyuma, nkaba ntaba nayanditse muri iyo nyandiko yanje, ndayavuga turi kumwe n'uwundi kugira haje ayandi makuru atari muri iyo nyandiko yanje, ashobore kuyasoma."

Akoresheje intoke, Francine Niyonkuru asoma amakuru yanditse ku rupapuro akoresheje poinçon
Insiguro y'isanamu, Akoresheje intoke, Francine Niyonkuru asoma amakuru yanditse ku rupapuro akoresheje poinçon

Indoto yo kuronka umu cheri iteye he?

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ibiharuro vyo mu 2008 vyerekana ko abari bafise ubumuga bukabije bashika ku bice bine kw'ijana vy'abarundi.

Abagendana ubumuga mu burundi bahura n'ingorane nyinshi zitandukanye kandi nta n'igitigiri kanuni kihari cabo kugira gifatirweko mu kuzitorera inyinshu.

"Kuba noba umugore mu rugo, birashoboka nkitwa mama w'abana", uko ni ko Francine avuga.

Abandanya agira ati: "Ariko ca gitambara gipfutse abasore ku maso, n'ubu kiracabapfutse. Naragerageje kugicagagura uko nshoboye ariko vyaranse."

Avuga ko abahungu b'i Burundi badakunda abagendana ubumuga.

Francine ati: "Reka ndagutere agakuru kambayeko...

"Jewe nararonse umu cheri arankunda, turabipanga neza. Akaza arandungikira udufoto twiwe, nk'ubu ndamubajije ico ariko arakora agaca afotora ivyo akora akandungikira.

"Nanje akambaza ivyo iwanje, nkamwishurisha umunwa.

"Umusi umwe aca ambwira ahantu twohurira, nca ndamwishura nti 'ariko rero jewe simbona, ntivyokunda ko duhurira ngaho kiretse uri umuntu udata umwanya, akahashika imbere y'igihe kugira nururutse bus, uce utera untora umfate ukuboko bitagoranye. Bitagenze uko noca nzana umu 'guide'.

"Urumva ko za goûts zanje nakubwira zihari, ikibuze banyankira uku kutabona.

"Vyaciye bihera, n'ubwo."