Umugore yahiganywe mu nkino za Olympic afise imbanyi yatangaje isi

Nada Hafez, yambaye umwambaro wera wa fencing, afise inkota mu kuboko kw'i buryo, afatiye inkofero yiwe kw'ifyinga, aboneka nk'uwufise ibishobisho mu gihe ariko arapepera abarorerezi n'ukuboko kw'i bubamfu

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Nada Hafez yitabiriye inkino za Olympic ku bwa Misiri mw'ihiganwa y'abagore ryo kurwanisha inkota zabereye i Paris mu gihe yari afise imbanyi y'amezi indwi
    • Umwanditsi, Nishat Ladha
    • Igikorwa, BBC Sport Africa

"Nagum niyumvira umwana wanje, ko nshaka ko aba uwhiganywe mu nkino Olympique."

Ico nico kindi caha ingoga umukinyi w'inkota w'Umunyamisiri Nada Hafez igihe yariko arahiganwa i Paris mu 2024.

Ni abantu bakeyi gusa bari bazi ko ariko arahiganwa afise inda y'amezi indwi gushika aho atangaje iyo nkuru ku mbuga hwaniro inyuma y'ukuva mu mahiganwa mu gice cayo c'umunani.

Ayo makuru yavuzwe kw'isi yose.

Ukuntu iyo nkuru yihuse gukwirakwira hose si ko Hafez yari avyiteze.

Hafez yabwiye ikinyamakuru BBC Sport Africa ati: "Nariko ndiyandikira ku rubuga rwanje - mpimbawe, mvuga ko ndi muri 16 ba mbere kw'isi bagiye mu mahiganwa bibungenze."

"Sinari niteze ko ivyo bica bimenyekana hose. Sinari nzi ibiriko biraba."

Uwo mugore w'imyaka 27 avuga ko inyishu nyinshi ku butumwa bwiwe zari nziza.

"Igihe iyo nkuru yamenyekana, ngaca mba akarorero kuri bose, ico cari ikintu gikomeye cane kuri jewe."

Hafez, umuhinga mu vyo gusuzuma indwara (clinical pathologist), avuga ko yari yarahawe uruhusha n'abaganga rwo guhiganwa muri izo nkino, kandi ko yipfuza kwereka isi ivyo umubiri w'umugore ushobora gukora.

Yagize ati: ''Ubu bwari ubutumwa buhambaye cane kuri jewe - nk'umugore w'Unyamisiri w'umwarabu - bwo kubwira abagore bose ko umubiri wawe ushobora kugutangaza''.

"Rimwe na rimwe urakeneye kubona akarorero imbere yawe kugira ngo umenye ko ushobora kubikora.

"Kubera ko kumbure umugore yibungenze, atinya gukora ikintu ico ari co cose, ubu rero aribwira ati: 'Hari umugore ahiganwa mu mikino ya Olympique yibungenze. Rero ndashobora gukora ivyo nshaka vyose'."

Nada Hafez, mu mwambaro wera wa fencing afashe inkota mu kuboko kw'i buryo. akomye akaruru ko kunezerwa ahejeje guterera inkofero imukingira iriko igicapo c'ibendera rya Misiri

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Hafez yaratangaje umukinyi w'indwi, Elizabeth Tartakovsky wo muri Amerika, mu mukino wiwe wa mbere i Paris 2024
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ariko si bose bari bashigikiye ko Hafez ahishura ko yahiganywe mu nkino z'inkota z'abagore z'umwe ku wundi afise umwana mu nda.

Haciye umusi umwe Hafez yanditse kandi ku rubuga rwa Instagram ashimika ku vy'uko atari we mugore wa mbere yibungenze yari ahiganywe mu mikino ya Olympique kandi ko yari yipfuje "gutanga umuco ku nkomezi, ukugumizako n'ukudatezuka" kw'abagore b'Abanyamisiri.

Izo nkomezi zaje kugaragara igihe nariko ndahangana n'ibintu bibi vyo ku mbuga hwaniro.

Yaciye yiyumvira ati: "Abantu bamwebamwe ntibashaka kukubona uroranirwa."

"Biroroshe kugira ico uvuga ugaca unyika. Ntumpangara."

"Nashaka kubabwira ko ndi umuganga kandi iki (guhiganwa wibungenze) ni ikintu kinyuranye na kimwe mu bibazo vy'ubuvuzi."

"Hari abantu bavuga ko nari nkwiye guhebera uwundi muntu ikibanza. Ariko ivyo ntivyari amahitamwo kuko nari natowe mu bahiganwa."

"Mama yambwiye ngo 'Ntubabazwe n'ivyo usoma' - ariko narahimbawe n'ivyo nakoze. Hari ico nashitseko kandi vyari bigoye cane."

Kubera ko urukino rwa fencing ari urwo kurwana ukoresheje inkota, ivyo vyoba vyari gutuma abantu bavuga nabi?

"Ku bwanje, fencing si uko ruri - rufise ubu buryo bwo gukoranako. Umuganga wanje yanyijeje ko ata ntambamyi rufise."

Yarahawe uruhusha n'abaganga rwo gushika ku ndoto ziwe zo kuja mu mahiganwa yabereye i Paris

Nada Hafez wo mu Misiri (i bubamfu) aboneka mu mugongo ariko arahiganwa n'inkota na Elizabeth Tartakovsky (i buryo) wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu rukino rwa fencing mu nkino Olympic z'i Paris mu 2024

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Hafez yatanguye gukina fencing afise imyaka 12, akaba yarahiganywe mu nkino zitatu za Olympic

Hafez aba i Cairo, yamye akunda gukina fencing mu gihe yariko ariga ubuganga, yatahukanye intsinzi ya fencing mu Misiri, yanagiye guhiganwa mu nkino za Rio mu 2016 no muri Tokyo mu 2020.

None amaze gushika mu nkino z'i Paris 2024, yoba yariyumviriye kuzikuramwo igihe yamenya ko afise inda?

Yasiguye ati: "Ego cane. Nari nzi ko nibungenze indwi imwe imbere y'inkino z'gikombe c'isi, maze ndavuga nti: 'Ego, sinokwigerezako kuko ni imbanyi yanje ya mbere'."

"Sinari nzi uko nzokwiyumva.

"Nari ndindiriye ko umugabo wanje [umuganga w'umutima] ambwira ngo mpagarike nduhuke. Ariko arambwira ati: 'Tuzoja kwa muganga. Ivyo azovuga vyose, tuzobikora.'

"Umuganga ati: 'Nta ndwara ufise. Ufise inda gusa. Niwaba umeze neza kandi vyose bimeze neza, urashobora gukora ivyo ushaka vyose.'"

Hafez amaze gusubizwa umutima mu nda, yumvise yiteguriye gusubira kwimenyereza.

Kubera ko yibaza ikizoba inkuru yiwe niyamenyekana mu gihugu, yarabihoze uko ashoboye kwose.

Ati: "Nta n'umwe nari nkeneye kubibwira, kuko ntibiteye kubiri n'amategeko y'inkino za Olympique".

"Nabwiye gusa abantu bakeneye kubimenya. Ikintu gihambaye cane ni ukutaja kubiri n'amategeko canke ivy'amagara."

"Sinari nzi ko nzobishobora, rero nca ngira intambwe ku yindi gushika nshitse mu nkino za Olympique."

Komite y'igihugu y'inkino za Olympique mu Misiri yabwiye ikinyamakuru BBC Sport Africa ko ata mategeko ahari abuza abagore bibungenze kwimenyereza canke gukina.

Ariko umutegetsi umwe yavuze ati: "Bitegerezwa kuba ahantu hafise umutekano kandi dutegerezwa kumenya neza ko ata ngorane zishobora gushika".

Yatewe intenge zo kuja mu nkino z'i Paris n''umwana yari yibungenze''
Nada Hafez, yambaye umwambaro wera wa fencing, ariko arishimira intsinzi aronse kuri Elizabeth Tartakovsky mu nkino z'umwe ku wundi muri Olympiz za Paris 2024

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Nada Hafez yarahimbawe cane amaze gushika mu gice c'umunani gishira ica nyuma c'inkino z'i Paris, inkino za gatatu za Olympique yitabiriye, yaranahiganwe no mu nkino z'i Rio mu 2016 na Tokyo mu 2020

Ubu ni nyina w'umwana w'amezi ane yitwa Zaina, Hafez arashobora kwiyumvira uruhara umukobwa wiwe yagize mu vyo yashitseko i Paris.

Yavuze ati: "Nakoranye n'umuganga wanje w'amagara yo mu mutwe. Nashaka gukorera umwana wanje ikintu gishasha."

"Nagerageje kutiyumvira ko mfise urwitwazo rwo kudatsinda. Nariyumviriye mu buryo butandukanye: 'Ndibungenze kandi nzotsinda', kandi narabikoze."

Hafez yaratsinze umukinyi yaza mu kibanza c'indwi, Elizabeth Tartakovsky, ku bitsindo 15 kuri 13.

Hafez yongeye avuga ati: "Ni imwe mu ntsinzi ikomeye ku bagore b'abanyamisiri bahiganwa mu nkino za Olympic."

"Nararijijwe n'umunezero. Iki ni ikintu umwana wanje yokwirata."

Yaciye atsindwa na Jeon Hayoung wo muri Koreya y'Epfo ibitsindo 15 kuri 7 mu gice c'umunani gishira ica nyuma.

Nta n'umwe mu bo bahiganywe yari azi ko Hafez yari yibungenze.

"Ntibibereye ko umuntu abimenya. Kumbure yotinya kumukorako canke ikindi kintu, rero ntivyari bikenewe ko ndabibabwira."

Kuba akarorero 'vyarandya mu mutima'

Hafez, ubu yiga mu gice ca gatatu c'ivyigwa vya kaminuza akaba na nyina w'uruyoya, afise intumbero yo gukoresha urubuga rwiwe kugira ngo aharanire uburenganzira bw'abagore mu nkino.

Ntiyari bwafate ingingo nimba ashaka kugerageza no gushika mu nkino zizobera i Los Angeles mu 2028.

Ubu rero, aracinovora ivyabereye i Paris.

Ati: "Abigeme barambwiye bati: 'Waduteye intege cane. Turashaka kuja mw'ishure ry'ubuganga, tubandanye ivy'inkino'".

"Kandi ivyo nivyo vyampimbaye cane.

"Igihe cose ndonse ubutumwa buvuye ku muntu wese ambwira ko ndi akarorero birahimbara cane umutima wanje - kuko nivyo nkora ubuzima bwanje bwose.

"Ndacari muto. Nshaka gukora vyinshi no kuba akarorero keza nk'umuvyeyi."

"Ndizera ko umusi umwe umukobwa wanje azoba umukinyi wa Olympique. Ni umwana yavutse ku muvyeyi yahiganwe mu nkino za Olympique - kandi kumbure azoja mu mahiganwa ya Olympique ni yakura."