Harageze igihe ndamubwira nti: 'Pfuma ugenda urondere uwundi mugore' - umunyamakuru Andrea

Ahavuye isanamu, Andrea Byrne / Y Lolfa
- Umwanditsi, Rosie Mercer
- Igikorwa, BBC News
Umunyamakuru Andrea Byrne avuga ko yabaye mu bwoba bwo kwama yiyumvira ko umugabo wiwe "vyari kumubera vyiza" amuhevye inyuma y'imyaka indwi yose bamaze batavyara.
Byrne, umunya Pays de Galles w'imyaka 45 yarongowe na Lee Byrne w'imyaka 44 yahoze akina urukino rwa rugby, asanzwe ari umunyamakuru w'imboneshakure ITV yo muri Pays de Galles kuva mu 2008.
"Uriyagiriza cane", niko Byrne avuga, aho yibuka ko abaganga bamubwira ko atari gushobora gusama inda.
Ati: "Ndibuka ingene niyumva ico gihe cose namaze niyumvira ko [Lee] vyari kumubera vyiza ampevye".
Bahavuye bavyara umwana w'umukobwa Jemima, maze avuguruza "ubuhinga bwa none" mu gusamwa mu buryo busanzwe, mu 2019.
Byrne ati: "Ivyambayeko ndabivuga ndabikuye ku mutima, nkabona ko ari ibisanzwe kubera twaronse ico twashaka".
"Ariko numva ari nkenerwa kubivuga kuko ndaziirungu twabayemwo muri uru rugendo".
Bamaze kurongorana kuri bonane ya 2012, Byrne avuga ko we n'umugabo wiwe ubwo nyene baciye batangura kurondera ingene yosama inda.
Ati: "Twempi twari twinjiye mu myaka ya 30. Nta cari kuntuma niyumvira ko hari ibibazo nari kuba mfise".
Inyuma y'igihe vyanse, baciye bitura abahinga mu bijanye no kuvura ubugumba kugira ngo babapime.
Ibipimo vya échographie/ultrasound (bumwe mu buhinga bwo kuraba imbere mu mubiri) vyerekanye ko igitereko ca Byrne cari gifise ikibazo, ico yise "ingorane yavukanye igoye itashobora gutorerwa inyishu" (unfixable rare genetic defect), mu gitabo ciwe gishasha Desperate Rants and Magic Pants.
Byrne yabwiye BBC ati: "Ni ubwoko bw'inkuru utaba witeze kwumva".

Ahavuye isanamu, Andrea Byrne / Y Lolfa
Hakurikiye imyaka yo kwipimisha no kubagwa, harimwo no kugerageza kenshi uburyo bwo guhuriza imbuto hanze bita "In Vitro Fertilization" (IVF).
Ati: "Mvugishije ukuri, incuro ibi vyabaye nta n'izo noharura.
"Hejuru ya IVF hari n'ibindi vyinshi twagerageje, ibintu twahanurwa n'abahinga batandukanye batubwira ko kumbure vyari kudufasha.
"Hariho n'ibipimo vyatwereka ko kumbure nari nasamye, ariko n'ivyo vyose vyabaye ivy'ubusa.
'Pfuma ugenda urondere uwundi'
Byrne avuga ko kubera bamaze imyaka barondera ko yosama inda ariko bikanka vyagize ingaruka ku mubano wiwe n'umugabo wiwe.
Ati: "Nkunze kwibaza ko twari dufise umutima ugumye, ariko wa muntu we, muri ico gihe, ni ukuri biba bitoroshe".
Yongerako ati: "Harageze igihe twibaza ingene twari gushobora kubandanya tubana, kubera vyari ibintu bitoroshe na gato mu mutima.
"Ndibuka ko nahora mbwira Lee, kandi akandakarira bikomeye, kuko nahora ndamubwira nti 'ni ukuri pfuma ugenda urondere uwundi, uwundi muntu vyokunda, raba ugende urondere uwundi mugore'.
"Hanyuma agaca ambwira ngo 'Mungu wanje, ni ikibazo cacu twempi'."
Abaganga bahavuye babahanura ko icizere conyene bari basigaranye kwari ukurondera uwundi muntu abatwarira inda (maternité de substitution/surrogacy), ari ho mu 2018 baca batangura kwiga ingene borondera umugore yobatwarira inda (mère porteuse/surrogate) muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Mu gitabo ciwe, Byrne arasigura ingene, hasigaye iminota mike gusa kugira ngo ashikirize amakuru yo ku mugoroba, yisanze ata rusoro (embryon) na rumwe rwari ruzima mu zo bipfuza guha uyo wundi mugore yari kubatwarira inda.
Yanditse ati: "Nariravye mu kiyo nuzuye amaganya, ndifatafata, ndahumeka cane, ndasohoka icumba c'ubwambariro, ndamwenyura hanyuma ndasohoka nca mu cumba c'iyandikiro ry'amakuru, nca ndashika kuri mikoro [micro]".

Ahavuye isanamu, Andrea Byrne / Y Lolfa
Byrne avuga ko ico gihe camubereye nk'iherezo rya vyose.
Ati: "Inyuma y'ayo makuru twaraganiriye hanyuma dufata icemezo co kubandanya tukubaka ubundi buzima turi kumwe.
"Ni ukuri narumvise umubabaro kubera numva niyagiriza ikosa kubona ntari nshoboye gukora iki kintu buri mugore wese wundi yashobora gukora".
Ariko inyuma y'amezi make, atavyo bari biteze inyuma y'aya makuba yose, Byrne yarasamye mu buryo busanzwe.
Byrne ati: "Nk'igitangaza, nahavuye nsubira gusama, ubu ho yari Jemima. Vyari ibintu bigoye gutahura.
"Nta cizere twari dufise, batubwira bati ikiriho ni uko utazokwigera usama inda yawe bwite.
"Rero ni ukuri [Jemima] yaravuguruje abantu bose, impanuro zose twahawe, arashika hanyuma ati 'oya, ndagiye kubikora".

Ahavuye isanamu, Andrea Byrne / Y Lolfa
Byrne, asanzwe anaremesha ikiganiro Making Babies kivuga ibijanye n'irondoka, avuga ko mu kwandika igitabo yari yuzuye "ibigumbagumba" kandi "nduhutse mu mutima".
Ati: "Ndazi ko ari ijambo rimenyerewe ariko nibaza ko rituma uruhuka".
Ico gitabo kirimwo ibice havugwamwo ibibazo bijanye n'ugusama inda vyashikiye ibindi bihangange bitari bike bivugwa mu kiganiro ca Byrne, harimwo umunyamakuru Gabby Logan, hamwe n'uwutera inkuru zo gutwenza Geoff Norcott.
Byrne ati: "Ndaraba Jemima buri musi nkumva ndaryohewe.
"Ndaryohewe no kubona nshoboye gukoresha urubuga rwanje kugira ngo ntange icizere nongere kumbure mfashe abandi kwumva ko atari bonyene".
Abajijwe nimba hari impanuro iyo ari yo yose yoha abandi bafise ikibazo c'ubugumba, Byrne avuga ko bitari vyiza ko aguma yiyagiriza.
Ati: "Nibaza ko vyoroshe cane, ko iyo uronse inkuru mbi ku bijanye n'irondoka, canke iyo udashoboye kucihanganira uri mu bihe bibi, ubigira birebire kandi ukama wiyumvira ingene uzoshobora guhangana na vyo.
"Kandi imbere y'uko ubimenya uba wamaze kubona ko ata mahirwe n'amwe ufise, kandi birumvikana kuko uba wataye icizere.
"Nta n'umwe azi ibishobora gushika muri kazoza, rero ni ukugerageza kwakira ibiriko biragushikira muri uwo mwanya. Numva nari gusumbiriza ngaho.
"Hanyuma kandi ni ugushira umutima mu nda muri ico gihe. Ugafata akanya iyo ubishoboye ukinezereza, ugafata kandi akanya ko kuruhuka.
"Kuko birashobora kugutwara akanya kose, ntushobore kubonana n'abagenzi, n'umuryango wawe, bigira ingaruka ku bintu vyose. Rero ni ngombwa ko ushira umutima mu nda ukitaho ubuzima bwawe"










