Kubera iki Trump ariko aca ku biti no ku mabuye arondera igitoro ca Venezuela?

Igihe Leta Zunze Ubumwe za Amerika zafata Nicolás Maduro, umukuru w'igihugu ca Venezuela, abantu benshi barumiwe. Amerika yavuze ko bamufashe kubera ikibazo kijanye n'ibiyayuramutwe n'ubwicanyi. Ariko haciye iminsi, Perezida Donald Trump yaciye atangura kuvuga cane ku kindi kintu: igitoro/peteroli.
Ni ho abantu batangura kwibaza bati: kuki Amerika, igihugu gisanzwe cimbura igitoro cinshi kurusha ibindi bihugu vyose kw'isi, ishaka igitoro ca Venezuela?
Kugira dushobore kubitahura, dutegerezwa kumenya ikintu kimwe gihambaye cane: igitoro kiri ubwoko butandukanye.
Reka tugereranye n'igiterwa c'igitoke. Vyose ntibimeze kumwe, hari ibitoke biribwa bitetse, ibindi bikaribwa imihwi. N'igitoro ni uko nyene. Hari ikiremurutse hakaba n'ikindi kiremereye.
Igitoro coroshe kiranyaruka guhingurwa, kandi kigakoreshwa cane mu modoka no mu ndege. Nayo peteroli iremereye iragoye guhingura, ariko ni ngirakamaro cane mu kwubaka amabarabara kuko niyo ivamwo ikaburimbo, igakora mumahinguriro kuko ivamwo plastique, no mu gukora ibintu dukoresha buri musi nk'amavuta yo kwisiga.
Amerika ni yo ihingura peteroli nyinshi ariko peteroli yayo ni imwe twavuga ko itaremereye. Ikibazo ni uko amahinguriro menshi yo hagati muri Amerika yubatswe kugira ngo atunganye ya peteroli itaremereye kubera ni yo nyinshi ibonekayo. Guhindura ayo mahinguriro bisaba amahera menshi cane kandi bigatwara imyaka myinshi.
Rero hako Amerika iza guheba ayo ma miliyaridi, ica ikoresha ubwenge bukomeye mu vy'ubutunzi. Igurisha peteroli iremurutse ku bindi bihugu ku giciro kinini, hanyuma ikagura peteroli iremereye yatunganirijwe hanze ku giciro gito.
Venezuela ifise ububiko bunini cane bw'ibitoro kw'isi, kandi bwinshi muri bwo ni peteroli imwe iremereye. Igihe bayitora, amakompanyi ya Amerika ni yo yafashije Venezuela gushinga inganda zo gucukura no gutunganya iyi peteroli, kandi ubu bucuti bwarabandanije mu kinjana hafi cose ca 20, aho amakompanyi ya Amerika yabandanya acukura yongera atunganya iki gitoro kiremereye, kigashorwa muri Amerika.
Ibi vyagiye guhinduka igihe Perezida Hugo Chavez ashikiye ku butegetsi muri Venezuela mu mwaka wa 1999, maze agashinga intwaro igendera ku vyiyumviro vya gisosiyalisti.
Reta yafashe ingingo ko igisata ca peteroli categerezwa kuja mu minwe ya reta, maze ica ishiraho amategeko aremereye ku makompanyi mvamahanga y'igitoro, ubutegetsi bwa Amerika n'amakompanyi y'igitoro yo muri iki gihugu ntibavyakiriye neza.
Igihe Hugo Chavez apfiriye mu 2013, Nicolas Maduro yaciye aja ku butegetsi, maze abandanya n'iyi poritike, ariho Amerika yaca ifatira ingingo zo kuzibira igitoro ca Venezuela kw'isoko mpuzamakungu.
Mu 2019, sentare y'Ibanki y'Isi yategetse ubutegetsi bwa Venezuela guha indishi amakompanyi y'igitoro yo muri Amerika, ariko ntivyigeze bishirwa mu ngiro, ivyatumye za ngingo zo kuzibira igitoro ca Venezuela zikomezwa gusumba. Ibi ni vyo vyo Perezida Trump afatirako mu kuvuga ko Venezuela yivye igitoro ca Amerika, agira ati:
"Baradutwaye uburenganzira ku gitoro. Twari dufise igitoro cinshi hariya, ivyo namwe murabizi. Barirukanye amakompanyi yacu, dukeneye ko kigaruka".
Kubera izi ngingo za Amerika, Venezuela ntiyabandanije kugurisha peteroli yayo muri Amerika n'i Buraya nk'uko vyari bisanzwe, ivyahaye akaryo ibihugu vy'abakeba, nk'Uburusiya, Irani, ariko cane cane Ubushinwa, ko kwinjira.
Ubu, Ubushinwa ni bwo bwagura cane igitoro ca Venezuela, ku rugero rwa 90%, bwongera butsimbataza ubucuti mu vy'ubudandaji, atari na Venezuela gusa, ariko kandi n'ibindi bihugu bitari bike vya Amerika y'ubumanuko.
Kuri Amerika, iki ni ikibazo gikomeye. Kuri bo, kubona Ubushinwa bugira ikibanza mu karere ka Amerika y'ubumanuko ni ikibazo gikomeye, kidashobora kwihanganirwa na Amerika. Trump ashaka gukuraho iyi ngorane.
Igitoro si inguvu gusa, ni amahera, ni ububasha, ni ijambo kw'isi. Ni co gituma Trump iyo avuze kuri Venezuela, atavuga ibintu gusa vy'ubukozi bw'ikibi canke demokarasi. Ariko yanavuga no ku kuntu bashaka kwirukana mu karere Ubushinwa n'abandi bakeba.
Ati: "Dukeneye umutekano hariya. Dukeneye kuzungurukwa n'ibihugu bidaha indaro abansi bacu kw'isi yose".
N'aho isi iriko irondera ugukoresha amasoko ntanganguvu atonona ikirere, guheba igitoro si ikintu ca vuba, kuko kikiri mu bintu bikomeye cane kw'isi. Umuntu afise igitoro aba agenzura ubutunzi, poritike, kandi aba afise ijunja n'ijambo kw'isi.
Venezuela yaragize ikibanza gikomeye kw'isi kubera igitoro cayo. Gushika ubu, ni yo ya mbere ifise igitoro cinshi kw'isi, nubwo yagurisha gike cane kubera ibi bihano yafatiwe na Amerika.
Iki kibazo muri rusangi nticerekeye igihugu kimwe gusa, ni ingwano yo kurondera kugenzura igisata c'amasoko ntanganguvu, kugira ngo ishobore kugenzura isi.













